Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

I bubamfu: Yasser Qudaih/Anadolu via Getty Images; i buryo: RONALDO SCHEMIDT/AFP via Getty Images

NUGUME URI MASO!

Intambara zizovaho ryari? Bibiliya ibivugako iki?

Intambara zizovaho ryari? Bibiliya ibivugako iki?

 Ku bijanye n’igitero Irani yagavye kuri Israyeli ku wa 13 Ndamukiza 2024, António Guterres akaba ari umunyamabanga mukuru wa ONU yavuze ati: «Ubu ni co gihe co kugabanya akaga gaterwa n’intambara kandi tukabitorera umuti. Harageze ko twigumya.»

 Intambara iriko irabera mu karere k’ibihugu vy’Abarabu ni imwe mu ntambara ziriko ziraba hirya no hino kw’isi.

 «Ubu, kw’isi yose hariko haraba intambara zikomeye kuruta izabaye kuva mu gihe c’intambara ya kabiri y’isi yose kandi izo ntambara ziragira ingaruka ku bantu bagera ku mamiliyaridi abiri.»​—Vyavuzwe n’Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano, ku wa 26 Nzero 2023.

 Mu burere buriko buraberamwo intambara harimwo Israyeli, Gaza, Azerbayijani, Ukraine, Sudani, Etiyopiya, Nijeri, Birimaniya na Hayiti. a

 None intambara zizovaho ryari? Abategetsi b’isi boba bazoshobora kuzana amahoro? Bibiliya ibivugako iki?

Intambara kw’isi yose

 Intambara ziriko ziraba kw’isi yose ni ikimenyetso cerekana ko vuba zigiye kurangira zose. Izo ntambara zirashitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekeye iki gihe tubayemwo. Iki gihe Bibiliya icita «iherezo ry’ivy’iyi si.»​—Matayo 24:3.

  •   «Muzokwumva intambara n’amakuru y’intambara. . . . Ihanga rizotera irindi hanga, n’ubwami butere ubundi bwami.»​—Matayo 24:6, 7.

 Nusome ikiganiro kivuga ngo «Ni ikimenyetso ikihe c’“imisi ya nyuma” canke “imisi y’iherezo”?» maze ubone ukuntu intambara zo muri iki gihe zishitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya.

Intambara izohagarika intambara zose

 Bibiliya irerekana ko intambara z’abantu zizohera. None ivyo bizogenda gute? Abantu si bo bazozihagarika ahubwo Harumagedoni, ya «ntambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose» ni yo izozihagarika. (Ivyahishuwe 16:14, 16) Inyuma y’iyo ntambara, Imana izoshitsa ivyo yasezeranye mu gufasha abantu kwiberaho ibihe bidahera mu mahoro.​—Zaburi 37:10, 11, 29.

 Kugira umenye n’ibindi ku vyerekeye intambara y’Imana izohagarika intambara zose, nusome ikiganiro kivuga ngo «Intambara ya Harumagedoni ni iki?»

a Vyakuwe mu rwego rwitwa ACLED Conflict Index, «Ranking violent conflict levels across the world,» muri Nzero 2024