Ja ku birimwo

Shetani yoba ari we ateza imibabaro yose ishikira abantu?

Shetani yoba ari we ateza imibabaro yose ishikira abantu?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya yerekana ko Shetani wa Mubesheranyi abaho koko, akaba akora nka kizigenza w’inkozi z’ikibi akomeye cane akora uko ashoboye kugira ngo ivyo agomba biranguke biciye ku “bimenyetso . . . vy’ububeshi” no ku “ruhendo.” Nkako, Bibiliya ivuga ko “aguma yihindura umumarayika w’umuco.” (2 Abatesalonika 2:9, 10; 2 Abakorinto 11:14) Ibibi Shetani akora birerekana ko abaho koko.

 Ariko rero, Shetani si we ateza imibabaro yose ishikira abantu. Kubera iki? Imana yaremanye abantu ubushobozi bwo guhitamwo gukora iciza canke gukora ikibi. (Yosuwa 24:15) Igihe duhisemwo nabi, twimbura ingaruka zibabaje.—Abagalatiya 6:7, 8.