Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikibira ca Biriya mu ntara ya Galilaya

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Isirayeli ya kera yoba yari igizwe n’ibibira nk’uko Bibiliya ivyerekana?

BIBILIYA ivuga yuko uturere tumwetumwe two muri ca Gihugu c’isezerano twari tugizwe n’ibibira be n’uko hari ibiti ‘vyinshi.’ (1 Abm. 10:27; Yos. 17:15, 18) Ariko rero abatemera iyo nkuru, baravye ukuntu ibice binini vy’ico gihugu ubu ari igiharabuga, boshobora kwibaza ko atari ko vyari biri.

Ikigwi kinini c’insukoni

Igitabu kimwe (Life in Biblical Israel) gisigura yuko “ibibira vyo muri Isirayeli ya kera vyari binini cane kuruta uko biri ubu.” Imisozi yari ipfutswe ahanini n’ibiti vy’amapinusi y’i Alep, ibiti vyo mu bwoko bw’isederi vyitwa chênes be n’ibiti vyitwa térébenthes vyavamwo amavuta y’umusomozo. Muri Shefela, kakaba kari akarere kagizwe n’intara y’itaba iri hagati y’urunani rw’imisozi rwo hagati muri ico gihugu be n’inkengera y’Uruzi Mediterane, na ho nyene hariho ibiti vy’imisukomora vyinshi cane.

Igitabu kimwe (Plants of the Bible) kivuga yuko uturere tumwetumwe two muri Isirayeli tutakigiramwo igiti na kimwe. None vyatumwe n’iki? Mu kwerekana yuko ari ibintu vyagiye biraba buhorobuhoro, ico gitabu kivuga giti: “Abantu bagumye bahonya amashamba, bakaba ahanini bironderera kwagura indimo n’uburagiriro, mugabo kandi babigira kugira bironkere ibikoresho vyo kwubaka be n’inkwi.”