Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

TWISUNZE BIBILIYA

Akamari

Akamari

Abantu bamwebamwe babona ko gukina akamari ata co bitwaye, abandi bakabona ko ari bibi.

Akamari hari ico gatwaye?

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abantu benshi babona ko akamari ari urukino rusanzwe, gakire gusa kuba kemewe n’amategeko. Ubwoko bumwebumwe bw’akamari kemewe n’amategeko, nk’akarorero amatombola atunganywa na Leta, butuma haboneka amahera yo gukoresha imigambi ifasha abanyagihugu.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Nta na hamwe Bibiliya ivuga akamari idomako. Mugabo irimwo ingingo ngenderwako zerekana ingene Imana ibona akamari.

Akamari gatuma umuntu yunguka amahera, ariko abandi bahomvye. Ivyo birateye kubiri n’impanuro Bibiliya iduha ivuga iti: “Mwirinde ubwoko bwose bw’umwina.” (Luka 12:15) Umwina uratuma abantu bakina akamari. Amashirahamwe atunganya inkino z’akamari abwira abantu yuko bazotsindira amahera menshi, ariko ntababwire yuko bafise amahirwe make yo gutsinda. Ivyo babigira kubera bazi yuko icipfuzo co gutunga gituma abakinyi benshi b’akamari basohora amahera menshi. Akamari ntigafasha abantu kwirinda umwina, ahubwo gatuma bipfuza kuronka amahera badacumukuye.

Mu bisanzwe, uwukina akamari aba yipfuza gutsindira amahera abandi bahomvye, ubwo bukaba ari ubwikunzi. Ariko Bibiliya iremesha umuntu wese ngo “ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.” (1 Abakorinto 10:24) Vyongeye, rimwe muri ya Mabwirizwa Cumi rivuga riti: “Ntukipfuze . . ikintu na kimwe ca mugenzawe.” (Kuvayo 20:17) Uwukina akamari ashashaye gutsinda, mu vy’ukuri aba yizigiye ko abandi bahomba amahera yabo kugira ngo we yunguke.

N’ikindi kandi, Bibiliya iratugabisha ngo ntitwizigire ko igihamana gishobora dutuma turonka imigisha mu buryo nsigabwenge. Muri Isirayeli ya kera, hari abantu baretse kwizera Imana, batangura “[gu]tunganiriza imeza imana y’Umugisha.” Ukwo kwizera “imana y’Umugisha” kwoba kwarahimbara Imana? Habe na gato. Yababwiye iti: “Mwagumye mukora ivyari bibi mu maso yanje, muhitamwo ikintu kitampimbara.”Yesaya 65:11, 12.

Mu bihugu bimwebimwe, amahera ava mu nkino z’akamari zemewe usanga akoreshwa mu bijanye n’indero, uguteza imbere ubutunzi, no mu yindi migambi ya Leta. Ariko rero, ico ayo mahera akoreshwa nta co gihindura ku kuntu aba yabonetse. Ayo mahera ava mu bintu biremesha agatima k’umwina n’ubwikunzi, bikongera bikaremesha abantu kurya ivyo batabiriye akuya.

“Ntukipfuze . . . ikintu na kimwe ca mugenzawe.”Kuvayo 20:17.

Akamari kagira ingaruka izihe ku wugakina?

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya itugabisha iti: “Abiyemeje kuba abatunzi bagwa mu kigeragezo no mu mutego no mu vyipfuzo vyinshi vy’ubupfu kandi bibagirira nabi, bidwibiza abantu mu gatikizo no mu mahonero.” (1 Timoteyo 6:9) Akamari kava ku mwina, umwina na wo ukaba ari mubi cane ku buryo Bibiliya ivuga ko “umunoho” canke umwina ari kimwe mu bintu dukwiye kwirinda rwose.Abanyefeso 5:3.

Kubera ko akamari karemesha umuntu gutunga adacumukuye, karatuma akunda amahera, Bibiliya na yo ikaba ivuga ko gukunda amahera ari “umuzi w’ibibi vy’ubwoko bwose.” Kwipfuza amahera birashobora kwiganzira umuntu, bigatuma agira amaganya menshi kandi ntabe acizera Imana. Bibiliya ivuga yuko abagwa mu mutego wo gukunda amahera “bitobekeranisha hose imibabaro myinshi.”1 Timoteyo 6:10.

Umwina utuma abantu badashima uko ivyabo vyifashe, ntibabumbwe n’ivyo bafise, bakabaho ata munezero bafise. “Inkunzi y’ifeza ntizohaga ifeza, eka n’inkunzi y’ubutunzi ntizohaga inyungu.”Umusiguzi 5:10.

Abantu benshi bakina akamari bahavuye baba abaja bako. Nk’akarorero, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika honyene, bagereranya ko ababaye abaja b’akamari baharurwa mu mamiliyoni. Ivyo vyerekana ko iyo ari ingorane ikwiye kw’isi yose.

Umugani umwe wo muri Bibiliya uvuga uti: “Intoranwa ibanza kuronkwa biciye ku munoho, . . . kazoza kayo ntikazohezagirwa.” (Imigani 20:21) Hari abaja b’akamari bagiye mu madeni y’umurengera canke batakaza utwabo twose, benshi muri bo barakurwa mu kazi, ingo zabo zirasambuka, n’abagenzi barabaherako. Gukurikiza impanuro Bibiliya itanga birashobora gukingira umuntu ingaruka akamari gashobora kugira ku buzima bwiwe no ku munezero wiwe.

“Abiyemeje kuba abatunzi bagwa mu kigeragezo no mu mutego no mu vyipfuzo vyinshi vy’ubupfu kandi bibagirira nabi, bidwibiza abantu mu gatikizo no mu mahonero.”1 Timoteyo 6:9.