Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Nuyage n’umwana wawe ivyerekeye igitsina

Nuyage n’umwana wawe ivyerekeye igitsina

INGORANE

Aho ha mbere vyaroroha ko abavyeyi ari bo batangura kuyaga n’abana babo ibijanye n’igitsina. Baca babibasigurira bukebuke baravye urugero rw’umwana n’ivyo akeneye kumenya.

Ariko aho hari kera. Igitabu kimwe kivuga giti: “Abana batangura kwumva canke kubona ivy’igitsina bakiri bato cane, kandi ibintu vyo kwisamaza bigenewe abana biguma birushiriza gushirwamwo ivy’igitsina.” Ivyo vyoba bifasha abana canke bibagirira nabi?

ICO UKWIYE KUMENYA

Ivy’igitsina bisigaye ari ikiza. Umwanditsi yitwa Deborah Roffman yanditse ati: “Ibiyago, amahayanishwa, amasinema, ibitabu, indirimbo, ibiganiro vyo kuri televiziyo, ibisomwa, udukino, ivyapa, telefone na orodinateri bisigaye bishirwamwo cane ivy’igitsina haba mu mashusho, mu majambo canke mu bundi buryo bwihishije. Ivyo bitegerezwa kuba bituma abana benshi ata n’ukubica n’ikanda basigara babona ko ivy’igitsina bibwirizwa kuba . . . ari vyo bihambaye kuruta ibindi vyose.”

Abadandaza barabifisemwo uruhara. Abahayanisha ibidandazwa hamwe n’abadandaza baragurisha uduhuzu tw’abana tutaranga urupfasoni, bigatuma abana batangura kwiyumvira cane ivy’ubwiza bakiri bato rwose. Igitabu kimwe cavuze giti: “Abadandaza barazi aho abana barwaye, baca rero babikorerako. Ivyo bidandazwa n’amahayanishwa afatira ku vy’igitsina, ahanini ntibiba bifise intumbero yo kujana abana mu vy’igitsina [ahubwo] ni iyo gutuma bipfuza ibintu bishasha.”

Kumenya ikintu ntibihagije. Kumenya ingene imodoka ikora si ko kumenya kuyitwara neza. No kumenya ibijanye n’igitsina si ko kumenya gufata ingingo zibereye mu vy’inyifato runtu.

Muri make: Muri iki gihe, birakenewe cane ko wigisha abana bawe gukoresha “ububasha bwabo bwo gutegera” kugira ngo bashobore “gutandukanya iciza n’ikibi.”​—Abaheburayo 5:14.

ICO WOKORA

Nimubiyage. Naho kuyaga ivy’igitsina n’abana bawe womengo birateye isoni, ni ibanga ujejwe. Nuryemere.​—Iciyumviro co muri Bibiliya: Imigani 22:6.

Genda bukebuke. Ntubwire umwana wawe ibintu vyinshi icarimwe, ahubwo za urayaga na we bukebuke mu biringo bisanzwe, nk’iyo muri ku rugendo canke mu dukorwa two muhira. Mubaze utubazo tumufasha guserura iryo agona. Nk’akarorero aho kumubaza ngo “Amashusho nk’ayo arakuryohera?” womubaza uti: “Wibaza ko ari kubera iki abahayanisha ibidandazwa bakoresha amashusho mwene ayo?” Amaze kwishura urashobora kumubaza uti: “Wewe ubibona gute?”​—Iciyumviro co muri Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7.

Raba imyaka umwana afise. Abana bataragera kuja kw’ishure urashobora kubigisha amazina yisoneye y’ibihimba vy’irondoka n’ingene bokwikingira uworondera kubahumbisha. Uko bakura, urashobora kubasigurira muri make ibijanye n’irondoka. Bakwiye kugera mu buyabaga bamaze kumenya ibitari bike ku bijanye n’igitsina be n’inyifato runtu.

Bereke iciza n’ikibi. Banza wigishe umwana wawe kuva akiri muto akamaro ko kugendera ubuntu, kwiyubahiriza no kuba imvugakuri. Hageze rero ko muyaga ivy’igitsina, uzoba warashizeho umushinge mwiza. Vyongeye mutomorere ivyo ubona ko ari vyiza canke bibi. Nk’akarorero nimba ubona ko guhuza ibitsina umuntu atarubaka ari bibi, bimubwire. Musigurire igituma ari bibi n’ingaruka vyozana. Igitabu kimwe kivuga ngo: “Abana b’imiyabaga bavuga ko bazi neza yuko abavyeyi babo banka ko imiyabaga ihuza ibitsina, usanga vyoroshe ko bavyirinda.”

Tanga akarorero keza. Nukurikize ivyo wigisha abana bawe. Nk’akarorero, ibijajuro biteye isoni vyoba bigutwenza? Woba wambara mu buryo butaranga urupfasoni? Woba uhora umenyerana cane n’abo mudasangiye igitsina? Ivyo vyoshobora gutuma abana bawe badaha agaciro ivyo ubigisha.​—Iciyumviro co muri Bibiliya: Abaroma 2:21.

Ntugume werekana ibibi gusa. Amabanga mpuzabitsina ni ingabire iva ku Mana ishobora gutuma umuntu ahimbarwa cane igihe ayaranguye mu buryo bubereye, ni ukuvuga mu mubano w’ababiranye. (Imigani 5:18, 19) Sigurira umwana wawe yuko hazogera igihe akanezererwa iyo ngabire atiriwe arikwegera intuntu n’umubabaro bishikira abahuza ibitsina batarubaka.​—1 Timoteyo 1:18, 19.