Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Eric na Amy

Baritanze babikunze muri Gana

Baritanze babikunze muri Gana

WOBA uzi umuvukanyi canke mushiki wacu yitanze akaja mu kindi gihugu aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta? Vyoba birashika ukibaza uti: ‘Ni igiki gituma baja gukorera mu mahanga? Bitegura gute? Noba nanje nshobora kwitanga muri ubwo buryo?’ Wa wundi ati: “Inkuru ibara uwayibonye,” tega amatwi abaciye muri ubwo buzima bakuyagire.

BABITUMWA N’IKI?

Ni igiki catumye mwiyumvira kuja gukorera mu gihugu aho abamamaji bakenewe kuruta? Amy ni mushiki wacu w’imyaka nka 35, akaba ava muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Yigana ati: “Naramaze imyaka itari mike niyumvira kuja gukorera mu kindi gihugu, ariko nabona umenga sinzopfa ndabishitseko.” Ni igiki none catumye abona ibintu mu bundi buryo? Avuga ati: “Mu 2004, hari umugabo n’umugore bakorera ubutsimvyi muri Belize bansavye ko noja kubaramutsa kugira tumare ukwezi dukorana. Naragiye, ngaruka ndyohewe cane! Haciye umwaka, naciye nimukira muri Gana gukorerayo ubutsimvyi.”

Aaron na Stephanie

Uwitwa Stephanie, na we nyene aturuka muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, akaba afise imyaka yababa 30. Haraciye imyaka mikeyi arimbuye uko ivyiwe vyifashe, maze yiyumvira ati: ‘Mfise amagara meza kandi nta mabanga y’umuryango ndagira. Vy’ukuri, nari nkwiye kuba ndiko nkorera Yehova vyinshi kuruta.’ Ukwo kwisuzuma kwatumye yimukira muri Gana kugira yagure ubusuku. Filip na Ida, ni abatsimvyi bahumuye bubakanye bo muri Danemarke. Bamye biyumvira kwimukira aho abamamaji bakenewe kuruta. Mu nyuma, bararondeye ingene bobishikako. Filip avuga ati: “Igihe twaronka akaryo, ni nk’aho Yehova yari atubwiye ati: ‘Nimugende rero!’” Mu 2008, baciye baja muri Gana, bakorerayo imyaka irenga itatu.

Brook na Hans

Hans n’umukenyezi wiwe Brook, ni abatsimvyi barengeje imyaka 30, bakaba bakorera muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mu 2005, barafashije mu bikorwa vyo gutabara abatewe na ca gihuhusi cataziriwe Katrina. Bahavuye buzuza urukaratasi basaba gufasha mu bwubatsi mvamakungu, ariko ntibemererwa. Hans avuga ati: “Mu nyuma turi kw’ihwaniro, harashikirijwe insiguro yavuga ingene Umwami Dawidi yakiriye neza ivy’uko atokwemerewe kwubaka urusengero, aca agira ikindi kintu akoze. Iyo nkuru yaradufashije kubona ko guhindura imigambi yo mu vy’impwemu ata kibi kirimwo.” (1 Ngo. 17:1-4, 11, 12; 22:5-11) Brook yongerako ati: “Yehova yashaka ko tudodora ku wundi muryango.”

Hans na Brook bamaze kwumva amakuru ashimishije babwiwe n’abagenzi babo bakoreye mu bindi bihugu, baciye bagira icipfuzo co kuja gukorera mu kindi gihugu. Mu 2012, baciye baja muri Gana bamarayo amezi ane bafasha ishengero rikoresha ururimi rw’ibimenyetso. Naho basubiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ivyo biboneye muri Gana vyatumye barushiriza kugira icipfuzo co gushira imbere ivyungura Ubwami. Bahavuye baja gufasha mu bwubatsi bw’ibiro vy’ishami muri Micronésie.

BARATERA N’IZINDI NTAMBWE

Mwiteguye gute? Stephanie avuga ati: “Naragize ubushakashatsi mu biganiro vyo mu Munara w’Inderetsi bijanye no gukorera aho abamamaji bakenewe kuruta. * Vyongeye, narabwiye abakurambere b’ishengero be n’umucungezi w’umuzunguruko n’umukenyezi wiwe ibijanye n’icipfuzo nari mfise co kuja gukorera mu mahanga. Ikiruta vyose, kenshi narabwira Yehova mw’isengesho ivy’uwo mugambi wanje.” Mu kurindira, Stephanie yagumye yoroheje ubuzima, bikaba vyatumye ashobora kuziganya amahera yokwikozeko ariko akorera mu mahanga.

Hans avuga ati: “Twarasenze Yehova tumusaba ubuyobozi, kuko twipfuza kuja iyo atwerekeje. Mu masengesho yacu twaravuga tudomako n’itariki twoshize mu ngiro umugambi wacu.” Uwo mugabo n’umugore baciye barungika amakete ku biro bine vy’amashami. Ibiro vy’ishami vyo muri Gana vyarabemereye, maze baca bajayo, bafise umugambi wo kumarayo amezi abiri. Hans avuga ati: “Twarahimbawe cane no gukorana n’ishengero twarimwo ku buryo twahavuye twiyongeza imisi.”

Adria na George

George n’umukenyezi wiwe Adria bo muri Kanada, bafise hafi imyaka 40. Bagumije mu bwenge ko igihambaye kuri Yehova atari ukugira icipfuzo ciza gusa, mugabo ko ari ukugishira mu ngiro. Baciye rero batera izindi ntambwe kugira bashike kuri uwo mugambi. Babanje kuganira na mushiki wacu umwe yakorera muri Gana ahari hakenewe abamamaji kuruta maze baramubaza ibibazo vyinshi. Mu nyuma, barandikiye ibiro vy’ishami vyo muri Kanada be n’ivyo muri Gana. Adria avuga ati: “Twaciye turondera n’ingene tworushiriza kworosha ubuzima.” Ivyo bintu bakoze vyaratumye bashobora kwimukira muri Gana mu 2004.

INGENE BIHANGANIRA INGORANE

Ni ingorane izihe mwagize mumaze kwimukirayo, kandi mwazihanganiye gute? Amy avuga yuko ingorane ya mbere yagize ari inkumbu. Yigana ati: “Ibintu vyose vyari bitandukanye n’ivyo nari menyereye.” None ni igiki camufashije? Avuga ati: “Kuba abo muhira baguma banterefona bankeza, vyaratumye ngumayo. Twe n’abo muhira twahavuye tuza turakoresha ubuhinga bwo kuyaga tubonana kuri internet. Kubera ko twayaga tubonana, wamengo ntitukiri kure na kure.” Amy avuga yuko kugirana ubugenzi na mushiki wacu umwe w’imvukira, vyatumye arushiriza gutahura imigenzo itandukanye. Yigana ati: “Uwo mugenzi wanje ni we nitura igihe cose naba ntatahuye igituma abantu bakora ibintu kanaka. Yaramfashije kumenya ivyo nokora n’ivyo ntokora, ivyo bikaba vyaramfashije cane kugumana umunezero mu gikorwa.”

George na Adria bavuga ko igihe bashika muri Gana ari bwo bwa mbere, wamengo basubiye mu bihe vya kera. Adria yigana ati: “Aho kumesuza imashini, twamesurira mu ndobo. Gukinjika vyadutwara umwanya uruta incuro cumi uwo twahora dukoresha. Ariko haciye igihe, ivyo twabona ko ari ingorane, twahavuye tubona gusa ko ari ibintu bishasha twariko turiga.” Brook avuga ati: “Naho twebwe abatsimvyi duhura n’intambamyi nyinshi, usanga twifitiye ubuzima burangwa umunezero. Turavye ibintu vyose biremesha twaciyemwo, turibonera ko twungutse ibintu vy’intibagirwa.”

IVYIZA BIRONKERA MU BUSUKU

Kubera iki mworemesha abandi kwitanga muri ubwo buryo? Stephanie avuga ati: “Ntiworaba ingene biteye umunezero kwamamaza mu cibare usangamwo abantu banyotewe kwiga ukuri, bipfuza ko ubigisha Bibiliya buri musi. Kuja gukorera aho abamamaji bakenewe kuruta ni imwe mu ngingo nziza cane maze gufata!” Mu 2014, Stephanie yarubakanye na Aaron, kandi ubu bakorera ku biro vy’ishami vyo muri Gana.

Christine ni umutsimvyi wo mu Budagi arengeje gato imyaka 30. Avuga ati: “Ntiworaba ingene biryoshe.” Christine yarakoreye muri Boliviya imbere yo kwimukira muri Gana. Yongerako ati: “Kubera ndi kure y’umuryango wanje, nama nitura Yehova ngo amfashe. Ubu ndarushiriza kumwibonera kuruta uko nahora. Vyongeye, nariboneye ubumwe budasanzwe abasavyi ba Yehova bafitaniye. Uwu murimo waratumye ngira ubuzima buhimbaye cane.” Christine aherutse kwubakana na Gideon, kandi barabandanya gukorera muri Gana.

Christine na Gideon

Filip na Ida baratwiganira ivyo bakoze kugira bafashe abatohoji ba Bibiliya gutera imbere. Filip avuga ati: “Twahoze tuyobora inyigisho za Bibiliya 15 canke zirenga, ariko twarazigabanije gushika kuri 10 kugira ngo tubigishe neza kuruta.” None abo batohoji bahungukira gute? Filip yigana ati: “Narigishije Bibiliya umusore umwe yitwa Michael. Twiga imisi yose kandi yarategura neza ku buryo mu kwezi kumwe twari turangije igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Inyuma y’aho yaciye aba umwamamaji. Umusi wa mbere twasohokana mu ndimiro, yambajije ati: ‘Ubona twojana ku nyigisho zanje za Bibiliya?’ Naramuravye ndumirwa. Michael yambwiye ko yari yaratanguje inyigisho za Bibiliya zitatu be n’uko yari akeneye uwomufasha kumenya ingene yoziyobora.” Ibaze nawe! Hari inkenero ku buryo abatohoji ba Bibiliya na bo nyene usanga bigisha Bibiliya!

Ida na Filip

Amy aratwiganira ingene atatevye kubona ko hari inkenero ikomeye, ati: “Gatoyi inyuma yo gushika muri Gana, twaragiye kwamamaza mu kagwati kamwe kugira turondere abaragi. Muri ako kagwati honyene twahasanze abaragi umunani!” Mu nyuma, Amy yarubakanye na Eric, kandi ubu bompi ni abatsimvyi badasanzwe. Bari mw’ishengero rikoresha ururimi rw’ibimenyetso kugira bafashe bamwe mu bamamaji b’abaragi hafi 300, hamwe n’abandi bashimishwa n’ukuri muri ico gihugu. George na Adria babona ko gukorera muri Gana vyatumye batahura ico kuba umumisiyonari bisobanura. Ese rero ukuntu bahimbawe igihe baronka ubutumire bwo kwitaba Ishure rya Gileyadi mu mugwi ugira 126! Ubu ni abamisiyonari muri Mozambike.

BABITUMWA N’URUKUNDO

Birakora ku mutima kubona ingene abavukanyi benshi bava mu bindi bihugu, bagakora cane bari kumwe n’abavukanyi b’imvukira, kugira ngo begeranye ivyimburwa. (Yoh. 4:35) Buri ndwi, abantu nka 120 barabatizwa muri Gana. Cokimwe n’abavukanyi bashika 17 bimukiye gukorera muri Gana, hirya no hino kw’isi hari abamamaji ibihumbi n’ibihumbi ‘bitanze babikunze,’ babitumwe n’urwo bakunda Yehova. Barakorera aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta. Ese ukuntu abo bakozi bitanga babikunze bategerezwa kuba banezereza umutima wa Yehova!​—Zab. 110:3; Imig. 27:11.

^ ing. 9 Raba nk’akarorero ikiganiro kivuga ngo “Woba ushobora gukorera aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ahandi?” be n’ikivuga ngo “Woba ushobora kujabuka ukaja i Makedoniya?”, mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza be n’uwo ku wa 15 Kigarama 2009.