Ja ku birimwo

Bibiliya yoba ari igitabu c’abazungu?

Bibiliya yoba ari igitabu c’abazungu?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya ntiyanditswe n’Abanyaburaya. Abagabo bose Imana yakoresheje mu kwandika Bibiliya bari abo muri Aziya. Bibiliya ntiyerekana ko hari ubwoko buruta ubundi. Nkako ivuga iti: “Imana [nti]gira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.”—Ivyakozwe 10:34, 35.