Ja ku birimwo

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Igihe umwana wawe w’umuyabaga akoze ikintu gituma utaba ukimwizigira

Igihe umwana wawe w’umuyabaga akoze ikintu gituma utaba ukimwizigira

 Abana benshi b’imiyabaga bataha isaha abavyeyi babashingiye yarenze. Abandi barahenda abavyeyi babo nko mu kuja kwirabira abagenzi babo mu mpisho. Wokora iki umwana wawe w’umuyabaga akoze ikintu gituma utaba ukimwizigira?

 Umwana wanje yoba ari umugarariji?

 Si ngombwa. Abana benshi barerekana ko iki kintu Bibiliya ivuga ari ukuri, iti: “Ubupfu buboheye ku mutima w’umwana.” (Imigani 22:15) Umwigisha mu vy’inyifato z’abantu yitwa Laurence Steinberg yanditse ati: “Rimwe na rimwe abana b’imiyabaga barafata ingingo gihutihuti kandi z’ubupfu. Nubitegeko amakosa.” a

 Ubwo umwana wanje ntiyoba yabaye ikigaba?

 Ntuce ushika ku ciyumviro c’uko umwana wawe yabaye ikigaba. Ubushakashatsi bwagizwe bwerekana ko abana b’imiyabaga bitwararika ukuntu abavyeyi babo babiyumvira, naho boba bigira nk’abatavyitaho. Umwana wawe ashobora kuba ababajwe n’ivyo yakoze be n’uko yaguhenze, naho yoba atavyerekana.

Iyo igufa rivunitse, amaherezo rirakira rigasubira gukomera. N’igihe umwana wawe yakoze ikintu gituma utaba ukimwizigira arashobora kwikosora maze ugasubira kumwizigira

 Ni nde yobibazwa?

  •    Ni bande bariko baramwosha? Bibiliya ivuga iti: “Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.” (1 Abakorinto 15:33) Mu vy’ukuri, abana b’imiyabaga baroshwa cane n’abagenzi babo. Hariho n’ibindi bibosha, nk’imbuga hwaniro n’ibihayanishwa. Ivyo bica vyiyongerako kuba bataramenya utuntu n’utundi. Aho rero uca utahura igituma bishika bagafata ingingo z’ubupfu. Ariko ntiwumve, babwirizwa kwiga kwemanga ingaruka z’ingingo bafata kandi ivyo bizobafasha kuzoba abantu bitaho ibintu nibakura.

  •    Hari uruhara noba ndabifisemwo? Urashobora kwiyumvira ko woba wararengeje urugero mu gushingira amategeko umwana wawe, bigatuma aca yigenza ukutari kwo. Canke na ho ukiyumvira ko woba wararekeranye ibintu cane, bigatuma umwana wawe aronka umwidegemvyo urenze. Aho kwibanda ku ruhara woba waragize mu gutuma haba ingorane, niwibande ku ruhara wogira mu gutorera umuti iyo ngorane.

 Nofasha gute umwana wanje kugira atume nsubira kumwizigira?

  •   Ntutwarwe n’ishavu. Umwana wawe ashobora kuba yiteze ko uca utwarwa n’ishavu. Rero ntutwarwe n’ishavu. Nuganire na we witonze icatumye akora ico kintu kitabereye. Yoba yashaka kuraba uko bigenda? Yoba yari yarambiwe? Yoba yari afise irungu? Yoba yari akeneye abagenzi? Nta na kimwe muri ivyo coba icitwazo co gukora ikosa, ariko ivyo birashobora kugufasha, bigafasha n’umwana wawe, gutahura neza icatumye akora ico kintu.

     Ico Bibiliya ivuga: “Umuntu wese atebuke kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka.”​—Yakobo 1:19.

  •   Nufashe umwana wawe kuzirikana ku vyabaye. Numubaze ibibazo nk’ibi: Iki kintu cabaye cakwigishije iki? Ikindi gihe niwashikirwa n’iyi ngorane uzovyifatamwo gute? Ibibazo nk’ivyo birashobora gufasha umwana wawe kwiga kuzirikana igihe agomba gufata ingingo.

     Ico Bibiliya ivuga: “Ukankamire, uhimirize, mu kwiyumanganya kwose n’ubuhanga bwo kwigisha.”​—2 Timoteyo 4:2.

  •   Numufashe gutahura ko ivyo akora bigira ingaruka. Ibihano vyose wofata bikwiye kuba bihuye n’ikosa umwana yakoze. Nk’akarorero, nimba uwo muyabaga yakoresheje telefone umwanya munini ku buryo yibagira gukora udukorwa two muhira canke two kw’ishure yabwirizwa gukora, woshobora kumushingira umwanya atorenza ariko akoresha telefone.

     Ico Bibiliya ivuga: “Ico umuntu abiba cose [ni] co nyene azokwimbura.”​—Abagalatiya 6:7.

  •   Niwibande ku cotuma usubira kumwizigira. Ni ivy’ukuri ko bizofata igihe kugira usubire kumwizigira. Ariko umwana wawe arakwiye kumenya ko amaherezo uzosubira kumwizigira. Numwereke ko uzosubira kumwizigira. Hamwe umwana wawe yobona ko utazokwigera usubira kumwizigira, vyotuma atihatira kwikosora.

     Ico Bibiliya ivuga: “Ntimuratse abana banyu, kugira ngo ntibavunike umutima.”​—Abakolosayi 3:21.

a Vyakuwe mu gitabu You and Your Adolescent.