Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imibabaro​—Coba ari igihano c’Imana?

Imibabaro​—Coba ari igihano c’Imana?

LUZIA AMUGAYE UKUGURU KW’UKUBAMFU. Akiri umwana mutoyi yarafashwe n’indwara y’ubukangwe kandi yandukira. Igihe yari afise imyaka 16, inabuja yamubwiye ati: “Imana yaguhanishije ubwo bumuga kubera wagambarariye nyoko wongera uramugora.” Naho haheze imyaka itari mike, Luzia aracibuka ingene yaciye avunika umutima.

IGIHE DAMARIS YAMENYA KO ARWAYE KANSERI YO MU BWONKO, se yamubajije ati: “Wakoze iki kugira ivyo bigushikire? Utegerezwa kuba warakoze ikintu kibi cane. Ni co gituma Imana iriko iraguhana.” Ayo majambo yatumye Damaris agira agahinda kenshi.

Ivy’uko ngo indwara ari igihano c’Imana si ivy’ubu. Igitabu kimwe (Manners and Customs of Bible Lands) kivuga ko benshi mu gihe ca Kristu bemera yuko “indwara zava ku gicumuro ca nyene kurwara canke incuti ziwe, be n’uko izo ndwara zaba ari igihano c’uko yacumuye.” Mu kiringo co hagati y’ikinjana ca 6 n’ica 16 na ho, igitabu kimwe (Medieval Medicine and the Plague) kivuga yuko “abantu bamwebamwe wasanga bavuga ko Imana iteza ibiza kugira ibahane kubera ibicumuro vyabo.” Mu kinjana ca 14, i Buraya harateye ikiza cahitanye abantu amamiliyoni. None yoba yari Imana iriko irahana ababi? Canke cari ikiza gitewe n’imigera y’indwara nk’uko abahinga mu vy’ubuvuzi bavyerekanye? Hari abokwibaza bati: Imana yoba vy’ukuri iteza abantu indwara kugira bishure ibicumuro vyabo? *

RIMBURA IKI KINTU: Nimba indwara n’imibabaro ari igihano c’Imana, Yezu yoba yari gukiza abarwaye? Ubwo ntiyari kuba ahonyanze ubutungane n’ubugororotsi bw’Imana? (Matayo 4:23, 24) Yezu ntiyari gushobora kuvuguruza Se wiwe. Yavuze ati: “Nama nkora ibimuhimbara.” Yavuze kandi ati: “Nk’uko Data yantegetse gukora, ni ko nkora.”​—Yohani 8:29; 14:31.

Bibiliya irerekana neza ko Imana “itagira akarenganyo.” (Gusubira mu vyagezwe 32:4) Nk’akarorero, Imana ntiyokwigera ituma haba isanganya ry’indege rihitana abantu amajana n’amajana ata co bazira, kubera gusa ishaka guhana umuntu umwe ari mu bari muri iyo ndege! Ku bijanye n’ubugororotsi bw’Imana, umusavyi wayo wa kera Aburahamu yabajije Imana ati: “Uzohonereza hamwe umugororotsi n’umubisha?” Yaciye avuga ati: “Ni ibitokwiyumvirwa.” (Itanguriro 18:23, 25) Vyongeye, Bibiliya ivuga iti: “Imana ntikora ivy’ububisha” canke ngo ‘irenganye.’​—Yobu 34:10-12.

ICO BIBILIYA IVUGA KU BIJANYE N’IMIBABARO IDUSHIKIRA

Iyo dushikiwe n’imibabaro si Imana iba iduhanye kubera igicumuro kanaka twakoze. Yezu ubwiwe yaratomoye ico kintu igihe we n’abigishwa biwe babona umugabo yari yavutse ari impumyi. Abigishwa biwe bamubajije bati: “Rabi, ni nde yacumuye, ni uyu muntu canke ni abavyeyi biwe, ku buryo yavutse ari impumyi?” Yezu yabishuye ati: “Yaba uyu muntu canke abavyeyi biwe, nta n’umwe yacumuye, mugabo vyabaye kugira ngo ibikorwa vy’Imana bibonekere kuri we.”​—Yohani 9:1-3.

Kubera ivyiyumviro bitari vyo vyari vyiraye, abigishwa ba Yezu bategerezwa kuba baratangaye ababwiye yuko yaba uwo mugabo canke abavyeyi biwe, ata n’umwe yari yaracumuye ngo bitume haba ico cago. Yezu yaciye ahumura uwo mugabo, biba bihinyuje ca kinyoma c’uko imibabaro ari igihano kiva ku Mana. (Yohani 9:6, 7) Abarwaye indwara zikomeye muri kino gihe, barakwiye guhumurizwa no kumenya ko Imana atari yo ibateza ingorane zibahanze.

Yezu yoba yari kwubahuka gukiza abarwaye nimba Imana yariko ibahana kubera ibibi bakoze?

Ivyanditswe biduhumuriza

  • “Kuko Imana idashobora kugeragezwa n’ibintu bibi, eka na yo ubwayo nta we ibigerageresha.” (YAKOBO 1:13) Nkako, “ibintu bibi” bimaze imyaka amajana vyugarije abantu, harimwo indwara, imibabaro n’urupfu, bigiye kuvaho vuba.

  • Yezu Kristu “[yarakijije] abari bamerewe nabi bose.” (MATAYO 8:16) Igihe Umwana w’Imana yakiza abaje kuri we bose, yari yerekanye ivyo Ubwami bw’Imana buzokora kw’isi yose.

  • Imana “izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”​—IVYAHISHUWE 21:3-5.

NI NDE YOBIBAZWA?

Ni kubera iki abantu bari mu ngorane nyinshi n’umubabaro ntangere? Abantu baramaze imyaka amajana bibaza ico kibazo. None nimba atari Imana, ni nde yobibazwa? Turaronka inyishu z’ivyo bibazo mu kiganiro gikurikira.

^ ing. 4 Naho kera vyashika Imana igahana abantu kubera ibicumuro kanaka bakoze, nta na hamwe Bibiliya yerekana ko ubu Yehova akoresha indwara canke ivyago kugira ahane abantu abahora ibicumuro vyabo.