Ja ku birimwo

Inkuru zo muri Bibiliya zivuga ivy’ubuzima bwa Yezu zoba ari izo kwizigirwa?

Inkuru zo muri Bibiliya zivuga ivy’ubuzima bwa Yezu zoba ari izo kwizigirwa?

Inyishu Bibiliya itanga

 Umwanditsi wa Bibiliya Luka yavuze ku bijanye n’inkuru yiwe yerekeye ubuzima bwa Yezu, ati: “Nakurikiranye neza ibintu vyose kuva mu ntango.”—Luka 1:3.

 Hari abavuga ko Injili (ni ukuvuga inkuru zivuga ivy’ubuzima bwa Yezu zanditswe n’ababayeho mu gihe ciwe ari bo Matayo, Mariko, Luka na Yohani) zagize ico zihinduweko mu kinjana ca kane.

 Ariko rero, hari igihimba c’agaciro c’Injili ya Yohani catowe mu Misiri mu ntango y’ikinjana ca 20. Ico gihimba ubu citwa Papyrus Rylands 457 (P52) kikaba gishinguwe mu bubiko bw’ibitabu bw’i Manchester mu Bwongereza bwitwa John Rylands. Kirimwo amajambo dusanga muri Yohani 18:31-33, 37, 38 muri Bibiliya zo muri iki gihe.

 Ico ni co gihimba c’icandikano c’iminwe ca kera gusumba ibindi vyose kiriko Ivyanditswe vy’ikigiriki. Abahinga benshi bemera ko canditswe nko mu mwaka wa 125 mu gihe cacu, hakaba hari haciye imyaka 25 gusa canke irenga gatoya igisomwa ca mbere na mbere canditswe. Igisomwa kiri muri ico gihimba kirahuza hafi neza na neza n’ivyandikano vy’iminwe vyo mu nyuma.