Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Baritanze babikunze muri Tayiwani

Baritanze babikunze muri Tayiwani

UWITWA Choong Keon n’umukenyezi wiwe Julie, bakaba bageze mu myaka 35, haraciye nk’imyaka itanu ari abatsimvyi basanzwe i Sydney muri Ostraliya. Choong Keon yigana ati: “Twari dufise akazi k’igihe gitogito kandi twari tubayeho neza. Aho twaba, ikirere cari cifashe neza kandi ubuzima bwari bworoshe. Twarahimbarwa no kuba kumwe n’incuti n’abagenzi.” Ariko rero, Choong Keon na Julie nta mahoro bari bafise. Uti kubera iki? Bari bazi ko bashoboye gukora vyinshi mu murimo wa Yehova baravye uko ivyabo vyari vyifashe, mugabo bakagonanwa kugira ivyo bahinduye.

Kw’ihwaniro rimwe ryabaye mu 2009, barumvise insiguro yabakoze ku mutima cane. Umushikirizansiguro yarerekeje ku bantu bari bashoboye kwagura umurimo wabo. Yavuze ati: “Zirikana iki kintu: Umushoferi arashobora kunyonga umuduga wiwe hanyuma agakatira iburyo canke ibubamfu. Ivyo abigira mu gihe gusa uyo muduga uba uriko uragenda. Muri ubwo buryo nyene, Yezu ashobora kutuyobora mu bijanye no kwagura ubusuku bwacu, mu gihe gusa tuba turiko turagenda, ni ukuvuga mu gihe tuba turiko turagira utwigoro tuboneka kugira ngo dushike kuri uwo mugambi twishingiye.” * Uwo mugabo n’umugore wiwe babonye umengo ni bo uwo mushikirizansiguro ariko arabwira. Kuri iryo hwaniro nyene, barabajije ibibazo umugabo umwe n’umugore wiwe b’abamisiyonari muri Tayiwani. Bano baravuze ibijanye n’umunezero bagira mu busuku, barerekana n’ingene ako karere kagikeneye gufashwa cane. N’ico gihe nyene, Choong Keon na Julie babonye umengo ni bo gusa bariko barabwirwa.

Julie yigana ati: “Inyuma y’iryo hwaniro, twarasavye Yehova ngo aduhe umutima rugabo wo kwimukira muri Tayiwani.” Yongerako ati: “Mugabo twari dufise ubwoba bwinshi. Wamengo tugira dusimbire mw’ibenga rirerire ari bwo bwa mbere.” Icanditswe cabafashije kumera nk’aho ‘basimvye’ ni Umusiguzi 11:4, ahagira hati: “Uwuraba umuyaga ntazobiba imbuto;  kandi uwitegereza ibicu ntazoshwabura.” Choong Keon avuga ati: “Twarafashe ingingo yo kureka ‘kuraba no kwitegereza,’ dutangura nyabuna ‘kubiba no gushwabura.’” Barasenze incuro n’izindi, barasoma inkuru z’ubuzima zerekeye abamisiyonari, barandikiranira ubutumwa bwinshi n’abamaze kwimukira muri Tayiwani, baragurisha imiduga yabo n’ibikoresho vyabo maze bimukira muri Tayiwani haciye amezi atatu.

BARIRONKERA UMUNEZERO UVA KU KWAMAMAZA

Bene wacu na bashiki bacu barenga 100 bo mu bindi bihugu, bariko barakorera mu turere two muri Tayiwani aho usanga abamamaji b’Ubwami bakenewe cane. Baje bava mu Bufaransa, mu Buyapani, mu Bwongereza, muri Espanye, muri Kanada, muri Koreya, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no muri Ostraliya, bakaba bafise imyaka iri hagati ya 21 na 73. Muri bo harimwo bashiki bacu barenga 50 batarubaka izabo. Ni ibiki bituma abo bene wacu na bashiki bacu b’abanyamwete baja kurangurira ubusuku bwabo mu kindi gihugu? Reka tubirabe.

Laura

Mushiki wacu atarubaka urwiwe yitwa Laura wo muri Kanada, ni umutsimvyi mu burengero bwa Tayiwani. Mu myaka nka cumi iheze, ntiyiyumvamwo na gato igikorwa co kwamamaza. Asigura ati: “Naja mu busuku kugira gusa mpeze umwuga, atari kubera ko ndabikunda.” Mu nyuma, abagenzi biwe bo muri Kanada baramusavye ko bojana muri Megizike kugira bamareyo ukwezi bariko baramamaza. Avuga ati: “Ryari ryo rya mbere mara umwanya uhagije mu busuku, kandi vyari biryoshe cane ntiworaba!”

Ico kintu gishimishije Laura yiboneye catumye yiyumvira ivyo kwimukira mw’ishengero ryo muri Kanada rikoresha ururimi runyamahanga. Yariyandikishije ahantu bigisha igishinwa, arifatanya n’umugwi ukoresha igishinwa, maze yishingira umugambi wo kwimukira muri Tayiwani, akaba yimukiyeyo muri Nyakanga 2008. Avuga ati: “Vyansavye nk’umwaka kugira menyere aho hantu hashasha, ariko ubu sinumva ko nosubira muri Kanada.” None abona gute igikorwa co kwamamaza? Avuga ati: “Kiraryoshe cane! Nta kintu  giteye umunezero nko kwibonera ukuntu abatohoji ba Bibiliya bahindura ubuzima bwabo igihe bamenye Yehova. Gukorera muri Tayiwani vyarandonkeje akaryo ko guhonja kuri uwo munezero mwinshi incuro nyinshi.”

BARATSINDA INTAMBAMYI Y’URURIMI

Brian na Michelle

Uwitwa Brian n’umukenyezi wiwe Michelle baturuka muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bakaba bageze mu myaka 35. Igihe bimukira muri Tayiwani, ubu hakaba haciye nk’imyaka umunani, mu ntango babona ko ata kintu kinini bariko barakora mu busuku. Ariko hari umumisiyonari azi utuntu n’utundi yababwiye ati: “Naho gusa woha umuntu agapapuro k’inkuru nziza, uribuka yuko rishobora kuba ari ryo rya mbere yakiriye ubutumwa bwerekeye Yehova. Uba rero wamaze kurangura uruhara ruhambaye mu busuku!” Ayo majambo aremesha yaratumye Brian na Michelle badatana n’akabando. Uwundi muvukanyi yababwiye ati: “Kugira ngo mwirinde gucika intege, ntimuze murasuzuma buri musi aho mugejeje kumenya igishinwa, ahubwo nimuze murabisuzuma uko habaye iteraniro.” Barateye imbere vy’ukuri, ubu bakaba ari abatsimvyi kirumara.

Ni ibiki vyogufasha gutangura kwiga urundi rurimi? Nugendere igihugu wipfuza gukoreramwo. Nuje ku makoraniro, wifatanye na bene wacu be na bashiki bacu baho wongere ujane na bo kwamamaza. Brian avuga ati: “Umaze kubona ko abantu benshi bakira neza ubutumwa bw’Ubwami ukongera ukibonera ukuntu abavukanyi bakugaragariza urukundo rurangwa igishika, uca wumva ufise umutima ukunze wo kwihanganira ingorane zijanye no gukorera mu kindi gihugu.”

BIBESHAHO GUTE?

Kristin na Michelle

Benshi mu bimukiye aho abamamaji bakenewe kuruta ahandi muri Tayiwani barashoboye gukora ubutsimvyi, bakibeshaho mu kwigisha icongereza. Kristin n’umukenyezi wiwe Michelle badandaza amafi. Kristin avuga ati: “Sinari bwigere nkora ako kazi, mugabo karatuma nshobora kuguma muri ico gihugu.” Kristin yahavuye aronka abakiriya bama bamushorera. Ako kazi k’igihe gitogito karatuma we n’umukenyezi wiwe baronka amahera bakenera, bakaronka n’umwanya uhagije wo kurangura igikorwa cabo nyamukuru c’ubutsimvyi, ni ukuvuga ukuroba abantu.

NUHIMBARWE N’INTAMBWE UGEZEKO

William n’umukenyezi wiwe Jennifer bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, haraciye nk’imyaka indwi bashitse muri Tayiwani. William avuga ati: “Kwiga ururimi, gukora ubutsimvyi, kwitwararika ishengero no gukora akazi, rimwe na rimwe biratuma nsanzara.” Ni igiki none kibafasha kuroranirwa no kugumana umunezero? Baragerageza kwishingira imigambi bashobora gushikako. Nk’akarorero, kubera ko batiteze ibirenze igihe bariko bariga igishinwa, vyatumye badacika intege cane igihe vyabasaba ikiringo kirekire kugira bamenye urwo rurimi.

William na Jennifer

William aribuka ko hari umucungezi w’ingenzi yigeze kumubwira ko igihe tumaze kwishingira umugambi wo mu vy’impwemu, dukwiye guhimbarwa n’intambwe tuba turiko turatera kugira ngo tuwushikeko. William avuga yuko gukurikiza iyo mpanuro vyabafashije we n’umukenyezi wiwe guhuza n’uko ibintu vyifashe, kwumvira impanuro bahabwa n’abavukanyi b’imvukira bajejwe amabanga, biranabafasha guhindura ukuntu bakora ibintu. Ivyo vyatumye bashobora kuroranirwa mu busuku barangurira mu kindi gihugu. Yongerako ati: “Vyaradufashije no kwibuka gufata akanya ko kuratira ijisho ubwiza ndemanwa bw’iryo zinga dukoreramwo.”

Cokimwe na William be na Jennifer, mushiki wacu atarubaka urwiwe w’umutsimvyi yitwa Megan wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, arahimbarwa n’intambwe agezeko mu kugerageza gushika ku mugambi yishingiye wo kurushiriza kuvuga neza igishinwa. Buri mpera y’umushamvu arifatanya n’umugwi w’abamamaji ukorera mu cibare kimwe kiryoheye ijisho ku kivuko ca Kaohsiung, ari na co kinini kuruta  ibindi vyose vyo muri Tayiwani. Megan aravuga inkuru nziza ava ku bwato aja ku bundi, akayibwira abarovyi bavuye i Bangladeshi, mu Buhindi, muri Filipine, muri Indoneziya, muri Tayilande n’i Vanuwatu. Avuga ati: “Kubera ko abo barovyi bamara umwanya mutoyi gusa ku kivuko, nca ntangura kubigisha Bibiliya ubwo nyene. Kugira ndabafashe bose, akenshi nigishiriza icarimwe abantu bane canke batanu.” None yiga gute igishinwa? Avuga ati: “Ndipfuza kuciga ningoga na ningoga, mugabo nguma nibuka ivyo umuvukanyi umwe yigeze kumbwira ati: ‘Nukore ivyo ushoboye vyose, ibindi Yehova azovyimenyera.’”

Megan

UBUZIMA BUTEKANYE, BWOROHEJE KANDI BUHIMBAYE

Imbere y’uko Cathy wo mu Bwongereza yimukira mu kindi gihugu, yararondeye igihugu mushiki wacu atarubaka urwiwe yoshobora gukoreramwo ata nkomanzi. Yarabwiye Yehova ivyari bimuraje ishinga yongera arandikira ibiro vy’amashami bitari bike, abaza nimba hoba hariho ivyogeramira bashiki bacu batubatse. Mu nyuma, yararimbuye yitonze inyishu bamuhaye maze abona ko vyoba vyiza ahisemwo Tayiwani.

Mu 2004, igihe Cathy yari afise imyaka 31, yarimukiye muri Tayiwani, ubu akaba abayeho mu buryo bworoheje bushoboka. Yigana ati: “Narabajije abo dusangiye ukwemera aho umuntu yosumira ivyamwa n’imboga bizimbutse. Impanuro nziza bampaye yaramfashije kuziganya.” Ni igiki kimufasha kubaho mu buryo bworoheje? Cathy avuga ati: “Akenshi ndasaba Yehova ngo amfashe kubumbwa n’ibifungurwa be n’ivyambarwa bibayabaye. Mbona ko Yehova yishura amasengesho yanje mu kunyigisha kumenya ivyo nkeneye koko no mu kumfasha kubinezerererwa.” Yongerako ati: “Ndahimbawe no kuba mbayeho mu buryo bubayabaye kuko bimfasha kwitwararika ivy’impwemu.”

Cathy

Uretse ko Cathy abayeho mu buryo bworoheje, aranahimbawe. Aravuga ikibituma, ati: “Ndamamaza mu karere aho abantu benshi bumviriza inkuru nziza. Birahimbaye pe!” Igihe yashika muri Tayiwani, hari amashengero abiri y’igishinwa mu gisagara yatanguye gukoreramwo ubutsimvyi, mugabo ubu ageze ku ndwi. Cathy avuga ati: “Kwibonera iryo yongerekana ritangaje no kugira uruhara mw’iyimbura, bituma mbogaboga umunezero buri musi!”

“NA JEWE BARI BANKENEYE!”

Bamwe Choong Keon na Julie twavuga mu ntangamarara, vyahavuye bibagendera gute? Mu ntango Choong Keon yabona ko kuba yari azi igishinwa gikeyi vyatuma ata kintu kinini amarira ishengero. Abavukanyi baho bo si ko babibona. Avuga ati: “Igihe ishengero ryacu ryagaburwamwo kabiri, narashinzwe ayandi mabanga menshi kuko nari umukozi w’ishengero.” Avuga amwenyura ati: “Ico gihe, narabona vy’ukuri ko ndiko ndakorera ahari inkenero kuruta. Hari inkenero nini ku buryo na jewe bari bankeneye!” Ubu Choong Keon ni umukurambere. Julie yongerako ati: “Ntitwari bwigere turoranirwa canke ngo duhimbarwe nk’uko biri ubu. Twaje hano gufasha, ariko tubona yuko ari twebwe twafashijwe n’ico kintu gishimishije twiboneye. Turashimira Yehova kubona yaratwemereye gusukurira ng’aha.”

Mu bihugu vyinshi, haracakenewe abantu benshi bakora mw’iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu. Woba uri mu kurangiza amashure ukaba uriko uribaza ico uzokora mu buzima? Woba utarubaka urwawe ukaba wipfuza kurushiriza kugira ico umaze mw’Ishirahamwe rya Yehova? Woba wipfuza kuraga umuryango wawe intoranwa nziza yo mu vy’impwemu? Woba warakukurutse, ukaba uzi utuntu n’utundi wipfuza gusangira n’abandi? Urashobora kwizigira yuko uzokwironkera imihezagiro myinshi niwahitamwo kwagura ubusuku bwawe mu gukorera aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ahandi.

^ par. 3 Raba igitabu ‘Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana,’ ikigabane ca 16, ingingo ya 5-6.