Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Abaroma 10:13: ‘Kwambaza izina ry’Uhoraho’

Abaroma 10:13: ‘Kwambaza izina ry’Uhoraho’

 “Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.”​—Abaroma 10:13, Bibiliya y’isi nshasha.

 “Umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.”​—Abaroma 10:13, Bibiliya Yera.

Ico mu Baroma 10:13 hasobanura

 Imana ntigira nkunzi. Iraha abantu bose akaryo ko kurokoka no kuronka ubuzima budahera, ata kuraba igihugu bavamwo, ibara ryabo ry’urukoba canke ikibanza bafise mu kibano. Ariko rero, kugira turokoke dutegerezwa kwambaza izina ry’uruharo ry’Imana Mushoboravyose, ari ryo Yehova. a​—Zaburi 83:18.

 Muri Bibiliya, imvugo ngo ‘kwambaza izina rya Yehova’ isigura n’ibindi uretse gusa kumenya izina ry’Imana no kurikoresha mu gusenga. (Zaburi 116:12-14) Isigura kandi kwizigira Imana no kuyihekako ngo idufashe.​—Zaburi 20:7; 99:6.

 Yezu Kristu yabona ko izina ry’Imana rihambaye. Amajambo yahereyeko muri rya sengesho ry’akarorero yari aya: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe,” ni ukuvuga rigirwe ryeranda. (Matayo 6:9) Yezu kandi yarerekanye ko kugira turonke ubuzima budahera, tubwirizwa kumenya Yehova, kumugamburukira no kumukunda.​—Yohani 17:3, 6, 26.

 Ni igiki kitwemeza ko Yehova ari we “Uhoraho” avugwa mu Baroma 10:13 muri Bibiliya Yera? Ni uko ibivugwa muri uwo murongo vyakuwe muri Yoweli 2:32. Mu giheburayo co mu ntango, muri ico canditswe hakoreshwa izina ry’uruharo ry’Imana, ntihakoreshwa izina ry’icubahiro “Uhoraho.” b

Amakikuro yo mu Baroma 10:13

 Mu Baroma ikigabane ca 10, Bibiliya yerekana ko kugira ngo umuntu yemerwe n’Imana bivana n’ukuntu yizera Yezu Kristu. (Abaroma 10:9) Hari imirongo myinshi yo mw’Isezerano rya kera ishigikira ico ciyumviro. Umuntu agaragaza ko afise ukwizera mu ‘kwatura icese,’ aho hakaba harimwo kubwira abandi inkuru nziza izotuma baronka ubukiriro. Ivyo bituma na bo nyene baronka akaryo ko gutsimbataza ukwizera kuzotuma barokoka.​—Abaroma 10:10, 14, 15, 17.

Nusome Abaroma ikigabane ca 10 hamwe n’utujambo tw’epfo be n’ivyanditswe vy’inyongera biri ku mubari.

a Mu vyandikano vy’iminwe vya kera vya Bibiliya, Izina ry’Imana riraboneka nk’incuro 7.000. Mu giheburayo, iryo zina ryandikwa mu ndome zine zitwa Tetaragarama. Mu kirundi, iryo zina rikunze kuvugwa ngo “Yehova.” Ariko abahinga bamwebamwe bakunze kurihindura ngo “Yahweh.”

b Birashoboka ko abanditsi ba Bibiliya b’abakirisu bakoresha izina ry’Imana igihe baba basubiyemwo ivyanditswe vyo mw’Isezerano rya kera vyaba birimwo iryo zina. Inyizamvugo imwe (The Anchor Bible Dictionary) ivuga iti: “Hariho ibimenyamenya vyerekana ko igihe Isezerano rishasha ryatangura kwandikwa, ya Tetaragarama igize izina ry’Imana, ari ryo Yahweh, yaboneka mu vyanditswe bimwebimwe canke mbere vyose vyasubiwemwo bikuwe mw’Isezerano rya kera.” (Igitabu ca 6, urupapuro rwa 392) Ushaka ayandi makuru raba ikiganiro kivuga ngo “Izina ry’Imana mu Vyanditswe vy’ikigiriki” mu Gatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana. Inyongera ya C2 yo mu Nteguro yo kwiga ya Bibiliya y’isi nshasha yo mu congereza irimwo urutonde rw’Amabibiliya akoresha izina ry’Imana mu Baroma 10:13.