Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Ivyo abacukuzi bubuye vyoba bishigikira Bibiliya?

Sarugoni wa kabiri umwami wa ashuri, avugwa muri Yesaya 20:1

Ikinyamakuru kimwe carasohoye ikiganiro cavuga yuko ivyo abacukuzi bamaze kwubura vyemeza ko “n’imiburiburi 50” mu bantu bavugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo (Isezerano rya kera) babayeho koko. Muri abo harimwo abami 14 ba Yuda na Isirayeli, nka Dawidi, Hezekiya n’abandi bazwi cane. Harimwo na Menahemu na Peka batazwi cane. Haravugwa n’Abafarawo 5 n’abami 19 ba Ashuri, Babiloni, Mowabu, Ubuperesi na Siriya. Ariko rero, abami si bo bonyene bavugwa muri Bibiliya no mu vyo abacukuzi bubuye. Haravugwa n’abantu basanzwe, nk’abaherezi bakuru, umwanditsi, n’abaganwa.

Ico kiganiro kivuga yuko “abahinga benshi bemeza” ko abavugwa muri ivyo bintu bubuye ari barya nyene bavugwa muri Bibiliya. Ariko ntiwumve, n’Ivyanditswe vy’ikigiriki (Isezerano rishasha) biravuga abantu benshi babayeho, hakaba hariho n’ibimenyamenya vyo mu bucukuzi bw’ivya kera vyemeza ko abatari bake muri bo babayeho koko. Bamwe muri abo ni Herodi, Ponsiyo Pilato, Tiberiyo, Kayifa, Serejiyo Paulosi.

Intambwe zazimanganye ryari mu bihugu bivugwa muri Bibiliya?

Ishusho y’intambwe i Babiloni ha kera

Ubu nta ntambwe ziboneka muri Isirayeli. Ariko ico gikoko kiravugwa incuro nka 150 muri Bibiliya, bikaba vyerekana ko abayanditse bari bakizi. Kenshi Bibiliya ivuga intambwe mu buryo bw’ikigereranyo, ariko iravuga abantu bahuye na yo vy’ukuri. Nk’akarorero, iravuga ko Samusoni, Dawidi na Benaya bishe intambwe. (Abacamanza 14:5, 6; 1 Samweli 17:34, 35; 2 Samweli 23:20) Hari n’abo ivuga bishwe na yo.1 Abami 13:24; 2 Abami 17:25.

Kera, intambwe zo muri Aziya zaraboneka kuva muri Aziya Ntoya no mu Bugiriki gushika muri Palestina, Siriya, Mezopotamiya no mu buraruko bushira uburengero bw’Ubuhindi. Zaratinywa cane, kandi zaraboneka cane mu mashusho y’utugenegene yo mu bihugu vy’Abarabu. Nk’akarorero, ku mpome zari ku nzira yaberamwo urugendo rw’ibirori i Babiloni ha kera, hari amashusho manini y’intambwe agizwe n’amatafari akayangana.

Bivugwa ko amaja mu mpera z’ikinjana ca 12 inyuma ya Kristu, abarwanye mu ntambara y’abakirisu n’abisilamu muri Palestina bahize intambwe. Bisa n’uko inyuma gatoyi yo mu 1300, intambwe zari zimaze kuzimangana muri ako karere. Ariko rero, gushika mu kinjana ca 19 vyari bikivugwa yuko hari intambwe muri Mezopotamiya n’i Siriya. Muri Irani na Iraki ho, zari zikibayo no mu ntango z’ikinjana ca 20.