Ja ku birimwo

Estoniya irashima “igikorwa gikomeye caranguwe”

Estoniya irashima “igikorwa gikomeye caranguwe”

Bibiliya y’isi nshasha mu kinyestoniya yaracaguwe kugira ihiganirwe agashimwe k’umwaka wa 2014 gatangwa ku bw’ibikorwa vyo guteza imbere ururimi muri Estoniya. Iyo Bibiliya yabaye iya gatatu mu bintu 18 vyashitse mu gice ca nyuma c’ihiganwa.

Kristiina Ross, umuhinga mu vy’indimi ari mu rwego rujejwe guteza imbere ururimi rw’ikinyestoniya, ni we yashize muri iryo higanwa iyo Bibiliya nshasha yasohotse ku wa 8 Myandagaro 2014. Yavuze ko Bibiliya y’isi nshasha “yoroshe kandi iryoshe gusoma.” Yongeyeko ati: “Igikorwa caranguwe kugira iboneke cararyohoye cane ubuhinduzi muri Estoniya.” Rein Veidemann, akaba yigisha muri kaminuza ururimi n’imico kama vy’Abanyestoniya, yavuze ko iyo Bibiliya y’isi nshasha ari “igikorwa gikomeye caranguwe.”

Bibiliya ya mbere mu kinyestoniya yabonetse mu 1739, kandi inyuma y’aho harahinduwe n’izindi. None ni kubera iyo Bibiliya y’isi nshasha ari “igikorwa gikomeye caranguwe”?

Ntigira amahinyu. Bibiliya izwi cane mu kinyestoniya yasohotse mu 1988 yarahinduye mu buryo bwiza izina ry’Imana ngo “Jehoova” (Yehova) incuro zirenga 6.800 mu Vyanditswe vy’igiheburayo, ibikunze kwitwa Isezerano rya kera. * Bibiliya y’isi nshasha mu kinyestoniya yoyo yakoze ibiruta ivyo. Irakoresha izina ry’Imana no mu Vyanditswe vy’ikigiriki, ibikunze kwitwa Isezerano rishasha, igihe cose hari impamvu zumvikana zo kubigira.

Iroroshe gusoma. Bibiliya y’isi nshasha yoba itagira amahinyu kandi ikaba yoroshe gusoma? Toomas Paul, akaba ari umuhinduzi wa Bibiliya yubahwa, yanditse mu kinyamakuru kimwe (Eesti Kirik) ko Bibiliya y’isi nshasha “yahinduwe mu kinyestoniya coroshe.” Yongeyeko ati: “Ndashobora kwemeza ko iyo ntumbero ari ryo rya mbere ishitsweko.”

Bariko barungukira kuri Bibiliya ihinduwe mu kinyestoniya

Abanyestoniya bakiranye igishika iyo Bibiliya y’isi nshasha. Radiyo y’igihugu yaragize ikiganiro c’iminuta 40 gihariwe iyo Bibiliya nshasha. Abakuru b’idini n’abandi bantu basenga bararondeye Ivyabona vya Yehova kugira baronke iyo Bibiliya. Hari ishure rikomeye ry’i Tallinn ryasavye Bibiliya 20 kugira zikoreshwe mu vyigwa. Abanyestoniya barakunda gusoma ibitabu, kandi Ivyabona vya Yehova barahimbarwa no kubaha igitabu ciza kuruta ibindi vyose cahinduwe mu buryo butagira amahinyu kandi coroshe gusoma.

^ ing. 5 Ain Riistan, arongoye ivyigwa bijanye n’Isezerano rishasha kuri kaminuza y’i Tartu, amaze kuvuga ingene vyagenze kugira Abanyestoniya baze baratura izina ry’Imana ngo “Jehoova,” yaciye asozera ati: “Nibaza ko ijambo Jehoova ari ryo ribereye muri iki gihe. Tutiriwe turaraba inkomoko yaryo, iryo jambo . . . ryamye rifise insobanuro ikomeye kuva kera na rindi. Jehoova ni ryo zina ry’Imana yarungitse umwana wayo kurokora abantu.”