Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ureka Imana ikakuyagira imisi yose?

Woba ureka Imana ikakuyagira imisi yose?

Woba ureka Imana ikakuyagira imisi yose?

NI KANGAHE uhora wiraba mu cirore? Abenshi muri twebwe, ico ni ikintu tumenyereye kugira buri musi, kumbure ugasanga turabigira incuro nyinshi ku musi. Uti kubera iki? Kubera yuko turazwa ishinga n’ingene tuboneka.

Gusoma Bibiliya birashobora kugereranywa no kuraba mu cirore. (Yakobo 1:23-25) Ubutumwa bwanditse mw’Ijambo ry’Imana burafise ububasha budushoboza kwibona nk’uko turi vy’ukuri. “Ri[r]injira gushika no ku gutandukanya ubuzima n’impwemu.” (Abaheburayo 4:12) Mu yandi majambo, rirerekana itandukaniro riri hagati y’ukuntu dusa inyuma be n’uko vy’ukuri tumeze imbere. Riratwereka aho dukeneye kuryohora, nka kurya nyene icirore kibigira.

Bibiliya ntitwereka gusa aho dukeneye kugira ivyo turyohoye, ariko kandi iradufasha kubiryohora. Intumwa Paulo yanditse ati: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangira, ku kugorora ibintu, ku gutoza indero mu bugororotsi.” (2 Timoteyo 3:16, 17) Urabona ko muri ivyo bintu bine twunguka vyerekanywe, bitatu muri vyo, ni ukuvuga gukangira, kugorora ibintu be no gutoza indero, bijanye n’ivyo turyohora mu nyifato yacu no mu vyo dukora. Namba dukeneye kwama twiraba mu cirore kugira ngo twiyemeze neza ko tuboneka mu buryo bwemewe, ese ukuntu dutegerezwa kurushiriza gusoma Ijambo ry’Imana Bibiliya tudahorereza!

Igihe Yehova Imana yagena Yosuwa ngo ayobore ihanga rya Isirayeli, yamubwiye ati: “Ibiri mur’ico gitabo c’ivyagezwe ntuz’ubikūre mu kanwa kawe; arik’uze wame ubirīmbūra ku murango no mw ijoro, kugira ng’ubone kwitondera ivyanditswemwo vyose; ni ho ivyawe bizogenda neza, ukagira amahirwe.” (Yosuwa 1:8) Ego cane, kugira ngo Yosuwa bimugendere neza, yari akeneye gusoma Ijambo ry’Imana “ku murango no mw ijoro,” ni ukuvuga adahorereza.

Zaburi ya mbere na yo nyene irerekana ivyiza vyo gusoma Bibiliya udahorereza igihe ivuga iti: “Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi, adahagarara mu nzira y’abanyavyaha, aticarana n’abacokoranyi. Arikw ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, kand’ivyagezwe vyiwe ni vyo ashirak’umutima ku murango no mw ijoro. Azoba nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi, cama igihe caco, ibibabi vyaco ntivyuma: ic’azokora cose kizomubera ko.” (Zaburi 1:1-3) Nta gukeka ko twipfuza kumera nk’uwo muntu.

Abantu benshi barafise akamenyero ko gusoma Bibiliya buri musi. Igihe babaza umukirisu umwe igituma asoma Bibiliya imisi yose, yishuye ati: “Namba nsenga Imana nisubiriza mu kiringo cose c’umusi kandi nkitega ko inyumva, kubera iki jeho ntotega amatwi Imana mu gusoma Ijambo ryayo imisi yose? Namba dushaka ko itubera umugenzi mwiza, kubera iki twokwihariza ijambo?” Ivyo yavuze ni ukuri nk’ukurima. Gusoma Bibiliya bimeze neza na neza nko gutega amatwi Imana kubera yuko duheza tukamenya ukuntu ibona ibintu.

Ukuntu twotsinda intambamyi

Kumbure uramaze kugerageza gutangura porogarama yo gusoma Bibiliya. Woba warasomye Bibiliya yose kuva ku ntango gushika ku mpera? Ubwo ni uburyo bwiza cane buzogufasha kumenya ibiri muri yo. Ariko rero, hariho abatanguye incuro nyinshi umugambi wo gusoma Bibiliya yose, bakama basanga porogarama yabo yahagaze. Woba urashikirwa n’iyo ngorane? Ushobora gukora iki kugira ngo ushike kuri iyo ntumbero yo gusoma Bibiliya yose? Ubona gute ugerageje kwisunga izi nama zibiri zikurikira?

Niwishingire urutonde rwo gusoma Bibiliya mu vyo ukora buri musi. Nuhitemwo umwanya buri musi bishoboka cane ko bizogukundira kwisomera Bibiliya. Vyongeye, nutegekanye ivyo kwiriha umwanya uba watakaye. Namba bishitse ku bw’imvo kanaka ugasanga ntushoboye kwisomera Bibiliya ku mwanya wari warahisemwo, nuce uraba uwundi mwanya uhitamwo kugira ngo ntiwigere ureka ngo hagire umusi uhera udasomye Ijambo ry’Imana. Muri ubwo buryo, uzoba wiganye akarorero k’Abanyabereya ba kera. Tubwirwa ku biberekeye duti: “Bakiriye ijambo babishashaye cane gusumba, basuzuma Ivyanditswe ku musi ku musi bavyitondeye ngo barabe ko ivyo bintu ari ko biri.”−Ibikorwa 17:11.

Nugire intumbero yinaka mu muzirikanyi. Nk’akarorero, nimba usomye ibigabane bitatu gushika kuri bitanu vyo muri Bibiliya ku musi, urashobora gusoma Bibiliya yose mu mwaka umwe gusa. Urutonde ruri ku mpapuro zikurikira rurerekana ukuntu ivyo woshobora kubigira. Ubona gute none ugize umwiyemezo wo kugerageza iyo porogarama? Munsi y’agatwe kavuga ngo “Igenekerezo,” niwishingire igihe uzoza urasomerako umugwi umwumwe wose w’ibigabane vyatanzwe. Maze mu kumba katanzwe, nuze urashira akamenyetso ku bihimba uhejeje gusoma. Niwabigenza gutyo bizogufasha kuguma uzi neza aho ugejeje mu gusoma.

Igihe umaze kurangiza gusoma Bibiliya yose, ni kubera iki woca uhagarikira ng’aho? Urashobora gukoresha urwo rutonde nyene kugira ngo uze urasoma Bibiliya buri mwaka, kumbure ukaza uratangurira ku bihimba bitandukanye. Canke naho mu gihe woba ushaka kurangiza ubusomyi bwawe bwa Bibiliya witonze, urashobora gufata imisi ibiri canke itatu kugira ngo uze urasoma umugwi umwumwe rwose w’ibigabane vyategekanijwe.

Igihe cose uzosoma Bibiliya, uzosanga hariho ibintu bishasha bijanye n’ubuzima bwawe, ivyo uzosanga utari bwigere uca n’ikanda. Uti kubera iki? “Ibintu vyo kuri iyi si biriko birahindagurika,” kandi uburyo tubaho be n’ukuntu ivyacu vyifashe na vyo nyene biguma bihindagurika. (1 Abakorinto 7:31) Niwiyemeze rero ushikamye kwiraba buri musi muri ca cirore c’Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya. Muri ubwo buryo, urashobora guhera amazinda yuko uriko uraha akaryo Imana kugira ngo ikuyagire imisi yose.​—Zaburi 16:8.

[Ifoto ku rup. 14]

Woba ushobora gutegekanya umwanya buri musi kugira wisomere Bibiliya?

[Chart/Ifoto ku rup. 15-18]

(For fully formatted text, see publication

1

Urutonde rwo gusoma Bibiliya

IBIKURIKIZWA: Niwandike igenekerezo utegekanya kuzosomerako umwumwe wose mu migwi y’ibigabane vyatanzwe. Uko uhejeje igihimba kimwekimwe cose, nuze urashirako akamenyetso. Urashobora gusoma ibitabu bigize Bibiliya wisunze uko bikurikirana canke ukabisoma mu kuza urahitamwo ivyiyumviro bishingiye ku mice yerekanywe. Niwasoma umugwi umwe w’ibigabane ku musi ku musi, mu mwaka umwe uzoba urangije gusoma Bibiliya yose.

◆ Nusome ibigabane biriko akamenyetso gasa n’AGAHAMA kugira ngo ubone muri rusangi ivyo Imana yagiraniye n’Abisirayeli.

● Nusome ibigabane biriko akaburungu gasa n’UBURURU kugira ngo utahure muri rusangi ukuntu ishengero rya gikirisu ryagiye rirakura.