Ja ku birimwo

Ni bande amazina yabo yanditse mu “gitabu c’ubuzima”?

Ni bande amazina yabo yanditse mu “gitabu c’ubuzima”?

Inyishu Bibiliya itanga

 “Igitabu c’ubuzima,” icitwa kandi “umuzingo w’ubuzima” canke “igitabu c’icibutso,” kirimwo amazina y’abantu bafise icizigiro co kuzoronka ingabirano y’ubuzima budahera. (Ivyahishuwe 3:5; 20:12; Malaki 3:16) Imana ihitamwo ayo mazina yisunze ukuntu umuntu yayigamburukiye adahemuka.—Yohani 3:16; 1 Yohani 5:3.

 Imana yagumye yibuka abasavyi bayo bose b’intahemuka kuva “kw’ishingwa ry’isi,” nk’aho amazina yabo yoba yanditse mu gitabu. (Ivyahishuwe 17:8) Wa mugabo w’umwizigirwa Abeli biboneka ko ari we wa mbere izina ryiwe ryanditswe muri ico gitabu c’ubuzima. (Abaheburayo 11:4) Ico gitabu c’ubuzima si urutonde gusa rw’amazina, ahubwo kiratwereka ko Yehova ari Imana y’inyarukundo ‘izi abayo.’—2 Timoteyo 2:19; 1 Yohani 4:8.

Hoba hari amazina ashobora guhanagurwa muri ico “gitabu c’ubuzima”?

 Egome. Ku bijanye n’abantu bagambarara bo muri Isirayeli ya kera, Imana yavuze iti: “Uwancumuyeko wese, ni we nzohanagura mu gitabu canje.” (Kuvayo 32:33) Ariko nitwaba abizigirwa, tuzoguma mu “muzingo w’ubuzima.”—Ivyahishuwe 20:12.