Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ukoresha neza ubuhinga bwa none?

Woba ukoresha neza ubuhinga bwa none?

Jenni yaratwawe umutima n’agakino ko kuri videwo. Avuga ati: “Ndakamarako amasaha umunani ku musi, ku buryo gasigaye ari ingorane vy’ukuri.”

Dennis yaragerageje kuraba ko yomara imisi indwi adakoresha internet n’utwuma twiwe tw’ubuhinga bwa none. Yamaze amasaha 40 gusa.

Jenni na Dennis ntiwibaze yuko ari imiyabaga. Jenni afise imyaka 40, akaba ari nyina w’abana bane. Dennis na we afise imyaka 49.

WOBA ukoresha ubuhinga bwa none? * Benshi barabukoresha, kandi nta kibi kirimwo. Utwuma dukoresha ubuhinga bwa none turafasha cane mu bijanye n’akazi, mu buzima bwa misi yose no mu vyo kwinezereza.

Ariko rero, cokimwe na Jenni be na Dennis, hari abantu benshi usanga baratwawe cane n’ubuhinga bwa none. Nk’akarorero, umwigeme w’imyaka 20 yitwa Nicole avuga ati: “Telefone ngendanwa yanje ni we mugenzi andutira bose. Birababaje ariko ni ko biri. Ntitwigera tuvana. Iyo ndi ahantu telefone idafata, mpakwa gusara. Inyuma y’iminota nka 30 gusa, numva nshashaye cane kuraba yuko ata butumwa banyandikiye. Emwe, ndateye isoni!”

Hari n’abaguma basuzuma mw’ijoro ko ata butumwa canke amakuru mashasha baronse. Abantu nk’abo, igihe baba batari kumwe n’utwuma twabo, barashobora kwumva umengo bararwaye. Abashakashatsi bamwebamwe bavuga ko ukwo ari ukuba umuja w’ubuhinga bwa none muri rusangi, canecane kuba umuja w’ubuhinga bwa internet canke w’akuma kanaka, nk’akarorero telefone ngendanwa. Hari abandi batinya kuvuga ko ari “ukuba umuja” bagashima kuvuga ko ari ingorane, ko ari ugutwarwa umutima n’ubuhinga bwa none canke ukubukunda birenze urugero.

Uko twovyita kwose, gukoresha nabi ubuhinga bwa none birashobora kuduteza ingorane. Mu miryango imwimwe, vyaratumye bataba bagishikirana cane. Nk’akarorero, hari umwigeme w’imyaka 20 yidoga avuga ati: “Papa nta na kimwe azi ku bijanye n’ubuzima bwanje. Ariyicarira muri salo akaguma yiyandikira ubutumwa kuri internet kandi ndiko ndamuvugisha. Yama umwanya wose ari kuri telefone yiwe. Papa ashobora kuba anyitwararika, ariko hari igihe mbona umengo ntanyitaho.”

Ibigo bifasha ababaye abaja b’ubuhinga bwa none

Mu bihugu bimwebimwe nk’Ubushinwa, Koreya y’Epfo, Ubwongereza na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, harashinzwe ibigo bifasha ababaye abaja b’ubuhinga bwa none. Muri ivyo bigo, abo bantu baramara imisi itari mike batemererwa gukoresha internet canke ivyuma vyo mu buhinga bwa none. Raba nk’akarorero ivyashikiye Brett, umusore avuga ko yigeze kuba amara amasaha ashika 16 ku musi akina udukino two kuri internet. Avuga ati: “Ngeze kuri internet, naca numva amaswingi nk’ay’umuntu yafashe ikiyayuramutwe.” Igihe yitura kimwe muri ivyo bigo, yari igishomeri, isuku yari yarahevye, icibagiwe co ni abagenzi. None wokora iki ngo nturinde kugera iyo hose?

NIWISUZUME. Niwisuzume kugira umenye ingaruka ubuhinga bwa none bugira ku buzima bwawe. Niwibaze ibibazo nk’ibi:

  • Noba nca mbura amahoro, kumbure nkanashavura ningoga, igihe mba ntashoboye gukoresha internet canke akuma kanje?

  • Noba nguma nkoresha internet canke akuma kanje nkarenza rwose umwanya nishingiye?

  • Noba ntasinzira bikwiye kubera ko nguma nsuzuma ko ata butumwa banyandikiye?

  • Uburyo nkoresha ubuhinga bwa none bwoba butuma ntitwararika abo mu muryango wanje? Uwobabaza bobivugako iki?

Nimba ubuhinga bwa none butuma utitwararika “ibihambaye kuruta ibindi,” nk’umuryango wawe canke ibindi bintu ujejwe, harageze ko uhindura ingendo. (Abafilipi 1:10) Wokora iki none?

NIWISHINGIRE AKARIMBI. Ikintu cose iyo kirenze urugero gica kiba kibi naho coba cari ciza. Rero waba ukoresha ubuhinga bwa none mu vy’akazi canke mu vyo kwinezereza, niwishingire umwanya udakwiye kurenza kandi uwumireko.

Icogufasha: Ubona gute usavye uwo mu muryango canke umugenzi ngo agufashe? Bibiliya ivuga iti: “Babiri baruta umwe, . . . kuko umwe muri bo aramutse aguye, uwundi arashobora kuvyura mugenziwe.”Umusiguzi 4:9, 10.

Ntureke ngo ivyiza vy’ubuhinga bwa none bitume uba umuja wabwo

Narirya utwuma dushasha two mu buhinga bwa none dutuma guhanahana amakuru vyoroha cane, abatadukoresha neza ntibazobura kwongerekana. Ariko rero, ntureke ngo ivyiza vy’ubuhinga bwa none bitume uba umuja wabwo. “[Niwi]cungurira umwanya,” uzoba wirinze gukoresha nabi ubuhinga bwa none.Abanyefeso 5:16.

^ par. 5 “Ubuhinga bwa none” buvugwa muri iki kiganiro, ni utwuma abantu bakoresha mu kurungikiranira ubutumwa, mu guterefona, mu kuraba amavidewo n’amafoto, mu kwumviriza umuziki, mu gukina udukino, n’ibindi.