Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene abakenyezi bafatwa: Ico Bibiliya ibivugako

Ingene abakenyezi bafatwa: Ico Bibiliya ibivugako

 Hirya no hino kw’isi, abakenyezi n’abigeme amamiliyoni barakorerwa amabi. Vyoba nawe vyaragushikiye? Nurabe igituma Imana ibona ko bihambaye ko abagore bafatwa neza be n’ivyo izokora ku bijanye n’ihohoterwa ry’abakenyezi.

 «Nkiri umwana, musazanje yarangirira nabi ku mubiri, akambwira n’amajambo ababaza buri musi. Maze kwubaka urwanje, mabukwe yabandanije kumfata nabi. We na databukwe bamfata nk’umuja wabo. Nariyumviriye no kwiyahura.»—Madhu, a Ubuhindi.

 Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) rivuga riti: «Ubukozi bw’ikibi bukorerwa abakenyezi buriraye kw’isi yose.» Ryiyumvira ko nk’umukenyezi umwe muri batatu bishika agahohoterwa ku mubiri no mu vy’igitsina.

 Nimba bimaze kugushikira, bishobora gutuma wumva ko ata mutekano ufise, ku buryo aho uja hose ubona umengo boshobora kukugirira nabi haba mu majambo, ku mubiri canke mu vy’igitsina. Bivuye kuri ayo mabi akorerwa abakenyezi, woshobora kubona ko abantu benshi biyumvira ko abagore ata co bamaze. Ariko none Imana yoba ibona ko abagore ari ab’agaciro vy’ukuri?

Bibiliya irerekana ko Imana ishaka ko abagore bafatwa neza

Imana ibona gute abagore?

 Icanditswe: «Imana . . . irema umugabo n’umugore.» —Itanguriro 1:27.

 Ico bisobanura: Imana yaremye abagabo hamwe n’abagore. Ibona ko bose babereye kwubahwa. Vyongeye, isaba umugabo «gukunda umugore wiwe nk’uko yikunda,» ntagerageze kumugirira nabi akoresheje amajambo ababaza canke kumusinzikariza ubuzima. (Abanyefeso 5:33; Abakolosayi 3:19) Mu vy’ukuri, Imana ishaka ko abagore bakingirwa.

 «Nkiri umwana, narafashwe ku nguvu na bamwe mu ncuti zanje. Mfise imyaka 17, umukoresha wanje yambwiye ko ntemeye kuryamana na we azoca anyirukana. Maze gukura na ho, umugabo wanje, abavyeyi banje hamwe n’ababanyi baransuzugura. Ariko amaherezo naramenye ivyerekeye Umuremyi Yehova b. Arubaha abakenyezi. Ivyo vyaranjijuye ko ankunda kandi ko ampa agaciro.»—Maria, Arjantine.

Ni ibiki vyogufasha kurema?

 Icanditswe: «Hariho umugenzi akwumirako kuruta uwo muvukana.»—Imigani 18:24.

 Ico bisobanura: Umugenzi nyakuri azogushigikira. Nimba ubona ko vyogufasha, nubwire umuntu wizigira uko wiyumva.

 «Naramaze imyaka 20 ntabwira umuntu n’umwe ko nafashwe ku nguvu. Ivyo vyatumye nkura ata munezero mfise, namana amaganya n’intuntu. Ariko rero igihe nabibwira umuntu akantega amatwi, narumvise nduhuriwe cane.»—Elif, Tirkiya.

 Icanditswe: «Muterer[e] amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.»—1 Petero 5:7.

 Ico bisobanura: Iyo usenze, Imana irakwumviriza. (Zaburi 55:22; 65:2) Kubera ko ikwitaho, irashobora kugufasha kubona ukuntu uri uw’agaciro vy’ukuri.

 «Kwiga ivyerekeye Yehova vyaratumye intuntu nari mfise ihera. Ubu ndashobora gusenga Imana nkayibwira ingene niyumva. Imeze nk’umugenzi atahura vy’ukuri uko niyumva.»—Ana, Bélize.

Imana yoba izokuraho amabi akorerwa abakenyezi?

 Icanditswe: «Yehova . . . [a]zotunganiriza impfuvyi n’abacinyizwa, kugira ngo umuntu buntu ntasubire kubatera ubwoba.»—Zaburi 10:​17, 18.

 Ico bisobanura: Imana izokuraho akarenganyo kose, harimwo amabi akorerwa abakenyezi.

 «Kumenya ko Yehova agiye gukuraho amabi akorerwa abakenyezi n’abakobwa bakiri bato vyambereye nk’umuti uvura. Vyaratumye ngira amahoro yo mu mutima.» —Roberta, Mexico.

 Kugira umenye vyinshi ku kuntu Bibiliya itanga icizigiro, igituma twokwizigira ivyo isezerana n’ukuntu Ivyabona vya Yehova batanga indemesho zishingiye kuri Bibiliya, nusabe kugenderwa ku buntu.

 Nuvome iki kiganiro mu buryo gishobora gucapurwa

a Si ko basanzwe bitwa.

b Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:​18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»