Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Abayuda boba vy’ukuri baje i Yeruzalemu kuri Pentekoti yo mu 33 bavuye “mu mahanga yose . . . yari munsi y’ijuru”?

Ibarabara ryuzuye abantu i yeruzalemu kuri pentekoti yo mu 33

Kiretse inkuru yo muri Bibiliya dusanga mu Vyakozwe 2:5-11, umwanditsi w’Umuyuda yitwa Filo yabayeho ico gihe, na we nyene yaranditse inkuru idondora amasinzi y’abantu baje i Yeruzalemu kuri Pentekoti yo mu 33.

Ku bijanye n’ingenzi zaza i Yeruzalemu, yanditse ati: “Ku musi mukuru wose hama haje amasinzi avuye mu bisagara vyinshi. Hari abaza bavuye mu bindi bihugu, mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko.” Yarasubiyemwo n’amajambo ari mw’ikete Agiripa wa mbere umwuzukuru wa Herode Mukuru, yandikiye Umwami w’abami w’Umuroma Kaligula. Muri iryo kete, Agiripa yavuze ku bijanye na Yeruzalemu ati: “Igisagara ceranda . . . si umurwa mukuru w’Ubuyuda gusa ahubwo ni uw’ibindi bihugu nka vyose kubera ko hari abantu benshi bava muri co bakaja kuba mu bihugu bibanyi.”

Agiripa yaratondetse ahantu Abayuda bari baragiye kuba ushizemwo n’ahantu ha kure cane muri Mezopotamiya, mu buraruko bwa Afrika, muri Aziya Ntoyi, mu Bugiriki no mu mazinga yo mu Kiyaga Mediterane. Umuhinga yitwa Joachim Jeremias avuga ati: “Naho urwo rutonde yagize rutadomako ibijanye n’ingendo zo kuja i Yeruzalemu, ivyo biribonekeza kuko Umuyuda wese akuze yasabwa kuja kuri iyo misi mikuru myeranda.”Gusubira mu vyagezwe 16:16.

Abantu ibihumbi baza i Yeruzalemu ku misi mikuru barara he?

Ibisigarira vy’ubwogero bihumanuriramwo vyubuwe i yeruzalemu

Buri mwaka i Yeruzalemu haraba imisi mikuru itatu: Pasika, Pentekoti n’Umusi mukuru w’insago. Mu kinjana ca mbere, Abayuda ibihumbi amajana baragira ingendo baja i Yeruzalemu kuri iyo misi mikuru, bavuye hirya no hino muri Isirayeli be no mu bindi bihugu. (Luka 2:41, 42; Ivyakozwe 2:1, 5-11) Izo ngenzi zose zaba zikeneye uburaro.

Bamwe bashikira ku bagenzi abandi na bo bagashikira mu mazu y’uburaro. Benshi baca bubaka amahema muri ico gisagara canke hanze yaco. Ku musi wa nyuma Yezu yagiye i Yeruzalemu, yaraye mu gisagara kibanyi citwa Betaniya.Matayo 21:17.

Hafi y’urusengero harubuwe inyubakwa zitari nke zirimwo ubwogero bwinshi. Vyiyumvirwa ko izo nyubakwa yari amahoteli ingenzi zararamwo zikongera zikihumanura imbere yo kwinjira mu rusengero. Icandiko kiri kuri imwe muri izo nyubakwa cerekana ko umuherezi akaba n’umukuru w’isinagogi yaho yitwa Theodotus, “yubatse iyo sinagogi kugira ngo abantu bahasomere amategeko y’idini ry’Abayuda . . . yubaka n’ihoteli be n’ivyumba yongera ashiramwo amazi ku bw’ingenzi zikeneye uburaro.”