Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Izina ryo muri Bibiliya ku rwavya rwa kera

Izina ryo muri Bibiliya ku rwavya rwa kera

Mu 2012, abashakashatsi baratangaye cane bubuye ibipandepande vy’urwavya rumaze imyaka 3.000. None ni igiki cabatangaje? Si ivyo bipandepande ubwavyo, ariko ni ivyari vyanditse kuri vyo.

Igihe abacukuzi baterateranya ivyo bipandepande vyose, basanze ivyari vyanditseko biri mu rurimi rwa kera rw’Abanyakanani. Vyagira biti: “Eshubayali Beni [mwene] Beda.” Bwari bwo bwa mbere abacukuzi bubuye iryo zina ku kintu ca kera.

Mu bisanzwe, hariho uwundi Eshubayali avugwa muri Bibiliya. Yari umwe mu bahungu b’Umwami Sauli. (1 Ngo. 8:33; 9:39) Profeseri Yosef Garfinkel, akaba yaragize uruhara muri ubwo bucukuzi, avuga ati: “Birashimishije kubona izina Eshubayali muri Bibiliya no muri ibi twubuye, riboneka gusa mu vyabaye ku ngoma y’Umwami Dawidi.” Hari abiyumvira ko iryo zina ryakoreshejwe muri ico gihe gusa. Ico rero ni ikindi kimenyamenya c’uko ivyacukuwe n’abahinga bishigikira Bibiliya.

Ahandi muri Bibiliya, Eshubayali yitwa Ishi-bosheti. (2 Sam. 2:10) Kubera iki none agace “bayali” gasubirirwa na “bosheti”? Abashakashatsi basigura ko uwanditse igitabu ca 2 Samweli ashobora kuba yaririnze gukoresha izina Eshubayali, kubera yuko ryibutsa Abisirayeli ya mana Bayali, iyo Abanyakanani bemera ko itanga imvura. Ariko rero, izina Eshubayali ryarazigamwe mu gitabu ca mbere c’ivyo ku Ngoma.