Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Kubera iki Yozefu yimosheje imbere yo kuja kwa Farawo?

Igicapo ca kera co mu misiri cerekana umuntu ariko aramwa

Inkuru yo mw’Itanguriro ivuga ko Farawo yatumyeko imbohe y’Umuheburayo yitwa Yozefu ngo aze ningoga kumusigurira ibintu bitesha umutwe yari yarose. Ico gihe Yozefu yari amaze imyaka itari mike mw’ibohero. Naho Farawo yamutumyeko gihutihuti, Yozefu yabanje gufata umwanya wo kwimosha. (Itanguriro 39:20-23; 41:1, 14) Kuba uwanditse iyo nkuru yaravuze ico kintu gisa n’ikidahambaye, birerekana ko yari amenyereye imigenzo y’Abanyamisiri.

Abantu benshi ba kera, harimwo n’Abaheburayo, barakunda gutereka ubwanwa. Igitabu kimwe (Cyclopedia of Biblical, Theological, and Ecclesiastical Literature) canditswe na McClintock be na Strong kivuga ko “Abanyamisiri ari bo bantu bonyene bo mu karere k’ibihugu vy’Abarabu batatereka ubwanwa.”

None kwimosha vyoba vyagarukira gusa ku kumwa ubwanwa? Ikinyamakuru kimwe (Biblical Archaeology Review) kivuga ko imigenzo imwimwe y’Abanyamisiri yasaba umuntu agomba kurenguka kwa Farawo kwitegura nk’uwugiye ku rusengero. Nimba ari ukwo rero, Yozefu yabwirijwe kwimosha umushatsi n’ubwanwa.

Inkuru yo mu Vyakozwe ivuga ko se wa Timoteyo yari Umugiriki. Ivyo vyoba bisobanura ko yakomoka mu Bugiriki?

Si ngombwa. Mu bitabu intumwa Paulo yanditse abitumwe n’Imana, rimwe na rimwe yarahushanya Abayuda n’Abagiriki. Hari igihe yavuga Abagiriki ashaka kuvuga abantu bose atari Abayuda. (Abaroma 1:16; 10:12) Nta gukeka ko imwe mu mvo zabituma ari uko ururimi rw’ikigiriki n’imico kama yabo vyari bikwiragiye mu turere Paulo yamamazamwo.

None abantu ba kera bafata ko Umugiriki ari nde? Nk’akarorero, mu kinjana ca kane imbere ya Kristu, umuhinga mu vyo kuvugira imbere y’abantu w’i Atene yitwa Isocrate, yaravuze yigamba ingene imico kama y’Abagiriki yariko irakwiragira hose. Ivyo vyatumye avuga ati: “Abitwa Abagiriki ni abantu bungukiye ku nyigisho yacu si abavukiye mu Bugiriki.” Naho ata wovyemeza, birashoboka rero ko se wa Timoteyo n’abandi bantu Paulo yita Abagiriki, bitwa Abagiriki kubera ko bakurikiza imico kama y’Abagiriki atari kubera bakomokayo.Ivyakozwe 16:1.