Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Amatafari yubuwe mu bisigarira vya Babiloni ya kera be n’ingene bayakora vyerekana gute ko ivyo Bibiliya ivuga ari ukuri?

ABACUKUZI barubuye muri Babiloni ya kera amatafari aturiye menshi cane yakoreshejwe mu kwubaka ico gisagara. Twisunze ivyo umucukuzi umwe yitwa Robert Koldewey avuga, ayo matafari yaturirirwa mu mafuru yari “hanze y’igisagara, ahari ibumba ryiza n’ibiti . . . vyinshi.”

Inzandiko za kera zivuga ko abategetsi b’Abanyababiloni bakoresha kandi ayo mafuru mu gukora ibintu bibi cane. Umuhinga umwe mu vya kahise ka Ashuri ya kera no mu vy’indimi yitwa Paul-Alain Beaulieu akaba yari umwigisha kuri kaminuza y’i Toronto, avuga ati: “Ivyandikano vyinshi vy’i Babiloni . . . vyerekana ko umwami yashobora gutanga itegeko ry’uko abamugarariza bose canke abatubaha ibintu vyeranda, bategerezwa gutererwa mw’ifuru maze bagahirayo.” Urwandiko rumwe rwo mu gihe c’Umwami Nebukadinezari rugira ruti: “Nimubarandure, mubaturire, mubotse, . . . mw’ifuru . . . umwotsi wabo uduge mu kirere, mubicire mu muriro ururumba.”

Ivyo biributsa abasoma Bibiliya ibivugwa muri Daniyeli ikigabane ca 3. Havuga ko Umwami Nebukadinezari yashinze igishusho kinini cane c’inzahabu mu kiyaya ca Dura, hanze y’igisagara ca Babiloni. Igihe ba basore batatu b’Abaheburayo, ari bo Shadrake, Meshake na Abedinego banka kwunamira ico gishusho, Nebukadinezari yaciye ashavura cane aca ategeka ko bongereza umuriro muri iyo furu “incuro indwi kuruta uko vyahora,” maze ba basore batatu “babatere[ra] muri iyo furu yaka umuriro.” Ariko umumarayika w’ububasha yaciye abarokora.​—Dan. 3:1-6, 19-28.

© The Trustees of the British Museum. Licensed under CC BY-NC-SA 4.0. Source

Itafari rituriye ryanditseko izina rya Nebukadinezari

Ayo matafari yubuwe i Babiloni na yo nyene arerekana ko ivyo Bibiliya ivuga ari ukuri. Menshi muri yo yanditseko amajambo ashemeza umwami. Amwe muri ayo majambo agira ati: “Nebukadinezari umwami w’i Babiloni . . . Ikirimba jewe umwami akomeye nubatse . . . Uruvyaro rwanje niruganzire muri iki kirimba ibihe bidahera.” Ayo majambo arasa cane n’ayavugwa muri Daniyeli 4:30, aho Nebukadinezari yirase avuga ati: “Mbega iyi si Babiloni ikomeye, iyo jewe ubwanje niyubakiye ngo ibe ikirimba c’umwami, nkoresheje inguvu zanje n’ububasha bwanje, kugira ngo icubahiro canje kininahazwe?”