Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Ubwo buryo bwo kwigisha ni bwo!”

“Ubwo buryo bwo kwigisha ni bwo!”

UMUHANUZI mu vy’indero yitwa Soo-jeong wo muri Koreya y’Epfo, yarakoresheje amavidewo yo ku rubuga jw.org mw’isomero yigishamwo. Avuga ati: “Abanyeshure barakunda cane ividewo ivuga ngo Umugenzi nyakuri ameze gute? Bamaze kuyiraba hari abaca bavuga ngo ‘Sinari bwigere niyumvira ivy’ubugenzi gutyo. Ubwo buryo bwo kwigisha ni bwo!’ Hari abavuze ko igihe cose bazokenera impanuro bazoja kuri urwo rubuga.” Soo-jeong yongerako ati: “Iyi videwo narayibwiye abandi barimu benshi kandi baranezerewe no kuronka igikoresho ciza nk’ico bokwikorako mu kwigisha.”

Iyindi videwo abanyeshure benshi bo muri Koreya y’Epfo bakunze ni imwe isigura ibintu bariko barabicapa ivuga ngo Nuneshe uwugutoteza utamuriye n’urwara. Umwigisha umwe akorana n’ikigo kijejwe gukinga amabi akorerwa urwaruka yarayeretse umugwi umwe w’abanyeshure. Yavuze ati: “Iyo videwo irashimisha cane abakiri bato benshi kubera ukuntu amashusho yayo atunganijwe neza. Ariko kandi ni kirumara kubera yerekana ingene umuntu yovyifatamwo igihe akorewe amabi, igatako igasigura n’ingene yoyirinda.” Ico kigo carasavye uruhusha rwo gukoresha iyo videwo mu nyigisho gitanga mu mashure menshi y’intango n’ayisumbuye. Barabemereye. N’indongozi mu gipolisi zirakoresha amavidewo yo kuri jw.org.

Nimba utaragendera urwo rubuga, ubona gute ubigize? Ruroroshe gukoresha kandi ibintu vyose ushobora kuvoma kuri urwo rubuga, vyaba ari ivyafashwe amajwi, amavidewo, Bibiliya n’ibindi bitabu, ubivoma ku buntu.