Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | URASHOBORA GUTAHURA BIBILIYA

Kubera iki wotahura Bibiliya?

Kubera iki wotahura Bibiliya?

“Bibiliya ni igitabu c’Imana kizwi cane. Ariko abashinwa benshi ntayo bazi kandi babona ko itagira akamaro.”—LIN WO MU BUSHINWA.

“N’ibitabu vyeranda vyo mw’idini ryanje ry’abahindu sindabitahura, none notahura gute Bibiliya?”—AMIT WO MU BUHINDI.

“Ndemera ko Bibiliya ari igitabu ca kera kandi narumvise ko igurwa cane. Ariko sindigera ndayikubita ijisho.”—YUMIKO WO MU BUYAPANI.

Hirya no hino kw’isi, abantu benshi barubaha Bibiliya. Yamara bashobora kuba bazi bike, canke mbere ata na kimwe bazi ku biri muri yo. Ivyo ni ko biri ku bantu amamiliyoni baba muri Aziya. Ariko kandi, ukwo nyene ni ko bimeze ku bantu benshi baba mu bihugu usanga Bibiliya zikwiragiye.

Ariko rero ushobora kwibaza uti: ‘Kubera iki nkwiye gutahura Bibiliya?’ Gutahura ibiri muri ico gitabu ceranda birashobora kugufasha:

  • Kugira agahimbare

  • Gutorera umuti ingorane zo mu muryango

  • Kwirinda kurengerwa n’amaganya

  • Kubana neza n’abandi

  • Gukoresha neza amahera

Nk’akarorero, raba ivyashikiye Yoshiko wo mu Buyapani. Yaribaza ivyo Bibiliya ivuga maze afata ingingo yo kuyisomera. None havuyemwo iki? Avuga ati: “Bibiliya yaramfashije kugira icizigiro ca kazoza n’ubuzima bufise intumbero. Ubu sincumva ko ata co maze.” Amit, umwe yavugwa mu ntango, yarashimye gutohoza Bibiliya. Avuga ati: “Naratangaye cane. Bibiliya irimwo impanuro zofasha umuntu uwo ari we wese.”

Bibiliya yarafashije cane abantu amamiliyoni. Ubona gute nawe wize ibiri muri yo ukibonera ingene yogufasha?