Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ninewe cari igisagara gifise inyubakwa be n’ivyibutso bitangaje cane

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Igisagara ca Ninewe cashikiwe n’iki inyuma y’igihe ca Yona?

MU KINJANA c’indwi imbere ya Kristu, inganji ya Ashuri ni yo yari nini kuruta izindi zose kw’isi. Urubuga rwo kuri internet rw’iratiro ry’ivya kera ryo mu Bwongereza (The British Museum) rwavuze ko iyo nganji “mu burengero yava i Shipre, mu buseruko na ho ikagarukira muri Irani, kandi igihe kimwe yarigeze no gushika mu Misiri.” Ninewe umurwa mukuru wayo, ni co cari igisagara kinini kuruta ibindi vyose kw’isi. Carimwo ivyibutso bitangaje cane, ubusitani bwizabwiza, ibirimba vy’akaroruhore, be n’ububiko bw’ibitabu buninibunini cane. Ivyandiko vyari ku mpome z’igisagara ca Ninewe ya kera, birerekana ko Umwami Ashuribanipale yiyita “umwami w’isi yose,” cokimwe n’abandi bami ba Ashuri. Ico gihe, Ashuri n’umurwa mukuru waho Ninewe vyasa n’uko ata wobihangara.

Intwaro nganzasi ya Ashuri ni yo yari inganji nini kuruta izindi zose kw’isi ico gihe

Ariko rero Ashuri imaze gukomera cane, Zefaniya umuhanuzi wa Yehova yavuze ati: “[Yehova] azoramvura ukuboko kwiwe . . . arandure Ashuri. Kandi Ninewe azoyigira igiharabuga, akarere kagadutse nk’agahinga.” Nahumu umuhanuzi wa Yehova na we yavuze ati: “Nimusahure ifeza; nimusahure inzahabu. . . . Igisagara kiragaragara, cogejwe, kandi gisigaye ari igiharabuga! . . . Uwuzokubona wese azoguhunga, avuge koko ati: ‘Ninewe yanyazwe!’” (Zef. 2:13; Nah. 2:9, 10; 3:7) Abantu bumvise ubwo buhanuzi, bashobora kuba baribajije bati: ‘Ivyo bizoshoboka koko? Ni nde yoshobora gutsinda Ashuri ikomeye ukuraho?’ Vyasa n’ivyari bigoye kwemera.

Ninewe yarahindutse umusaka

Naho ari ukwo, ivyasa n’ibidashoboka vyarashobotse. Mu mpera z’ikinjana c’indwi imbere ya Kristu, Ashuri yarigaruriwe n’Abanyababiloni be n’Abamedi. Amaherezo, nta bantu basubiye kuba i Ninewe kandi ico gisagara cahavuye cibagiranwa. Igitabu kimwe co mu bushinguro bw’utwa kera bw’i New York (The Metropolitan Museum of Art), kivuga ko “hagati y’ikinjana ca gatanu n’ica 15 inyuma ya Kristu, ata muntu n’umwe yarangwa muri ico gisagara be n’uko cari carazimanganye, kandi ko ahanini abantu bamenyera amakuru ya Ninewe muri Bibiliya gusa.” Ishirahamwe rijejwe gucukura ivya kera bijanye n’ibivugwa muri Bibiliya (Biblical Archaeology Society Online Archive), rivuga yuko mu ntango z’imyaka ya 1800, “ata muntu n’umwe yari azi nimba vy’ukuri umurwa mukuru wari ukomeye wa Ashuri warigeze kubaho koko.” Ariko rero mu 1845, umuhinga mu vy’ubucukuzi yitwa Austen Henry Layard yaratanguye igikorwa c’ugucukura ahahoze Ninewe. Ibisigarira yubuye vyarerekanye ko Ninewe cari igisagara ciza cane.

Kubona ubuhanuzi bwari bwaravuze ibijanye na Ninewe bwararangutse koko, biratuma turushiriza kwizigira yuko ubuhanuzi Bibiliya ivuga yuko intwaro zikomakomeye zo muri iki gihe zizokurwaho, na bwo nyene buzoranguka.​—Dan. 2:44; Ivyah. 19:15, 19-21.