Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Igihe umwana wawe abeshe

Igihe umwana wawe abeshe

INGORANE

Umwana wawe w’imyaka itanu ariko arakinira mu nzu, ahantu utamubona. Ugiye wumva ikintu kimetse. Uciye wiruka kuraba ivyo ari vyo. Umusanze ahagaze iruhande y’ico kintu yamenye. Umuravye mu maso, uciye utahura ko ari we yakimenye.

Uciye umubaza umukarira uti: “Ni wewe wakimenye?”

Na we aciye ubwo nyene yishura ati: “Oya ma si jewe!”

Si ryo rya mbere uwo mwana wawe abeshe ata n’udusoni ku maso. Vyoba bikwiye kuguhagarika umutima?

ICO UKWIYE KUMENYA

Kubesha vyama ari bibi. Bibiliya ivuga yuko Imana yanka “ururimi rw’ikinyoma.” (Imigani 6:16, 17) Amategeko Imana yahaye Isirayeli yarahana bimwe vy’akarorero uwo wese yabesha mugenziwe.Abalewi 19:11, 12.

Ariko ibinyoma ntibingana. Umuntu arashobora kubesha kubera umutima mubi, arondera kugirira nabi uwundi. Arashobora kandi kubesha kubera gusa yatinye kumaramara canke guhanwa. (Itanguriro 18:12-15) Naho kubesha vyama ari bibi, ibinyoma birarutana. Bishitse umwana wawe akabesha, niwiyumvire imyaka afise n’icoba catumye abesha.

Igiti kigororwa kikiri gito. Umuhinga yitwa David Walsh yanditse ati: “Kuvuga ukuri, na canecane igihe biba bitoroshe, ni ikintu gihambaye abana bakwiye kwigishwa. Imigenderanire abantu bagiranira ishingiye ku kwizigirana. Nayo kubesha bituma abantu batizigirana.” *

Ariko rero, ntuhagarike umutima birenze. Kuba umwana wawe yabeshe ntibisobanura yuko agiye kuzoba umubeshi katwa. Niwibuke yuko Bibiliya ivuga iti: “Ubupfu buboheye ku mutima w’umwana.” (Imigani 22:15) Abana bamwebamwe baragaragaza ubwo bupfu mu kubesha, biyumvira ko ari bwo buryo bworoshe bwobakiza igihano. Uburyo rero uca uvyifatamwo burahambaye.

 ICO WOKORA

Gerageza gutahura igituma umwana wawe yabeshe. Kwoba ari ugutinya igihano? Kwoba ari ugutinya kukubabaza? Nimba na ho umwana wawe avuga inkuru zo kubesha kugira gusa atangaze abagenzi biwe, yoba abigira kubera ko akiri umwana, akaba ataramenya gutandukanya ibintu bibaho n’ibitabaho? Gutahura igituma umwana wawe yabeshe, biragufasha kumukosora mu buryo bubereye.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: 1 Ab’i Korinto 13:11, Bibiliya Yera.

Rimwe na rimwe, niwirinde gukoresha ikibazo. Urya muvyeyi twavuze mu ntango, yabajije umwana wiwe umukarira ati: “Ni wewe wakimenye?” Ariko yari azi neza ko uwo mwana ari we yakimenye. Uwo mwana yaciye abesha, kumbure kubera ugutinya ishavu rya nyina. Mugabo iyo uwo muvyeyi abwira gusa uwo mwana ati: “Ehe raba wakimenye!” ntakoreshe ikibazo, vyari gutuma uwo mwana atarondera kubesha. Vyongeye, yari kuba amufashije kwimenyereza kuvuga ukuri.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abakolosayi 3:9.

Muremeshe kuvuga ukuri. Mu bisanzwe abana baripfuza kunezereza abavyeyi babo. Bifatireko rero mu gufasha umwana wawe. Numusigurire yuko kuvuga ukuri ari ikintu gihambaye mu muryango wanyu, akaba ari co gituma witeze ko yokwama avuga ukuri.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abaheburayo 13:18.

Numutomorere yuko kubesha bituma abantu baba batacizigirana kandi ko bisaba igihe kirekire kugira ngo umuntu asubire kukwizigira. Numuremeshe kuvuga ukuri mu kuza uramukeza igihe cose avuze ukuri. Nk’akarorero, womubwira uti: “Biranezera cane iyo uvuze ukuri.”

Numubere akarorero. Dufate ko umwana wawe ahora yumva uvuga ngo: “Mubwire ko atari ho ndi” igihe umuntu aguterefonye mugabo ukaba udashaka kumuvugisha. Canke dufate ko ahora akwumva uvuga ngo: “Uno musi numva ntamerewe neza” kandi uba ushaka gusa kuguma i muhira ngo wiruhukire. None wumva wokwitega ko umwana wawe avugisha ukuri?—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Yakobo 3:17.

Niwisunge Bibiliya. Ingingo ngenderwako be n’inkuru z’ukuri biri muri Bibiliya birigisha kuba imvugakuri. Igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye, casohowe n’Ivyabona vya Yehova, kirashobora kugufasha kwigisha umwana wawe ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ikigabane ca 22 c’ico gitabu kivuga ngo “Igituma tudakwiye kubesha.” (Raba agace gatoyi k’ico kigabane mu ruzitiro ruvuga ngo “ Igitabu cofasha umwana wawe.”)

^ par. 11 Vyakuwe mu gitabu citwa No: Why Kids—of All Ages—Need to Hear It and Ways Parents Can Say It.