Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Icogufasha kwimenyereza ibintu vyiza

Icogufasha kwimenyereza ibintu vyiza
  • ISAHA ya Austin iravugije agakengeri ko kumuvyura. Naho agifise itiro, aciye avyuka ningoga, yambara impuzu za siporo yaraye ateguye, maze aja kwinonora imitsi gatoyi. Ivyo amaze umwaka wose abigira, gatatugatatu mu ndwi.

  • Laurie ahejeje gushwana n’umugabo wiwe. Kubera ibishavu, aciye yitera mu gikoni arondera ivyo arya. Ukwo ni ko yama abigira igihe cose ashavuye.

Austin na Laurie bahuriye ku ki? Baba babizi canke batabizi, bompi bakora ivyo bintu kubera akamenyero.

Weho bite? Hoba hari akamenyero keza woshima kugira mu buzima bwawe? Ushobora kuba ufise umugambi wo kwama winonora imitsi, gusinzira bihagije canke kurushiriza kwitaho incuti n’abagenzi.

Ku rundi ruhande, kumbure woshima guheba akamenyero kabi, nk’ukunywa itabi, gufungura cane ibintu ata co bimarira umubiri, kumara umwanya munini kuri internet n’ibindi.

Tuvugishije ukuri, ntivyoroshe guheba akamenyero kabi. Biroroshe kugatangura ariko kugaheba ni urugamba. Nakare barayamaze ngo “Agatoke kamenyereye gukomba kama gahese.”

None wokora iki ngo wimenyereze ivyokugirira akamaro aho kuguma ku bikugirira nabi? Raba ibintu bitatu bishingiye ku mpanuro Bibiliya itanga.