Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova bakoresha gute intererano baronka?

Ivyabona vya Yehova bakoresha gute intererano baronka?

 Intererano turonka tuzikoresha mu gushigikira ibikorwa bijanye no gusenga turangura be no mu gufasha ababa bari mu vyago. Ivyo vyose tubikora kugira dushigikire igikorwa gihambaye kuruta ibindi twashinzwe co guhindura abantu abigishwa ba Kristu Yezu.​—Matayo 28:19, 20.

 Intererano zacu ntizikoreshwa mu gutungisha umuntu n’umwe. Nta bakuru b’idini dufise bahembwa kandi Ivyabona vya Yehova ntibahemberwa igikorwa bakora co kubwira abantu ubutumwa. Abakorera ku biro vyacu vy’amashami be no ku cicaro gikuru, harimwo mbere n’abagize Inama Nyobozi, na bo nyene ntibahembwa.

Uturorero tw’ibikorwa turangura

  •   Gusohora ibitabu: Buri mwaka, turahindura Bibiliya n’ibindi bitabu vy’Ijambo ry’Imana mu ndimi nyinshi, tukabirungika mu bihugu bitandukanye tukongera tukabiha abantu, ivyo vyose tukabigira ku buntu. Ivyo dusohora biraboneka kandi ku rubuga rwacu rwa jw.org be no kuri programa ya JW Library kandi ntibigurishwa.

  •   Kwubaka no kubungabunga inyubakwa zacu: Hirya no hino kw’isi, turubaka tukongera tukabungabunga inyubakwa zibayabaye zo gusengeramwo ngo amashengero aronke ibibanza bibereye akoraniramwo kugira ashemeze Imana. Turubaka kandi inyubakwa z’amashami be n’iz’ibiro vy’ubuhinduzi. Ivyo bikorwa vyose birangurwa n’abitanga babikunze, ivyo bigatuma hasohoka amahera make.

  •   Guhagarikira igikorwa cacu: Ibikorwa birangurirwa ku cicaro gikuru, ku biro vy’amashami be no ku biro vy’ubuhinduzi hamwe n’ibirangurwa n’abagira ingendo baja kuremesha amashengero vyose bishigikirwa n’intererano zitangwa ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.

  •   Kuvuga ubutumwa: Ivyabona ntibahemberwa igikorwa bakora co kuvuga ubutumwa no kwigisha abandi “ijambo ry’Imana.” (2 Abakorinto 2:17) Ariko rero, nk’uko vyagenda ku bakirisu bo mu kinjana ca mbere, Ivyabona bamwebamwe bamenyerejwe maze bagahitamwo kumara umwanya munini mu gikorwa co kuvuga ubutumwa, bararonswa agafashanyo kabayabaye kabafasha kuriha inzu no kuronka utundi tuntu twa nkenerwa.​—Abafilipi 4:16, 17; 1 Timoteyo 5:17, 18.

  •   Kwigisha: Amahera akoreshwa mu bikorane vyacu ava mu ntererano dutanga. Vyongeye, turasohora amavidewo be n’ibindi bintu vyo kwumviriza bishingiye kuri Bibiliya. Turatunganya kandi amashure amenyereza abaja imbere abandi be n’abitanga kumara umwanya munini mu bikorwa vyacu kugira ngo bashobore kurangura neza ivyo bikorwa.

  •   Gutabara abashikiwe n’ivyago: Turaronsa ibifungurwa, amazi be n’uburaro abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka canke ivyago vyatewe n’abantu. Ivyo bikorwa vyo gutabara ntibigirira akamaro gusa “incuti zacu mu kwizera,” ariko kandi birafasha n’abatari Ivyabona.​—Abagalatiya 6:10.