Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Baritanze babikunze—Mu Burusiya

Baritanze babikunze—Mu Burusiya

MU 1991, Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya barahimbawe cane igihe bemererwa kurangura ibikorwa vyabo vyari bimaze igihe kirekire bibujijwe. Ico gihe, si benshi biyumvira yuko Ivyabona bokwongerekanye incuro cumi bagashika nko ku 170.000 muri iki gihe! Muri abo bamamaji b’Ubwami b’abanyamwete, harimwo abimukiye mu Burusiya bavuye mu bindi bihugu kugira bafashe mw’iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu. (Mat. 9:37, 38) Reka bamwe muri bo batuyagire.

ABAVUKANYI BITANGA BARAFASHA MU GUKOMEZA AMASHENGERO

Uwo mwaka igikorwa cemerwa mu Burusiya, uwitwa Matthew wo mu Bwongereza yari afise imyaka 28. Kw’ihwaniro ryabaye muri uwo mwaka, harashikirijwe insiguro yerekanye ko amashengero yo mu Buraya bwo mu Buseruko yari akeneye gufashwa. Nk’akarorero, umushikirizansiguro yaravuze ibijanye n’ishengero ry’i Saint-Pétersbourg mu Burusiya ryari rifise umukozi w’ishengero umwe gusa, ata mukurambere n’umwe rifise. Ariko rero, abamamaji bari bafise inyigisho za Bibiliya amajana! Matthew avuga ati: “Iyo nsiguro irangiye, nagumye niyumvira Uburusiya. Narasenze rero Yehova ndamubwira icipfuzo mfise co kwimukirayo.” Yaraziganije uduhera, aragurisha ivyo yari afise nka vyose maze yimukira mu Burusiya mu 1992. None vyahavuye bimugendera gute?

Matthew

Matthew yigana ati: “Ururimi rwarambereye intambamyi. Sinashobora kuyaga neza n’abandi ivy’impwemu.” Iyindi ngorane yagize yari ijanye n’uburaro. Avuga ati: “Sinoharura incuro nabwirijwe kwimuka mva mu nzu nja mu yindi ntavyiteguriye.” Naho Matthew yabanje kugira izo ngorane, avuga ati: “Kwimukira mu Burusiya ni yo ngingo nziza kuruta izindi zose nari maze gufata.” Asigura ati: “Gukorera hano vyatumye niga kurushiriza kwiheka kuri Yehova maze ndibonera ukuntu anyobora mu buryo bwinshi.” Matthew yahavuye aba umukurambere, araba n’umutsimvyi adasanzwe. Ubu akorera ku biro vy’ishami, hafi y’i Saint-Pétersburg.

Mu 1999, uwitwa Hiroo yarasohotse rya Shure rimenyereza abasuku ryabereye mu Buyapani afise imyaka 25. Umwe mu babigisha yaramuremesheje kuja gukorera mu kindi gihugu. Hiroo yari yarumvise ukuntu mu Burusiya hakeneye cane gufashwa, aca aratangura kwiga ikirusiya. Yarateye iyindi ntambwe ngirakamaro. Yigana ati: “Naragiye mu Burusiya marayo amezi atandatu. Kubera ko urushana rwaho rutoroshe, nagiyeyo muri Munyonyo kugira ndabe ko nshobora kwihanganira ubukanye.” Amaze kwihanganira urwo rushana, yarasubiye mu Buyapani aca arorosha cane ubuzima kugira aziganye amahera ahagije yo gusubira mu Burusiya. Ico gihe ho yagiriyeko.

Hiroo na Svetlana

Ubu Hiroo amaze imyaka 12 mu Burusiya, akaba yarakoreye mu mashengero atari make. Vyarashika ugasanga yitwararika abamamaji barenga 100 ari umukurambere umwe gusa. Mw’ishengero rimwe, buri ndwi yarashirikiza ibiganiro nka vyose vyo mw’Ikoraniro ry’umurimo, agahagarikira Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi hamwe n’Inyigisho y’igitabu y’ishengero mu migwi itanu. Vyongeye, yaragendera cungere abavukanyi benshi. Hiroo yibutse iyo myaka yose, avuga ati: “Vyaranezereje cane kubona narafashije bene wacu na bashiki bacu gukomera cane mu vy’impwemu.” None gukorera aho bikenewe kuruta vyamufashije gute? Avuga ati: “Ntaraja mu Burusiya, nari umukurambere nkaba n’umutsimvyi, ariko aho nziye ino ndabona ko nagiraniye na Yehova ubundi bucuti. Narize kurushiriza kwizigira Yehova mu mice yose y’ubuzima bwanje.” Mu 2005, Hiroo yarubakanye na Svetlana, bakaba babandanya ubutsimvyi bari kumwe.

Michael na Olga hamwe na Marina be na Matthew

Uwitwa Matthew w’imyaka 34 na murumunawe Michael w’imyaka 28 bava muri Kanada. Bompi baratembereye mu Burusiya barakorwa ku mutima babonye ukuntu abashimishijwe benshi bitaba amakoraniro, ariko hakaba abavukanyi bake babayobora. Matthew avuga ati: “Mw’ishengero nagiyemwo hari abantu 200 bitavye amakoraniro, mugabo yose yahagarikiwe n’umukurambere umwe ageze mu zabukuru be n’umukozi w’ishengero umwe akiri muto. Ivyo vyatumye nipfuza kwimukirayo kugira mfashe abo bavukanyi.” Yimukiye mu Burusiya mu 2002.

Haciye imyaka ine, Michael yarimukiye mu Burusiya kandi ntiyatevye kubona ko abavukanyi bari bagikenewe cane. Kubera ko yari umukozi w’ishengero, yashinzwe kwitwararika amakonte, ibisohokayandikiro be n’ivyibare. Yarashinzwe kandi igikorwa mu bisanzwe kirangurwa n’umunyamabanga w’ishengero, arashingwa gushikiriza insiguro z’icese, gufasha mu gutunganya amateraniro no mu kwubaka Ingoro z’Ubwami. No muri iki gihe, amashengero aracakeneye cane gufashwa. Ubu Michael ni umukurambere. Naho kwitwararika amabanga menshi bitoroshe, avuga ati: “Gufasha abavukanyi birampimbara cane. Ni bwo buryo bwiza kuruta ubundi bwo kubaho!”

Matthew yahavuye yubakana na Marina, Michael na we yubakana na Olga. Abo uko ari bane hamwe n’abandi bakozi benshi bitanga babikunze barabandanya gufasha amashengero aguma yongerekakana.

BASHIKI BACU B’ABANYAMWETE BARAFASHA MW’IYIMBURA

Tatyana

Mu 1994, uwitwa Tatyana yari afise imyaka 16. Ico gihe, abatsimvyi badasanzwe batandatu baturuka muri République Tchèque, muri Polonye no muri Slovakiya baratanguye gukorera mw’ishengero yarimwo muri Ukraine. Arabibuka n’akamwemwe, akavuga ati: “Bari abatsimvyi b’umwete, begereka kandi bafise umutima mwiza, bazi neza Bibiliya.” Yariboneye ingene Yehova yahezagiye agatima kabo ko kwitanga maze yibwira ati: ‘Icompa nkamera nka bo.’

Akarorero k’abo batsimvyi katumye Tatyana aza arakoresha uburuhuko mu kujana n’abandi mu vyibare biri ukwa vyonyene muri Ukraine no muri Biélorussie aho Ivyabona batari bwamamaze. Yarahimbarwa cane n’izo ngendo yagira agiye kwamamaza ku buryo yatunganije ivyo kwagura ubusuku bwiwe mu kwimukira mu Burusiya. Ubwa mbere yaragiyeyo amara igihe gitoyi kugira aramutse mushiki wacu yari yarimukiyeyo avuye mu kindi gihugu no kugira arondere akazi kotumye aronka amahera akoresha ari umutsimvyi. Yahavuye yimukira mu Burusiya mu 2000. Vyoba none vyaramworoheye?

Tatyana yigana ati: “Kubera ko ntashobora kuriha inzu ya jenyene, nabwirijwe gupanga icumba mu nzu yabamwo abandi. Kubana n’abandi ntivyari vyoroshe. Harageze aho nipfuza gusubira i iwacu. Mugabo Yehova yamye amfasha kubona ko vyongirira akamaro mbandanije ubusuku bwanje.” Ubu Tatyana ni umumisiyonari mu Burusiya. Avuga ati: “Imyaka yose namaze ntari mu gihugu canje yaratumye nironkera ibintu vy’agaciro ntangere be n’abagenzi benshi. N’ikiruta vyose, iyo myaka yarakomeje ukwizera kwanje.”

Masako

Uwitwa Masako wo mu Buyapani, ararengeje gatoyi imyaka 50. Yamye afise icipfuzo co kuba umumisiyonari, mugabo ingorane z’amagara zigatuma bisa n’ibidashoboka. Yamara igihe yatora mitende, yarafashe ingingo yo kwimukira mu Burusiya kugira asahirize mu gikorwa c’iyimbura. Naho bitari vyoroshe kuronka uburaro bubereye be n’akazi karamba, yarigisha ikiyapani agakora n’akazi k’ivy’isuku kugira aronke amahera akoresha ari umutsimvyi. Ni igiki none camufashije kubandanya ubusuku bwiwe?

Masako yibutse imyaka irenga 14 amaze asukurira mu Burusiya, avuga ati: “Umunezero nkura mu busuku uranyibagiza ingorane iyo ari yo yose ngira. Kwamamaza aho abamamaji b’Ubwami bakenewe cane biratuma ngira ubuzima burimwo ibikorwa vyinshi kandi buteye umunezero.” Yongerako ati: “Kwibonera ukuntu Yehova amaze imyaka andonsa ibifungurwa, ivyambarwa be n’uburaro, mbona ko ari igitangaro co mu gihe ca none.” Uretse yuko Masako yakoreye aho abamamaji bakenewe kuruta mu Burusiya, yaranagize uruhara mu gikorwa c’iyimbura muri Kirgistani. Vyongeye, yarafashije umugwi ukoresha icongereza, uwukoresha igishinwa be n’uwukoresha ururimi rwitwa Uighur. Ubu ni umutsimvyi i Saint-Pétersburg.

IMIRYANGO IRASHIGIKIRA IGIKORWA MAZE IGAHEZAGIRWA

Inga na Mikhail

Kubera ko ubutunzi bwifashe nabi, akenshi imiryango irimukira mu bindi bihugu kugira irabe ko yoronka akarusho. Ariko rero, hariho imiryango yimukira mu bindi bihugu kugira ikurikirane imigambi y’ivy’impwemu, nka kumwe kwa Aburahamu na Sara. (Ita. 12:1-9) Rimbura ivyerekeye Mikhail n’umukenyezi wiwe Inga bo muri Ukraine, abimukiye mu Burusiya mu 2003. Bidatevye, bararonse abantu barondera ukuri kwo muri Bibiliya.

Mikhail yigana ati: “Igihe kimwe twaramamaje mu karere Ivyabona batari bwamamazemwo. Umutama umwe yaruguruye umuryango maze atubaza ati: ‘Mwoba muri abamamaji?’ Tumubwiye ko turi bo, yaciye avuga ati: ‘Nari nzi ko umusi uri izina mwoje. Ivyo Yezu yavuze ntivyogenda bitarangutse.’ Yaciye asubiramwo ibivugwa muri Matayo 24:14.” Mikhail yongerako ati: “Muri ako karere twarahasanze kandi umugwi w’abagore nka cumi b’ababatiste, bakaba bari abantu b’inziraburyarya banyotewe ukuri. Bari bafise igitabu Kubaho ibihe bidashira kandi kuri iyo mpera y’umushamvu nyene, bari bagikoresheje mu kwiga Bibiliya. Twaramaze amasaha menshi twishura ibibazo vyabo twongera turaririmbira hamwe indirimbo z’Ubwami. Twaranasangiye udufungurwa two ku mugoroba. Kugendera abo bantu ni kimwe mu bintu vyiza kuruta ibindi vyose nibuka.” Mikhail na Inga baremera ko gukorera aho abamamaji b’Ubwami bakenewe cane vyatumye barushiriza kwiyegereza Yehova, gukunda abantu no kugira ubuzima buhimbaye cane. Ubu bakora igikorwa co kugendera amashengero.

Oksana, Aleksey na Yury

Mu 2007, uwitwa Yury n’umukenyezi wiwe Oksana bo muri Ukraine bari bafise imyaka nka 35, umuhungu wabo Aleksey na we akagira 13. Igihe bagendera ibiro vy’ishami vyo mu Burusiya, barabonye ikarata y’Uburusiya iriko uturere tunini tudafise Ivyabona badukoreramwo. Oksana avuga ati: “Tumaze kwihweza iyo karata, twaratahuye ko hakenewe cane abamamaji b’Ubwami. Vyatumye dufata ingingo yo kwimukira mu Burusiya.” N’ikindi kintu ikihe cabafashije? Yury avuga ati: “Gusoma ibiganiro vyo mu bisohokayandikiro vyacu, nk’ikivuga ngo ‘Woba ushobora gusukurira mu mahanga?’ vyaradufashije cane. * Twaragiye kuraba akarere ko mu Burusiya ibiro vy’ishami vyari vyatugiriye inama ngo twimukiremwo maze turarondera inzu be n’akazi.” Mu 2008, barimukiye mu Burusiya.

Mu ntango ntivyaboroheye kuronka akazi, kandi akenshi wasanga babwirizwa kwimuka bava mu nzu baja mu yindi. Yury avuga ati: “Twarasenze kenshi kugira ngo ntiducike intege, maze turabandanya kwamamaza twizigiye ko Yehova adushigikiye. Twariboneye ukuntu Yehova atwitwararika igihe dushize ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere. Uwu murimo warakomeje umuryango wacu mu vy’impwemu.” (Mat. 6:22, 33) None gukorera aho bikenewe kuruta ahandi vyafashije gute Aleksey? Oksana avuga ati: “Vyaramugiriye akamaro cane. Yariyeguriye Yehova maze arabatizwa afise imyaka icenda. Kubera ko atahura yuko abamamaji b’Ubwami bakenewe cane, bituma aza arakora ubutsimvyi bwo gufasha mu gihe c’uburuhuko. Turanezerwa cane iyo tubonye urukundo n’umwete afitiye ubusuku.” Ubu Yury na Oksana ni abatsimvyi badasanzwe.

“IKINTU CONYENE NICUZA”

Nk’uko amajambo y’abo bakozi bo mw’iyimbura avyerekana neza, kwimukira mu tundi turere kugira wagure ubusuku bwawe bisaba yuko wizigira Yehova uherejeko. Ego ni ko, abakorera aho bikenewe kuruta barahura n’ingorane mu cibare cabo gishasha, mugabo kandi barironkera umunezero mwinshi uva ku kubwira inkuru nziza abantu bakira neza ubutumwa bw’Ubwami. Woba ushobora gufasha kwegeranya ivyimburwa mu karere kagikeneye cane abamamaji b’Ubwami? Hamwe wobigira, ntiwoteba kwiyumva nka Yury, uwavuze ku vyerekeye ingingo yafashe yo gukorera aho abamamaji bakenewe kuruta, ati: “Ikintu conyene nicuza, ni uko ntabigize hakiri kare.”

^ par. 20 Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Gitugutu 1999, urupapuro rwa 23-27.