Ja ku birimwo

Umuvukanyi Yevgeniy Bushev

20 MUNYONYO 2023
UBURUSIYA

Umuvukanyi Yevgeniy Bushev yaciriwe umunyororo w’imyaka indwi

Umuvukanyi Yevgeniy Bushev yaciriwe umunyororo w’imyaka indwi

Ku wa 7 Munyonyo 2023, sentare yo mu ntara ya Kalininskiy mu karere ka Chelyabinsk yaraciriye umunyororo w’imyaka indwi umuvukanyi Yevgeniy Bushev. Akiva muri sentare, yaciye ajanwa mu gasho.

Amakuru amwerekeye

Turababajwe cane no kuba hari uwundi muvukanyi apfunzwe. Ariko, turazi tudakeka ko Yehova azobandanya gufasha Yevgeniy hamwe n’abo bose bariko barashikirwa n’ibigeragezo.​—Zaburi 94:22.

Ivyabaye n’igihe vyabereyeko

  1. Ku wa 24 Myandagaro 2022

    Ni ho yatanguye gukurikiranwa n’amategeko

  2. Ku wa 8 Nyakanga 2022

    Baraje gusaka inzu yiwe

  3. Ku wa 9 Nyakanga 2022

    Yaratswe umwidegemvyo wo kuja iyo ashaka

  4. Ku wa 20 Nyakanga 2023

    Urubanza rwiwe rwarashinzwe

  5. Ku wa 7 Munyonyo 2023

    Yaragirijwe icaha aca acirwa urubanza rwo kumara imyaka indwi mu gasho