Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 ICOFASHA UMURYANGO | URWARUKA

Ivyogufasha kwemera gukosorwa

Ivyogufasha kwemera gukosorwa

INGORANE

“Iyo umuntu agukosoye, mu bisanzwe aba ariko akubwira ko hari ico udakora neza. Nta n’umwe ndumva avuga ngo ‘Jewe ndaryoherwa cane iyo bambwiye ko hari ico ntakora neza!’ ”—Vyavuzwe na Amy, w’imyaka 17. *

Umuntu yanka gukosorwa ameze nk’umudereva w’indege yanka kwumviriza ubuyobozi ahabwa n’abakurikirana uruja n’uruza rw’indege. Bishobora kugira ingaruka zikomeye.

Vyoba bikugora kwemera gukosorwa n’abavyeyi bawe, abigisha bawe canke abandi bantu bakuze? Nimba bikugora, iki kiganiro kiraza kugufasha.

ICO UKWIYE KUMENYA

Twese turakenera gukosorwa.

“Twese dutsitara kenshi.”Yakobo 3:2.

“Iyo ukoze ikosa bikaba ngombwa ko ukosorwa, nta giteye isoni kiba kirimwo.”—Vyavuzwe na Jessica.

Gukosorwa ntibisobanura ko ata co umaze.

“Uwo Yehova * akunda a[ra]mukangira, nk’uko se akangira umwana amuhimbara.”Imigani 3:12.

“Iyo bankosoye, ndagerageza kuzirikana ku kuntu bitegerezwa kuba bibasaba akigoro, nkazirikana n’urukundo baba bagaragaje mu kumpanura.”—Vyavuzwe na Tamara.

Gukosorwa birashobora kugufasha kugira ivyo uryohoye.

“Nimwumvirize indero, mube inkerebutsi.”Imigani 8:33.

“Gukosorwa birafasha umuntu gukura. Biragufasha gutahura ukuntu abandi bakubona, bikagufasha no gutsinda utugeso ushobora kuba waratsimbataje utanabizi.”—Vyavuzwe na Deanne.

 ICO WOKORA

Nugerageze kubona ibintu mu buryo bwiza. Iyo ukosowe, woshobora guca ushavura. Mugabo nugerageze gutsinda agashavu. Kugira bikworohere, nuhindukize ivyiyumviro, ufate ko uriko uraha iyo mpanuro nyene uwundi muntu, kumbure murumunawe. Hoba hari iciza na kimwe uciye ubona muri iyo mpanuro? Ubu na ho nusubire wiyumvire ibikwerekeye, ugerageze kubona ibintu muri ubwo buryo nyene.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Umusiguzi 7:9.

“Iyo hagize uwugukosora, hari igihe uca ushavura ukibagira yuko uwo muntu atarondera kukubabaza, ko yarondera nyabuna kugufasha kugira ivyo uryohoye.”—Vyavuzwe na Theresa.

Niwicishe bugufi. Ntureke ngo ubwibone butume wanka gukosorwa. Ariko kandi ntuce wihebura rwose kubera gusa hari ivyo ukeneye kuryohora. Kwicisha bugufi bizokurinda ivyo bintu uko ari bibiri. Niwibuke iki kintu: Impanuro ibabaza cane yoshobora kuba ari yo ukeneye cane. Ariko uramutse wanse iyo mpanuro, uzoba uhomvye akaryo keza cane ko gukura.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 16:18.

Impanuro ibabaza cane yoshobora kuba ari yo ukeneye cane

“Kwemera gukosorwa ni ikintu gihambaye kidufasha gukura mu vyiyumviro. Igihe twanse gukosorwa ngo tubone gukura, impera n’imperuka ni twe bigirira nabi.”—Vyavuzwe na Lena.

Nukenguruke. Naho woba ubona ko impanuro wahawe igoye kwemera, ubona gute ushimiye uwayiguhaye? Nta gukeka ko uwo muntu aba vy’ukuri akwipfuriza ineza n’ukuroranirwa.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Zaburi 141:5.

Kuvuga ngo ‘urakoze’ vyama ari vyiza, na canecane igihe uba wahawe impanuro uyikeneye. Naho utoba wari uyikeneye, nugaragaze umutima mwiza ukenguruke akigoro uwo muntu yagize ko kugutumbera.”—Vyavuzwe na Carla.

^ par. 4 Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

^ par. 11 Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.