Ja ku birimwo

Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova basubira kugendera uwababwiye ko ata vyo ashaka?

Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova basubira kugendera uwababwiye ko ata vyo ashaka?

 Ivyabona vya Yehova barahimbarwa no kubwira abantu bose ubutumwa bwo muri Bibiliya harimwo n’ababa barababwiye ko “ata vyo bashaka”. Ivyo babitumwa n’urukundo bakunda Imana n’abantu. (Matayo 22:37-39) Urukundo dukunda Imana rutuma tugamburuka itegeko Umwana wayo yaduhaye ryo “gushinga intahe inogangije.” (Ivyakozwe 10:42; 1 Yohani 5:3) Ivyo kugira tubishikeko ntidushira abantu ubutumwa rimwe gusa, ahubwo tuguma dusubirayo nk’uko vyari ku bo Imana yakoresha mu bihe vya kera. (Yeremiya 25:4) Kubera ko dukunda abantu, turababwira “inkuru nziza y’ubwami” irokora ubuzima harimwo mbere n’ababa baratubwiye ko ata vyo bashaka.—Matayo 24:14.

 Kenshi turaronka uwushimishwa iyo dusubiye mu mihana irimwo uwatubwiye ko ata vyo ashaka, kubera imvo zitatu:

  •   Harashobora kuza abandi bantu.

  •   Abandi bo muri urwo rugo barashobora gushimishwa n’ubutumwa bwacu.

  •   Abantu barahinduka. Ibintu biba mw’isi canke ibihe umuntu arimwo birashobora gutuma abona ko ‘akeneye ivy’impwemu’, maze agashimishwa n’ubutumwa bwo muri Bibiliya. (Matayo 5:3) Nka kumwe kw’intumwa Paulo, abaturwanya barashobora guhinduka.—1 Timoteyo 1:13.

 Ariko rero, ntitwigera duhatira umuntu kwumviriza ubutumwa bwacu. (1 Petero 3:15) Turazi ko umwe wese ari we yifatira ingingo ku bijanye n’ivyo yemera.—Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20.