Ja ku birimwo

Kubera iki Ivyabona vya Yehova birinda kugira uruhara mu misi mikuru y’igihugu?

Kubera iki Ivyabona vya Yehova birinda kugira uruhara mu misi mikuru y’igihugu?

 Ivyabona vya Yehova barubaha intwaro z’igihugu hamwe n’ibimenyetso biziranga. Turemera ko abandi bafise uburenganzira bwo gusubiramwo amajambo yo kwerekana ko bihebeye igihugu, kuramutsa idarapo canke kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu.

 Naho ari ukwo, Ivyabona vya Yehova bahitamwo kutagira uruhara muri mwene ivyo birori kubera ko twemera yuko bidashingiye kuri Bibiliya. Turabikenguruka igihe abandi bubahiriza ivyo twemera nk’uko natwe twubahiriza ivyo abandi bemera.

Ng’ibi ivyo tuza kubona muri iki kiganiro

 Bibiliya ibivugako iki?

 Ng’ibi ibintu bibiri Bibiliya yigisha twisunga mu gufata ingingo:

  •   Imana yonyene ni yo ibereye gusengwa. Bibiliya ivuga iti: “Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.” (Luka 4:8) Amajambo yo kwerekana ko wihebeye igihugu hamwe n’indirimbo zihayagiza igihugu akenshi usanga birimwo imvugo yerekana ko umuntu azokwihebera igihugu kuruta ibindi vyose. Rero, Ivyabona vya Yehova babona ko bitabereye kugira uruhara muri mwene ivyo birori.

     Vyongeye, Ivyabona vya Yehova babona ko kuramutsa idarapo ari cokimwe no kuyisenga canke gusenga ibigirwamana, ivyo na vyo Bibiliya ikaba ivyiyamiriza. (1 Abakorinto 10:14) Abatohozakahise bamwebamwe baremeza ko amadarapo y’ibihugu ari ibimenyetso vy’idini. Umutohozakahise yitwa Carlton J. H. Hayes a yavuze ati: “Ikimenyetso nyamukuru c’ugukunda igihugu kigaragaza ukwizera kandi gisengwa cane, ni idarapo.” Ku bijanye n’abakirisu bo mu ntango, umwanditsi Daniel P. Mannix yavuze ati: “Abakisu baranka . . . gutanga amashikanwa yashikanirwa umwami w’abami w’Uburoma bikaba ari cokimwe no kuramutsa idarapo b muri iki gihe.”

    Naho Ivyabona vya Yehova bataramutsa idarapo, ntibigera bayifata nabi, bayiturira canke ngo bayisuzugure mu buryo na bumwe kandi uko ni ko babigenza no ku bindi bimenyetso vy’igihugu.

  •   Abantu bose barangana ku Mana. (Ivyakozwe 10:34, 35) Bibiliya ivuga ko Imana “yakoze amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe.” (Ivyakozwe 17:26) Kubera iyo mvo, Ivyabona vya Yehova babona ko bitabereye gushira hejuru ubwoko bumwe bw’abantu canke ubwenegihugu kanaka kuruta ubundi. Turatera iteka abantu bose tutaravye aho bava canke aho baba.​—1 Petero 2:17.

 Bite ho igihe ari igisabwa n’amategeko kugira uruhara muri iyo misi mikuru?

 Ivyabona vya Yehova ntibarwanya intwaro. Turemera ko intwaro zihari ari “indinganizo y’Imana,” ikaba rero yararetse zikaba ziratwara. (Abaroma 13:1-7) Turemera kandi ko abakirisu bakwiye kugamburukira abategetsi.​—Luka 20:25.

 Bite ho igihe amategeko y’igihugu abasavye gukora ibirenga ku mategeko y’Imana? Mu bihe bimwebimwe, bisunze amategeko, barasaba intwaro kugira ivyo zihinduye mu mategeko y’igihugu. c Igihe ata gihindutse, Ivyabona vya Yehova barahitamwo “kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.”​—Ivyakozwe 5:29.

 Ivyabona vya Yehova boba bagira aho bahengamiye mu vya politike canke mu kibano?

 Oya. Ivyabona vya Yehova ntibagira aho bahengamiye mu vya politike no mu kibano. Igihe twirinda gusubiramwo amajambo yo kwerekana ko twihebeye igihugu, kuramutsa idarapo canke kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu, si kubera tuba dufise aho duhagaze mu vya politike. Ahubwo, tuba turiko turakurikiza ivyo twemera bishingiye kuri Bibiliya ku bijanye n’iyo misi mikuru.

a Essays on Nationalism, urupapuro rwa 107-108.

b The Way of the Gladiator, urupapuro rwa 212.