Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Kubera iki Yezu yiyamirije umugenzo wo kurahira?

ITEGEKO rya Musa ntiryabuza kurahira. Ariko rero mu gihe ca Yezu, kurahira vyari vyarabaye umugenzo ku buryo Abayuda bari basigaye barahira ku kantu ako ari ko kose. Ivyo babigira kugira bemeze ko bavuze ukuri; ariko Yezu yariyamirije uwo mugenzo incuro zibiri. Yavuze ati: “Ijambo ryanyu Ego niribe Ego, Oya yanyu ibe Oya.”​—Mat. 5:33-37; 23:16-22.

Kazinduzi imwe y’ivya Bibiliya (Theological Dictionary of the New Testament) ivuga ko igitabu citwa Talimudi kidufasha gutahura ukuntu Abayuda bari basigaye bakunda cane kurahira. Ico gitabu Talimudi kirasigura ido n’ido indahiro zari zikwiye kwubahirizwa be n’izashobora gufatwa minenegwe.

Yezu si we wenyene yiyamirije uwo mugenzo. Nk’akarorero, umuhinga mu vya kahise w’Umuyuda yitwa Flavius Josèphe yavuze ko hari akagwi k’idini ry’Abayuda kirinda kuruhira. Abari muri ako kagwi babona ko kurahira ari bibi cane kuruta kubesha. Bavuga ko umuntu arinze kurahira kugira yemeze ko avuga ukuri, ategerezwa kuba ari umubeshi. Igitabu kimwe c’Abayuda congewe muri Bibiliya zimwezimwe ariko kitahumetswe citwa ngo Igitabu ca mwene Siraki, ikigabane ca 23, umurongo wa 11 na co nyene kivuga giti: “Umuntu arahira kenshi yama mu bugarariji.” Yezu rero, yariyamirije uwo mugenzo wo kurahira ku kantu kose. Nimba twama tuvuga ukuri, ntibiba bikenewe ko turinda kurahira kugira ngo twemeze ivyo tuvuze ari ukuri