Ja ku birimwo

Ugushikiriza impapuro z’umutsindo umugwi ugira 138 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi

Ugushikiriza impapuro z’umutsindo umugwi ugira 138 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi

Ku wa 14 Ntwarante 2015, mu kigo ntanganyigisho c’i Patterson muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ni ho umugwi ugira 138 w’abanyeshure basohotse Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi baronka impapuro z’umutsindo. Abari bahishikiye be n’abakurikiranye ivyo birori kuri internet, bose hamwe bari 14.000. Ivyo birori vyatanguwe n’umuziki w’indirimbo zine nshasha baririmvye uwo musi. *

Geoffrey Jackson, wo mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, ni we yari ahagarikiye ivyo birori. Mw’ijambo ryiwe ry’intangamarara, yaremesheje abo banyeshure kutigungirako ubumenyi n’ukumenyerezwa baronse, ahubwo ko botuma bigirira akamaro abandi.​—2 Timoteyo 2:2.

Umuvukanyi Jackson yaciye atanga akarorero ka Musa. Ubwa mbere, ihema rya Musa ni ryo ryari intimatima y’ugusenga mw’ihanga rya Isirayeli. Ariko mu nyuma, igihe itaberenakulo yaheza kwubakwa, ni yo yaciye iba intimatima y’ugusenga kw’ukuri. Biboneka ko Musa atari yemerewe kwinjira Aheranda Rwose muri iyo taberenakulo kuko ako gateka kegukira gusa umuherezi mukuru. Ariko nta ho Bibiliya ivuga ko Musa yoba yaridodomvye, ahubwo yarashigikiye adahemuka Aroni muri iryo banga rishasha ry’umuherezi mukuru. (Kuvayo 33:​7-​11; 40:34, 35) Umuvukanyi Jackson yaravuze icigwa twohakura ati: “Nimuhe agaciro uduteka twose mufise, ariko ntimutwigungireko.”

“Woba uzokangwa n’urwamo rw’ibabi?” Uwo ni wo mutwe w’insiguro yashikirijwe n’umuvukanyi Kenneth Flodin, uno akaba afasha muri Komite Nshingwanyigisho y’Inama Nyobozi. Yabwiye abo banyeshure ko bashobora kuzoshikirwa n’ibintu bisa n’ibiteye ubwoba nk’uruhamo canke gushingwa amabanga atoroshe. Afatiye ku majambo ari mu Balewi 26:36, yababwiye abo banyeshure ko hamwe boshikirwa n’ibigeragezo mwene ivyo, bobifata nk’aho ari urwamo rw’ibabi ryumye, ntibiyumvire ko badashobora kuvyihanganira. Yaciye abaha akarorero k’intumwa Paulo, uwashoboye kwihanganira ingorane nyinshi kubera ko yizigira Yehova.​—2 Abakorinto 1:​8, 10.

“Uriko urondera iki?” Uwo ni umutwe w’insiguro yakurikiye yashikirijwe na Mark Sanderson, wo mu Nama Nyobozi. Yaciye irya n’ino icanditswe co mu Migani 13:12, kivuga giti: “Ivyitezwe iyo vyigijwe inyuma birwaza umutima.” Ikibabaje, ni uko abantu benshi bavunika umutima ubuzima bwabo bwose kubera imigambi bishingiye batayishitseko, nko kuba abatunzi canke ba rurangiranwa.

Mu gihe ca Yezu, hari abari biteze ibitari vyo ku vyerekeye Yohani Umubatizi. (Luka 7:​24-​28) Nk’akarorero, bashobora kuba bari biteze ko yobaye ari umufilozofe yobatangaje n’inyigisho z’amayobera. Abari biteze ivyo, bashobora kuba baravunitse umutima kubera ko Yohani yashikiriza ubutumwa butomoye bwerekeye ukuri. Abandi na bo bari biteze ko yobaye ari umugabo yambara inyambarabami. Ariko Yohani we yambara impuzu z’aboro. Ariko abari biteze ko yobaye ari umuhanuzi, ntibavunitse umutima kuko Yohani atari umuhanuzi gusa ahubwo yari n’integuza ya Mesiya!​—Yohani 1:​29.

Mu gutanga icigwa kirimwo, umuvukanyi Sanderson yarahimirije abanyeshure kurondera ibibereye. Aho kurondera ivyubahiro canke gufatwa mu buryo budasanzwe kubera imirimo barangura, bakwiye nyabuna gutuma ukumenyerezwa baronse kugirira akamaro abandi. Ivyo barashobora kubigira mu kuyagira abandi ivyo bize mw’Ishure rya Gileyadi, mu gukomeza ukwizera kwabo, mbere no mu kubakunda. Umuvukanyi Sanderson yababwiye ati: “Nimwarondera kuba abasuku baciye bugufi b’abavukanyi na bashiki banyu kandi mugakora uko mushoboye kwose ivyo Yehova agomba, ntimuzokwigera muvunika umutima.”

“Nimugaburire abashonje.” Uwo ni wo umutwe w’insiguro yashikirijwe na James Cauthon, umwigisha ari mu Rwego rujejwe amashure y’ivya gitewokarasi. Yaravuze yuko nka kurya umuntu wese akenera ibifungurwa, ari ko abantu bose bakenera gukundwa no gukezwa. Mbere ivyo na Yezu yari abikeneye, kandi Yehova yarabimuronkeje mu kumubwira amajambo akora ku mutima igihe yabatizwa.​—Matayo 3:​16, 17.

Yehova yaturemanye ubushobozi bwo gukomeza no kuremesha abandi biciye ku majambo tuvuga, kandi yipfuza ko tubukoresha. (Imigani 3:​27) Umuvukanyi Cauthon yahimirije abo banyeshure ati: “Nimwimenyereze kurondera ivyiza mu bandi kandi ntimuze mugishe akaryo ko kubakeza,” kuko dukeje bivuye ku mutima abo dusangiye ukwizera bituma babona ko duha agaciro utwigoro bagira.

“Gushika kw’ima rya nyuma.” Iyo ni insiguro yakurikiye yashikirijwe na Mark Noumair, afasha muri Komite Nshingwanyigisho. Yahanuye abo banyeshure ko badakwiye kwumva ko bashize akanyota ngo ni uko baranguye ibikorwa bike bibayabaye, ahubwo ko bokwigana Paulo mu kwitanga batiziganya ku bw’abandi, kuko ari vyo bizotuma bagira umunezero nyawo.​—Abafilipi 2:​17, 18.

N’igihe Paulo yaba ari mu ngorane, ntiyatana n’akabando. Kuba yagumye yitanga atiziganya gushika ku nsozero y’ubuzima bwiwe, ni nk’aho yitanze gushika kw’ima rya nyuma. Yarashoboye rero kuvuga atabeshe ati: “Narirutse mw’isiganwa kugeza kw’iherezo.” (2 Timoteyo 4:​6, 7) Umuvukanyi Noumair yaremesheje abo banyeshure kwigana Paulo mu kurangura badahemuka imirimo y’Ubwami bazoshingwa.

Ikiganiro c’ivyabonywe. Cari gihagarikiwe na Michael Burnett, umwigisha mw’Ishure rya Gileyadi. Abanyeshure baragize udukino dusubiramwo ivyabashikiye mu gikorwa co kwamamaza baranguye mu kiringo c’iryo shure.

Incuro n’izindi, bariboneye ivyiza biva ku kutagisha akaryo ko gushinga intahe be no kwihatira kuyagisha abantu mu “rurimi rubakora ku mutima,” ari rwo rurimi rwabo kavukire. Nk’akarorero, umunyeshure umwe yari yabwiwe ko mu karere yipfuza kujamwo kwamamaza harimwo abantu benshi bavuga igisupanyoli. Rero umusi umwe, imbere y’uko aja kwamamaza, yabanje kwiga amajambo makeyi yo muri urwo rurimi biciye kuri ya programe yo kwiga indimi yitwa JW Language. Kuri uwo musi nyene, yarahuye mw’ibarabara n’umugabo avuga igisupanyoli. Akoresheje ka gasupanyoli gakeyi yiga, yaraganirije uwo mugabo, mu nyuma na ho atangura kwigana na we Bibiliya be n’abandi bane bo mu muryango wiwe.

Ikiganiro co kubaza ibibazo. Ubukurikira, William Turner, afasha muri Komite y’umurimo y’Inama Nyobozi, yarabajije abanyeshure bane ibijanye n’ivyo baciyemwo imbere y’uko baza kuri Gileyadi be n’ivyo bungukiye kuri iryo shure.

Abo banyeshure baravuze ibintu biremesha bigiye muri iryo shure. Nk’akarorero, umwe muri bo yaravuze ivyo yigiye ku nkuru iri muri Luka ikigabane ca 10. Igihe Yezu yatuma ba bigishwa 70 kwamamaza, bagarukanye umunezero kubera ko bari baroranirwe. Ego ni ko Yezu vyaramuhimbaye, ariko yababwiye ko umunezero wabo udakwiye kuba ushingiye gusa ku biva ku bikorwa barangura ahubwo ko ahanini ukwiye kuva ku kuba bazi ko Yehova ashima utwigoro bagira. Ivyo biratwibutsa ko umunezero nyakuri utavana n’ukuntu ivyacu vyifashe ahubwo ko uva ku kuba dushimwa na Yehova.

Umuvukanyi Turner, afatiye ku majambo ari mu Bafilipi 1:6, yarakuye amazinda abo banyeshure ko Yehova atazokwigera abaheba kuko ari we yatanguye “igikorwa ciza” muri bo.

“Nugumize amaso yawe kuri Yehova.” Uwo ni wo mutwe w’ijambo nyamukuru ryashikirijwe na Samuel Herd wo mu Nama Nyobozi. Yaravuze ko ata muntu ashobora kubona Imana amaso mu yandi. Ariko rero, turashobora kugumiza amaso yacu kuri yo. Uti bishoboka gute?

Uburyo bumwe dushobora kubona Yehova ni mu kwihweza ivyo yaremye kuko bitwigisha ibimwerekeye. N’ikindi kandi, Yehova ‘yaramurikiye amaso y’umutima wacu’ biciye kw’ijambo ryiwe Bibiliya. (Abanyefeso 1:​18) Uko turushiriza kuyisoma, ni ko turushiriza kumumenya, bigatuma turushiriza kumwiyegereza.

Turakwiye canecane gusuzuma twitonze ibivugwa mu Njili kuko bidufasha kubona neza Yehova biciye ku vyo Umwana wiwe yavuze n’ivyo yakoze. Yezu yari ameze neza na neza nka Yehova ku buryo yavuze ati: “Uwubonye jewe aba abonye na Data.”​—Yohani 14:9.

Umuvukanyi Herd yabwiye abari aho ko badakwiye gusa kuraba Yehova biciye ku kwihweza Yezu, ariko kandi ko bakwiye kwigana akarorero kiwe. Nk’akarorero, nk’uko Yezu yakoze agatama mu kugaburira abandi, ni ko na twe dukwiye gukora tutiziganya mu gusangira n’abandi imfungurwa zo mu vy’impwemu, ari bwo bumenyi twaronse.

None ni ivyiza ibihe biva ku kugumiza amaso kuri Yehova? Bituma dushira amazinda nk’uyu mwanditsi w’amazaburi, uwanditse ati: “Nashize Yehova imbere yanje nantaryo. Kubera ko ari iburyo bwanje, sinzonyiganyizwa.”—Zaburi 16:8.

Insozero. Abanyeshure bahejeje kuronka impapuro zabo z’umutsindo, umwe muri bo yaciye asoma ikete rikora ku mutima banditse ryo gukenguruka. Maze umuvukanyi Geoffrey Jackson yasozereye abwira abo banyeshure ko badakwiye kwibaza ko ibintu vyose bazokwigisha bikwiye kuba ari bishasha canke bidasanzwe. Akenshi bazosanga ari ukwibutsa abavukanyi na bashiki babo ibintu bari basanzwe bazi. Yaranashimitse ku kamaro ko kwicisha bugufi. Aho kwishira imbere mu kwama bahayagiza ivyo bize mw’Ishure rya Gileyadi, bakwiye nyabuna kuremesha abo basangiye ukwizera kwikora kuri Bibiliya no ku bisohokayandikiro basanzwe bafise. Gutyo bizotuma badaca intege abatazokwigera baronka akaryo ko kwitaba Ishure rya Gileyadi. Abari bitavye ivyo birori bose bahavuye bakomejwe kandi biyemeje gukorera abo basangiye ukwemera.

^ ing. 2 Bari bazironse mu ntango y’indwi yabereyemwo ivyo birori.

^ ing. 32 Si ibihugu vyose vyerekanywe kuri iyo karata.

^ ing. 34 Si bose bari kuri uru rutonde.