Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igikorwa kiranga ubuntu

Igikorwa kiranga ubuntu

SE WA John yabatirijwe mu gasagara k’i Gujarat mu Buhindi, mu mpera z’imyaka ya 1950. John n’abo bavukana batanu be na nyina wabo bari abagatolika b’imena. Igihe rero se wabo yabatizwa akaba Icabona ca Yehova, baramurwanije bivuye inyuma.

Umusi umwe, se wa John yaramurungikanye ikete ngo arishire umugenzi wiwe wo mw’ishengero. Ariko rero muri ico gitondo, John yarikomerekeje ku rutoke igihe yariko yugurura ingunguru. Mugabo kubera ko yipfuza kugamburukira se, yarahatenze maze arajana iryo kete.

John ashitse, iryo kete yarihaye umukenyezi w’uwo mugabo, na we nyene akaba yari Icabona ca Yehova. Uwo mukenyezi yarabonye ko John yari yikomerekeje ku rutoke aca amubaza ko yoshima ko amuvura. Yarazanye imiti, arahanagura neza urwo ruguma, aca ashirako ipansuma. Mu nyuma yarateguriye John akayi, aca aba aramuganiriza ibijanye na Bibiliya abigiranye umutima mwiza.

Ico gihe, John yaciye atangura guhindura ukuntu yabona Ivyabona vya Yehova. Yarabajije uwo mugore ibintu bibiri atahurizako na se wiwe: Nimba Yezu ari Imana canke ko abakirisu bakwiye gusenga Mariya. Kubera ko uwo mugore yari azi ururimi John yavuga rw’ikigujarati, yaramwishuye akoresheje Bibiliya, aca aramuha agatabu “Iyi nkuru nziza y’Ubwami.”

John amaze gutangura gusoma ako gatabu, yarabonye ko ari ukuri. Yaciye aja kuraba umupadiri amubaza vya bibazo bibiri. Uwo mupadiri yarashangashiwe aca amutera Bibiliya, amukankamira ati: “Wa Shetani we! Nyereka aho Bibiliya ivuga ko Yezu atari Imana. Nyereka aho ivuga ko udakwiye gusenga Mariya. Hanyereke!” John yarababajwe cane n’inyifato y’uwo mupadiri, aca amubwira ati: “Nanje, sinzosubira guhonyoza ikirenge mw’idini ryanyu rya Gatolika.” Emwe, imvugo yabaye ingiro!

John yaratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona, aremera ukuri, aca aratangura gukorera Yehova. Mu nyuma, abatari bake mu muryango wiwe na bo nyene barabaye Ivyabona. John aracafise inkovu kuri rwa rutoke naho haciye imyaka nka 60 akomeretse. Ntazokwigera yibagira igikorwa bamukoreye kiranga ubuntu, catumye aza mu gusenga kw’ukuri.​—2 Kor. 6:4, 6