Ja ku birimwo

Twoba koko dushobora kumenya uwanditse Bibiliya?

Twoba koko dushobora kumenya uwanditse Bibiliya?

Inyishu Bibiliya itanga

 Abantu benshi babwirwa yuko tudashobora kumenya uwanditse Bibiliya. Mugabo Bibiliya akenshi iratomora neza abanditse ibiri muri yo. Ibihimba bimwebimwe usanga bitangurwa n’amajambo nk’aya ngo: “amajambo ya Nehemiya,” “iyerekwa rya Yesaya,” “ijambo rya Yehova ryaje kuri Yoweli.”—Nehemiya 1:1; Yesaya 1:1; Yoweli 1:1.

 Benshi mu banditse Bibiliya baremeje ko banditse mw’izina rya Yehova, ya Mana imwe y’ukuri, be n’uko bari bayobowe na yo. Abahanuzi banditse Ivyanditswe vy’igiheburayo bavuze incuro zirenga 300 bati: “Ibi ni vyo Yehova avuze.” (Amosi 1:3; Mika 2:3; Nahumu 1:12) Abandi banditsi ba Bibiliya bararonse ubutumwa buvuye ku Mana biciye ku bamarayika.—Zekariya 1:7, 9.

 Bibiliya yanditswe n’abagabo nka 40 mu kiringo c’imyaka 1.600. Bamwe muri bo banditse ibitabu birenga kimwe. Nkako, Bibiliya igizwe n’ibitabu 66. Ibitabu 39 vya mbere ni Ivyanditswe vy’igiheburayo, ivyo abenshi bakunze kwita Isezerano rya kera, ibindi 27 na vyo ni Ivyanditswe vy’ikigiriki, ibikunze kwitwa Isezerano rishasha.