Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 TWISUNZE BIBILIYA

Irema

Irema

Imana yoba yaremye isi mu misi itandatu gusa y’amasaha 24, nk’uko bamwebamwe babivuga?

“Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi.”—Itanguriro 1:1.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Mw’​Itanguriro 1:1 havuga ko ibiriho vyose, ushizemwo n’isi, Imana yabiremye “mu ntango,” aho hakaba ari kera cane hatazwi. Abahinga mu vya siyansi bo muri iki gihe baremera yuko ibiriho vyagize intango. Abo bahinga baherutse kuvuga yuko hoba haheze nk’imyaka amamiliyaridi 14 bibayeho.

Bibiliya iravuga kandi ivyerekeye “imisi” itandatu y’irema. Ariko ntivuga ko yari imisi y’amasaha 24. (Itanguriro 1:31) Nkako, Bibiliya irakoresha ijambo “umusi” mu kuvuga ibiringo bifise uburebure butandukanye. Nk’akarorero, ikiringo cose irema ryamaze icita “umusi Yehova Imana yakora isi n’ijuru.” (Itanguriro 2:4) Biboneka rero ko iyo “misi” y’irema yari imyaka ibihumbi n’ibihumbi.—Zaburi 90:4.

KUBERA IKI WOVYITAHO?

Ivyiyumviro bitari vyo vy’abavuga ko ibiriho vyaremwe mu misi itandatu y’amasaha 24 vyoshobora gutuma utemera Bibiliya. Ariko mu gihe ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’irema vyoba ari ukuri koko, vyoshobora gutuma uyemera maze ukungukira ku “bukerebutsi ngirakamaro” bwinshi tuyisangamwo.—Imigani 3:21.

 Imana yoba yarakoresheje ihindagurika mu kurema ibinyabuzima vyo kw’isi?

“Imana . . . [ivuga] iti: ‘Isi nizane ibifise ubuzima nk’uko amoko yavyo ari.’”—Itanguriro 1:24.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Imana ntiyabanje kurema ibinyabuzima bisanzwe hanyuma ngo bigende birahindagurika kugira bivemwo ibinyabuzima bihanitse. Ahubwo riho, yaremye “amoko” ya mbere y’ibimera vyikwije n’ibikoko vyikwije, maze bino bigenda birarondoka “nk’uko amoko yavyo ari.” (Itanguriro 1:11, 21, 24) Ivyo vyarabandanije gushika n’uno musi, bituma isi yuzura ya “moko” nyene y’ibinyabuzima Imana yarema mu ntango.—Zaburi 89:11.

Bibiliya ntivuga amoko matomato yose ashobora kuba mu biremwa vy’ubwoko bumwe, nk’akarorero ayashobora kubaho igihe ibikoko vy’ubwoko bumwe bihuye kugira birondoke no kugira ngo vyige guhuza n’aho bibaye. Bamwebamwe babona ko ukwo kwiga kumenyera aho biba ari uguhinduka, mugabo ivyo ntibituma haboneka ubwoko bushasha bw’ibinyabuzima. Ubushakashatsi bwa none burashigikira iciyumviro c’uko amoko nyamukuru y’ibimera n’ibikoko yahindutse ku rugero rutoyi rwose mu biringo birebire cane vyagiye birarengana.

KUBERA IKI WOVYITAHO?

Kubona siyansi ishigikira ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ “amoko” nyamukuru y’ibinyabuzima, biratuma twizigira ivyo ivuga no mu bindi, nk’ivyerekeye kahise be na kazoza.

Imana yakoresheje ibikoresho nyabaki mu kurema ibiriho?

“Amaboko yanje ni yo yaramvuye amajuru.”—Yesaya 45:12.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Imana ni ntangere mu bubasha, ari zo nguvu. (Yobu 37:23) Ivyo biri n’ico bitwigisha kubera ko n’abahinga mu vya siyansi bazi neza ko inguvu zishobora kuvamwo ikintu gifadika. Bibiliya ivuga ko “umurengera w’inguvu rukozi” zakoreshejwe mu kurema ibiriho vyose ari iz’Imana. (Yesaya 40:26) Imana isezerana ko izokoresha ububasha bwayo mu kuzigama ivyo yaremye, kuko Bibiliya ivuga ko izuba, ukwezi n’inyenyeri Imana “[i]tuma biguma bihagaze ibihe bidahera.”—Zaburi 148:3-6.

KUBERA IKI WOVYITAHO?

Allan Sandage, umuhinga atohoza ivy’imibumbe, ni we yigeze kuvuga ati: “Siyansi ntishobora kwishura ibibazo vyacu bihambaye kuruta ibindi. Utanguye kwibaza igituma ikintu kanaka cabayeho ikindi ntikibeho, uba ugeze mu bibazo siyansi idashobora kwishura.” Uretse ko Bibiliya isigura irema mu buryo buhuye na siyansi, irishura n’ibibazo siyansi idashobora kwishura, nk’iki: Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi n’abantu? *

^ par. 16 Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 3 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.