Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

John Moore/Getty Images

ISEKEZA RIDASANZWE

Ubwami bw’Imana buzokora iki ku bijanye no kwitwararika amagara?

Ubwami bw’Imana buzokora iki ku bijanye no kwitwararika amagara?

 «Kuba ikiza ca Korona kitakiri mu bintu biraje ishinga cane igisata c’amagara y’abantu, ntibisigura ko kitakiri ingorane ku magara y’abantu hirya no hino kw’isi.. . . Turashobora kwitega ko muri kazoza hazoza ikindi kiza c’ubundi bwoko kandi turakwiye kucitegurira.»​—Vyavuzwe na Muganga. Tedros Adhanom Ghebreyesus, umuyobozi mukuru mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS, ku wa 22 Rusama 2023.

 Bivuye ku kiza ca Korona, abantu baracabandanya kugira ingorane mu bwenge no ku mubiri. Intwaro hamwe n’amashirahamwe yitaho amagara y’abantu vyoba vyiteguriye ikindi kiza kandi bikaba bishoboye kudufasha neza mu ngorane z’amagara zihari?

 Bibiliya iratubwira intwaro izotuma tugira amagara meza. Ivuga ko «Imana yo mw’ijuru izoshiraho ubwami» canke intwaro. (Daniyeli 2:44) Muri iyo ntwaro, «nta wuhaba azovuga ngo: “Ndarwaye.”» (Yesaya 33:24) Twese tuzoba dufise amagara meza n’inkomezi zo mu buto.​—Yobu 33:25.