20 MUNYONYO 2023
UBURUSIYA
Umuvukanyi Yevgeniy Bushev yaciriwe umunyororo w’imyaka indwi
Ku wa 7 Munyonyo 2023, sentare yo mu ntara ya Kalininskiy mu karere ka Chelyabinsk yaraciriye umunyororo w’imyaka indwi umuvukanyi Yevgeniy Bushev. Akiva muri sentare, yaciye ajanwa mu gasho.
Amakuru amwerekeye
Turababajwe cane no kuba hari uwundi muvukanyi apfunzwe. Ariko, turazi tudakeka ko Yehova azobandanya gufasha Yevgeniy hamwe n’abo bose bariko barashikirwa n’ibigeragezo.—Zaburi 94:22.
Ivyabaye n’igihe vyabereyeko
Ku wa 24 Myandagaro 2022
Ni ho yatanguye gukurikiranwa n’amategeko
Ku wa 8 Nyakanga 2022
Baraje gusaka inzu yiwe
Ku wa 9 Nyakanga 2022
Yaratswe umwidegemvyo wo kuja iyo ashaka
Ku wa 20 Nyakanga 2023
Urubanza rwiwe rwarashinzwe
Ku wa 7 Munyonyo 2023
Yaragirijwe icaha aca acirwa urubanza rwo kumara imyaka indwi mu gasho