Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

CreativeDesignArt/DigitalVision Vectors via Getty Images

GUMA URI MASO!

Vyoba bishoboka ko abantu bo mu moko yose bangana? Bibiliya ibivugako iki?

Vyoba bishoboka ko abantu bo mu moko yose bangana? Bibiliya ibivugako iki?

 Abantu benshi babona ko ukungana kw’amoko ari indoto nsa.

  •   “Kwishimira amoko bibandanya kumera nk’ubumara bwonona amashirahamwe, ikibano be n’uburyo abantu babayeho mu buzima bwa misi yose. Birabandanya gutuma haguma ubutandukane bw’amoko.”​—Umunyamabanga mukuru wa ONU, António Guterres.

 Hoba hazokwigera habaho ukungana kw’amoko? Bibiliya ibivugako iki?

Uko Imana ibona ukungana kw’amoko

 Bibiliya iratwereka ukuntu Imana ibona ukungana kw’amoko.

  •   “[Imana] yakoze amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe, ngo babe ku buringanire bwose bw’isi.”​—Ivyakozwe 17:26.

  •   “Imana [ntigira] nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.”​—Ivyakozwe 10:34, 35.

 Bibiliya irerekana ko abantu bose bagize umuryango umwe kandi ko Imana yemera abantu bo mu moko yose.

Ukuntu ikibazo c’amoko kizotorerwa umuti

 Ukungana kuzobaho ku ntwaro y’Ubwami bw’Imana, ikaba ari intwaro yo mw’ijuru. Iyo ntwaro izokwigisha abantu ukuntu bofata abandi mu buryo bwiza. Abantu bazokwiga ukuntu bokwikuramwo agatima kose k’amacakubiri boba bafise.

  •   “Ubugororotsi ni bwo ababa ku butaka bwimbuka bazokwiga.”​—Yesaya 26:9.

  •   “Igikorwa c’ubugororotsi nyakuri kizotegerezwa gucika amahoro; umurimo w’ubugororotsi nyakuri na wo ucike impore n’umutekano gushika igihe kitagira urugero.”​—Yesaya 32:17.

 Muri kino gihe, abantu amamiliyoni bariko bariga muri Bibiliya ukuntu bofatana abandi icubahiro n’iteka.