Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyogufasha kumenyera ishengero rishasha

Ivyogufasha kumenyera ishengero rishasha

WOBA warigeze kwimukira mu rindi shengero? Nimba vyarashitse woshobora gutahura umuvukanyi Jean-Charles. Yavuze ati: «Kumenyera ishengero rishasha ukongera ugafasha abagize umuryango wawe kuguma bikomeza mu vy’impwemu, ni urugamba rutoroshe.» Igihe umuntu yimutse, aba ahanzwe n’ukurondera akazi, aho aba, kumbure n’amashure y’abana. Kuri ivyo hiyongerako ikirere n’imico ataba asanzwe amenyereye be n‘icibare gishasha co kwamamazamwo.

Nicolas na Céline bobo bagize iyindi ngorane. Babisabwe n’ishami ryo mu Bufaransa, barimukiye mu rindi shengero. Bavuga bati: «Naho mu ntango twaryohewe cane, ntitwatevye gutangura gukumbura abagenzi. Ntitwari bwamenyerane cane n’abavukanyi bo muri iryo shengero.» a None uravye izo ngorane zose, wokora iki kugira ngo umenyere ishengero rishasha? Ni ibiki abandi bokora kugira bafashe abashasha? Vyongeye, wokora iki kugira ngo uremeshwe wongere uremeshe abandi muri iryo shengero rishasha?

IBINTU BINE VYOGUFASHA KUMENYERA

Niwizigire Yehova

1. Niwizigire Yehova. (Zab. 37:5) Mushiki wacu wo mu Buyapani yitwa Kazumi, yarimutse ishengero yari amazemwo imyaka 20, igihe umugabo wiwe yarungikwa gukorera ahandi. Yaciye ‘aragiza Yehova inzira yiwe.’ Yabigize gute? Avuga ati: «Akenshi narasukira Yehova ivyari ku mutima, nkamubwira ko mfise ubwoba, irungu be n’amaganya. Igihe cose naba ndabigize, yaca andonsa inkomezi.»

None worushiriza gute kwizigira Yehova? Kurya nyene igiterwa gikenera amazi be n’ivyunyunyu kugira ngo gikure, ni ko n’ukwizera kwacu gukeneye kugaburirwa kugira ngo gukomere. Umwe Nicolas twavuga, yasanze kuzirikana ku burorero bw’abagabo bahevye vyinshi kugira bakorere Yehova, ari bo Aburahamu, Yezu na Pawulo, vyaratumye arushiriza kwizigira Yehova. Kwama wiyigisha Bibiliya bizogufasha kwihanganira amahinduka ayo ari yo yose yogushikira mu buzima. Ariko kandi, bizokuronsa ibintu vyiza wokoresha mu kuremesha abandi muri iryo shengero rishasha.

Niwirinde kugereranya ishengero n’irindi

2. Niwirinde kugereranya ishengero n’irindi. (Umus. 7:10) Igihe uwitwa Jules yimukira muri Amerika avuye muri Bénin, yasanze imico yaho itandukanye cane n’iy’iwabo. Avuga ati: «Nabona umengo nategerezwa kubwira ivyanje vyose uwo twaba tubonanye wese.» Yaciye rero atangura kwikumira, akaza arahunga abavukanyi kubera ko ivyo atari vyo yari amenyereye. Ariko rero amaze kumenya neza abavukanyi, yaciye ahindura ivyiyumviro. Avuga ati: «Ubu ndabona ko aho umuntu yoba ari hose kw’isi, abantu turi bamwe. Dutandukaniye gusa ku kuntu duserura ivyiyumviro. Birahambaye ko umuntu yemera abandi uko bari.» Niwirinde rero kugereranya ishengero urimwo n’iryo wahoramwo. Mushiki wacu umwe w’umutsimvyi yitwa Anne-Lise avuga ati: «Igihe nimuka, sinari niteze ko ivyo nasize iyo mvuye ndabisanga iyo ngiye. Nimutse kugira ngo menye ibintu bishasha.»

Abakurambere na bo nyene barakwiye kwirinda kugereranya ishengero barimwo n’iryo bahozemwo. Usanze ibintu bikorwa mu buryo butandukanye n’iyo wahora, ntibica bisobanura ko bikorwa ukutari kwo. Vyoba vyiza ubanje kumenya neza ingene ivyaho hantu bimeze, imbere y’uko hagira ivyiyumviro ushikiriza. (Umus. 3:​1, 7b) Birarushiriza kuba vyiza weretse abavukanyi akarorero keza, aho kubashingira amategeko bokurikiza.—2 Kor. 1:24.

Niwifatanye cane n’iryo shengero

3. Niwifatanye cane n’iryo shengero. (Flp. 1:27) Naho kwimuka bitwara umwanya mwinshi n’inguvu nyinshi, birahambaye yuko ugishika aho wimukiye, witaba amakoraniro amaso mu yandi nimba bishoboka. Nakare, wumva abagize iryo shengero rishasha bogufasha gute kandi utigera uboneka canke uboneka gake? Mushiki wacu umwe yitwa Lucinda be n’abakobwa biwe babiri, bimukiye mu gisagara kinini co muri Afrika y’Epfo. Lucinda avuga ati: «Abagenzi banje bampanuye ko nokwifatanya cane n’ishengero, ngakorana n’abandi mu ndimiro kandi nkagira uruhara mu makoraniro. Twaremeye kandi ko inzu yacu yoza irakoreshwa ku bw’ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro.»

Kwifatanya n’ishengero rishasha mu bikorwa vy’Ubwami, ni uburyo bwiza bwo kurwanira «ukwizera kujanye n’inkuru nziza [d]ufatanye mu nda.» Umwe mushiki wacu Anne-Lise twavuga, abakurambere bamuremesheje kugerageza kujana mu ndimiro n’umwe wese mu bagize ishengero. None vyavuyemwo iki? Avuga ati: «Naciye mbona ko ubwo ari uburyo bwiza bwo gutuma numva nisanze.» Vyongeye, kwifatanya n’abandi nko mu bikorwa bijanye no gusukura Ingoro y’Ubwami no kuyibungabunga, bizokwerekana ko usigaye ubona ko iryo ari ryo shengero ryawe. Uko urushiriza kwifatanya n’iryo shengero rishasha, ni ko n’abarigize batazoteba kukumenyera, usigare ubona ko ari bo muryango wawe mushasha.

Nurondere abagenzi bashasha

4. Nurondere abagenzi bashasha. (2 Kor. 6:​11-13) Kwitwararika abandi ni bwo buryo bwiza bwogufasha kuronka abagenzi. Nuze rero urafata akanya imbere be n’inyuma y’amakoraniro ko kuganira n’abandi kugira urushirize kubamenya. Nugire akigoro ko kumenya amazina yabo. Kwibuka amazina y’abantu, kubagaragariza igishika no kubiyegereza biratuma na bo bakwiyegereza, bikanatuma uronka abagenzi beza.

Aho kwiyerekana uko utari kugira ngo abagize ishengero rishasha bagukunde, nubahe nyabuna akanya kugira bamenye uwo uri vy’ukuri. Niwigane Lucinda, uwagize ati: «Ubu turafise abagenzi somambike kubera ko twaza turibwiriza tugatumira abantu iwacu.»

«NIMUHANE IKAZE»

Hari abahora bahagarika umutima iyo binjiye mu Ngoro y’Ubwami yuzuye abantu batazi. None wokora iki kugira ngo utume abimukiye mw’ishengero iwanyu bumva bisanze? Intumwa Pawulo aturemesha ati: «Nimuhane ikaze . . . nk’uko na Kristu yabahaye ikaze.» (Rom. 15:7) Abakurambere barashobora kwigana Kristu mu gufasha abashasha kwumva bisanze. (Raba uruzitiro ruvuga ngo « Ivyogufasha kworoherwa igihe wimutse.») Ariko ntiwumve, abagize ishengero bose ushizemwo n’abana, barashobora kugira ico baterereye mu gutuma abashasha bumva bisanze.

Guha ikaze abandi ntibirimwo gusa kubatumira muhira iwacu, ariko kandi birimwo no kugira ivyo tubafashije. Nk’akarorero, hari mushiki wacu umwe yafashe akanya aja kwereka igisagara uwundi mudada mushasha yongera aramusigurira ibijanye no kwiyunguruza. Ico kintu uwo mushiki wacu yakoze, carakoze ku mutima cane uwo mudada mushasha congera kiramufasha kumenyera.

KWIMUKA BIRAGUFASHA GUKURA MU VY’IMPWEMU

Imbere y’uko igihori gitangura kuguruka, kibanza kwiyubura incuro zitari nke. Muri ubwo buryo nyene, igihe wimukiye mu rindi shengero, na wewe urakwiye kwiyubura mu buryo bw’ikigereranyo, ukikuramwo amaganya yose yokubuza gukorera Yehova wisanzuye. Umwe Nicolas na Céline twavuga, bagira bati: «Iyo umuntu yimutse arahigira ibintu vyinshi. Kugira tumenyere abantu bashasha n’ahantu hashasha, vyasavye ko dutsimbataza kamere nshasha.» Umwe Jean-Charles twavuga mu ntango, na we arigana ingene abo mu muryango wiwe bahungukiye. Agira ati: «Kwimukira mu rindi shengero vyarafashije abana bacu gutera imbere mu vy’impwemu. Inyuma y’amezi makeya gusa, umukobwa wacu yaratanguye gutanga shure, umuhungu wacu na we aba umwamamaji.»

Bite ho nimba uko ivyawe vyifashe bitakworohereza kwimuka, ngo uje nk’akarorero ahakenewe cane abamamaji? Ubona gute ivyiyumviro bimwebimwe vyatanzwe muri iki kiganiro ubikoresheje mw’ishengero urimwo? Niwizigire Yehova, wifatanye cane n’abagize ishengero mu gukorana na bo mu ndimiro, mu kurondera abagenzi bashasha canke mu gukomeza ubucuti n’abo mwari musanganywe. Nk’akarorero, urashobora kwibwiriza ukagira ico ufashije abashasha canke abatishoboye. Nta nkeka ko gufasha abandi bizotuma urushiriza gukura mu vy’impwemu, narirya urukundo ari rwo ruranga abakirisu b’ukuri. (Yoh. 13:35) Numenye neza ko «Imana ihimbarwa rwose na mwene ivyo bimazi.»—Heb. 13:16.

Naho intambamyi zitabuze, hari abakirisu benshi baroraniwe igihe bimukira mu rindi shengero. Na wewe vyokunda. Anne-Lise avuga ati: «Amashengero nimukiyemwo yaratumye naguka.» Kazumi na we, ubu aremera adakeka ko kwimuka «bituma wibonera ingene Yehova agushigikira mu buryo utari bwigere ubona.» Jules we bite? Avuga ati: «Abagenzi bashasha naronse baratuma mbona ko ntari inyakamwe. Ubu ndakunda cane ishengero nimukiyemwo ku buryo vyongora cane kurivamwo.»

a Kugira uronke ivyogufasha igihe ufise inkumbu, raba ikiganiro co mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Rusama 1994, kivuga ngo «Comment surmonter le mal du pays dans le service de Dieu.»