Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Niwigishe umwana kugamburuka

Niwigishe umwana kugamburuka

INGORANE

Wama ugwa inzura n’umwana wawe w’imyaka ine adashaka kukwumvira, kandi kenshi ni we atsinda.

  • Iyo umubwiye gukora ikintu adashaka, aca yigira uw’ejo.

  • Igihe na ho umubujije gukora ikintu ashaka, aca atangura kwiriza.

Uribaza uti: ‘Bwoba ari ubwana gusa? Vyoba bizohera niyakura?’

Birashoboka ko wigisha umwana wawe kugamburuka. Ariko imbere y’uko turaba ingene wobigenza, banza urabe imvo imwe ishobora kuba ituma atakwumvira.

IKIBITERA

Igihe umwana wawe yari akiri uruyoya, ibanga nyamukuru wari ujejwe kwari ukumwitwararika. Waguma witeguriye gukora akantu kose akeneye. Arize na gatoyi, waca uza wiruka kuraba ico akeneye. Mu vy’ukuri, vyari bikenewe kuko umwana akiri uruyoya akenera ko umuvyeyi aguma amwitwararika.

Kubera ko uba umaze amezi atari make umufata gutyo, birumvikana ko aca abona yuko ari we ahambaye mu muryango, abavyeyi biwe akabona ko bajejwe kumukorera ico ashaka cose. Ashikanye imyaka ibiri, kenshi usanga aca abona ko ibintu vyahindutse, ko atagitegeka. Abavyeyi ntibaba bagikora ivyo we ashaka, ahubwo baba biteze ko aba ari we akora ivyo bo bashaka. Ivyo birababaza abana! Bamwe baca batangura kwiriza, abandi bakageza abavyeyi babo mu kubagambararira.

Haba rero hageze ko abavyeyi bashitsa ibanga rishasha bajejwe ryo kwereka neza umwana ivyo bamwitezeko. None umuvyeyi yokora iki hamwe umwana yokwanka kwumvira canke akigira uw’ejo nk’umwe twavuze mu ntango?

ICO WOKORA

Koresha ubukuru ufise. Umwana ntazokwemera ko ari wewe serugo atabonye ko ukoresha ubukuru ufise. Ukwiye rero gukoresha ubukuru ufise mu rugo, ariko nturenze urugero. Mu myaka mirongo iheze, abahinga bamwebamwe berekanye yuko gukoresha ubukuru atari vyiza. Hari n’uwavuze ko “ari ugukora ikibi” be n’uko “bitaranga ubuntu.” Ariko kurekerana umwana birashobora gutuma atamenya ikibereye n’ikitabereye, agasigara ari bugabo bwigaba. Ivyo nta co bizomufasha amaze gukura.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 29:15.

Mutoze indero. Kazinduzi imwe ivuga yuko indero ari “inyigisho ituma umuntu agamburuka canke yiyubara mu vyo akora, kenshi ikaba igizwe n’amategeko n’ibihano ahabwa aramutse ayarenzeko.” Ni ivy’ukuri ko indero idakwiye kwigera irenza urugero. Ariko rero, ikwiye kuba itomoye ikereka umwana ko ivyo yakoze bifise ingaruka. Ivyo vyotuma abona ko akeneye guhindura ingendo.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 23:13.

Vuga utomora. Hari abavyeyi usanga basaba umwana wabo kugamburuka. (Nk’akarorero bakamubaza ngo “Ubona wokora isuku mu cumba?”) Bashobora kuba babona ko ari vyo biranga urupfasoni. Ariko rero, ivyo birashobora gutuma umwana abona ko umuvyeyi atamuhaye itegeko, agaca yihitiramwo gukora canke kudakora ico umuvyeyi yamusavye. Ntureke ngo umwana akore ivyo ashatse, ahubwo numutomorere ico akwiye gukora aho kumubaza nimba yogikora.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: 1 Abakorinto 14:9.

Ryumeko. Umaze kwankira umwana ikintu, nuryumeko, kandi wewe n’uwo mwubakanye muvuge rumwe. Nimba hari igihano mwumvikanye ko muzoha umwana aramutse agambaraye, nimugishire mu ngiro. Ntimuje mu vyo guharira n’umwana canke ngo mwame muriko muramusigurira igituma mwafashe ingingo kanaka. “Ego yanyu [ibaye] Ego, Oya yanyu na yo, Oya,” bizokworohereza umwana, namwe nyene biborohereze.Yakobo 5:12.

Nubigirane urukundo. Umuryango si intwaro ya demokarasi canke y’agahotoro. Ahubwo ni intunganyo y’Imana ituma abavyeyi bashobora gufasha umwana babigiranye urukundo, ngo azokure azi gukora ikibereye. Kugira ivyo bishoboke, mukwiye gutoza indero umwana wanyu. Ivyo bizomwigisha kugamburuka, bimufashe no kubona ko mumukunda.