Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIBAZO CA 9

Twoba twavuye mu nguge?

Twoba twavuye mu nguge?

IGITUMA BIHAMBAYE

Hamwe ibiriho vyoba vyariyadukije, ubuzima nta co bwoba buvuze. Ariko bibaye vyararemwe, turashobora kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye bijanye n’ubuzima na kazoza.

WARI GUKORA IKI?

Iyumvire iki kintu: Alex yabuze ico afata n’ico areka. Yamye yemera ko Imana iriho be n’uko ari yo yaremye ibiriho vyose. Ariko uyu musi umwigisha wa biyoloji yabemeje ko abantu bavuye mu nguge be n’uko n’abashakashatsi bavyemeza. Alex ntashaka kuboneka nk’ikijuju. Yibwira ati: ‘Nimba n’abashakashatsi bavyemeza, ndi nde ngo ndabahinyuze?’

Iyaba wari Alex, woba wari kwemera ko abantu bavuye mu nguge kubera gusa babikwigishije kw’ishure?

BANZA UZIRIKANE!

Baba abemera ko twavuye mu nguge canke abemera ko twaremwe, bose usanga bapfa gushigikira ivyo bemera ariko batosigura igituma bavyemera.

  • Hari abemera ko twaremwe kubera gusa ari vyo bigishijwe mw’idini barimwo.

  • Hari abemera ko twavuye mu nguge kubera gusa ari vyo bigishijwe kw’ishure.

IBIBAZO 6 WORIMBURA

Bibiliya ivuga iti: “Inzu yose yubakwa n’umuntu, mugabo uwubatse ibintu vyose ni Imana.” (Abaheburayo 3:4) Ivyo vyoba vyumvikana?

Kwemera ko ata Muremyi ariho nta ho bitaniye no kwemera ko iyi nzu yiyubatse

IVYO ABANTU BAVUGA: Ibiriho vyabayeho bivuye ku kintu caturitse.

1. Ni nde yatumye ico kintu giturika?

2. Wumva ari igiki cumvikana: ko ibiriho vyose vyiyadukije canke ko hariho uwabishizeho?

IVYO ABANTU BAVUGA: Abantu bavuye mu nguge.

3. Nimba abantu bavuye mu nguge, kubera iki bazirusha ubwenge kure n’iyo?

4. Kubera iki n’ibinyabuzima bitobito cane usanga bikozwe mu buryo buhanitse rwose?

IVYO ABANTU BAVUGA: Ubushakashatsi burerekana ko ibiriho vyiyadukije.

5. Ababivuga boba baravyitohoreje ubwabo?

6. Ni abantu bangana iki bemera ko ibiriho vyiyadukije kubera gusa babwiwe ko incabwenge zose zivyemera?

“Hamwe woba uriko uratembera mw’ishamba maze ukabona inzu nziza, woba wokwibwira uti: ‘Mbega igitangaza! Ibiti vyariterateranije bivamwo iyi nzu.’ Oya nawe nu! Ntivyoba vyumvikana. None kubera iki twokwemera ko ibiriho vyose vyiyadukije?”​—Julia.

“Uwokubwira ko hari ikintu caturitse mw’ihinguriro rikora ibitabu, irangi rigaca ritarukira ku bihome no kw’idari, maze rikavamwo igitabu canditse neza, woba wovyemera?”​—Gwen.

KUBERA IKI WOKWEMERA IMANA?

Bibiliya igusaba gukoresha ‘ububasha bwawe bwo kwiyumvira.’ (Abaroma 12:1) Ivyo bisobanura ko udakwiye kwemera Imana kubera gusa . . .

  • UVYIYUMVAMWO (Numva umenga hategerezwa kuba hariho ikintu kiturengeye)

  • ABANDI BAYEMERA (Mba ahantu bakunda gusenga)

  • BABIGUTEYEMWO (Nakuze ari vyo abavyeyi banyigisha. Ndavyemera ukwo nyene)

Ahubwo ukwiye kuba ufise ibimenyamenya bitomoye bituma uyemera.

“Iyo mwigisha ariko aradusigurira ukuntu umubiri wacu ukora, nca mbona neza ko Imana ibaho. Igihimba cose c’umubiri wacu kirafise ico gikora, mbere n’uduhimba tunzwinya, kandi akenshi twebwe ntitumenya n’uko biriko birakora. Emwe, umubiri wacu ni akumiza!”​—Teresa.

“Iyo mbonye igorofa ndende, ubwato amahanga canke imodoka, nca nibaza nti: ‘Ni nde yabikoze?’ Bisaba ubwenge kugira umuntu akore imodoka, kuko ivyuma vyayo bitegerezwa gukorana neza kugira ishobore kugenda. Nimba imodoka ifise uwayikoze, hategerezwa kuba hariho uwaremye abantu.”​—Richard.

“Uko narushiriza kwiga ibijanye na siyansi, ni ko nabona ko inyigisho y’uko ibiriho vyiyadukije itagira ishingiro. . . . Kuri jewe, kwemera ko ibiriho vyiyadukije ni vyo bigoye kuruta kwemera ko vyaremwe.”​—Anthony.

ZIRIKANA KURI IKI KINTU

Naho abashakashatsi bamaze imyaka mirongo bagira ubushakashatsi, ntibarashika ku ciyumviro bahurizako bose mu gusigura ukuntu ibiriho vyiyadukije. Nimba n’abashakashatsi badahuriza kuri ico ciyumviro kandi bitwa ngo ni abahinga, weho wumva wopfa kucemera?