Ja ku birimwo

Ivyabona bo mu Butaliyano barafashije ababanyi babo

Ivyabona bo mu Butaliyano barafashije ababanyi babo

Mu mpera za Munyonyo 2016 haraguye imvura nyinshi mu buraruko bw’Ubutaliyano, bica bituma ibigwati bimwebimwe vyo mu bumanuko bw’igisagara ca Moncalieri birengerwa n’amazi. Mu bibanza bimwebimwe amazi yaraduze arashika kuri santimetero zirenga 50. Ikinyamakuru kimwe cavuze ko ayo mazi ataho atashitse. Abategetsi baciye bihutira kwimura abantu nka 1.500 baba muri ako karere. Kubera yuko abajejwe gutabara baciye bahaseruka, nta muntu yahasize ubuzima, ariko benshi barahaburiye ivyabo.

Barakoze birashimwa

Ivyabona bo muri ako karere baciye ubwo nyene batangura igikorwa. Barafashije imiryango yari yatewe n’ayo mazi gusohora ivyondo n’ibintu vyari vyononekaye bongera barabafasha kurokora ivyari bikiri bizima. Hari Ivyabona bari bafise ibikoresho n’ibifungurwa baciye mw’ibarabara rimwe basanga rirazibiye. Abategetsi barabaretse bararengana kugira baje gufasha umuryango wari usinzikaye. Ivyo Vyabona barafashije abo basangiye ukwemera hamwe n’ababanyi babo bo mu yandi madini.

Nk’akarorero, icumba co mu kuzimu c’inzu y’Icabona yitwa Antonio cari carengewe n’amazi. Abajejwe gutabara bamaze gukurayo ayo mazi, Ivyabona benshi baciye bafasha Antonio n’umuryango wiwe gukura muri ico cumba ibintu vyari vyononekaye. Mu nyuma, ivyo Vyabona barafashije n’abandi bantu baba muri iyo nyubakwa. Baratonze kw’isheni maze mu masaha makeyi baba barahejeje gusohora ibintu vyose vyari mu vyumba vyo mu kuzimu vy’abo bantu. Bose barashimye cane ukuntu ivyo Vyabona babafashije. Uwitwa Viviana yaregereye umugore wa Antonio, amubwirana amosozi mu maso ati: “Turagusavye utubwirire barya bavukanyi bawe ko tubakengurukiye cane. Muri igitangaza!”

Abantu bo mu kigwati kimwe cari casinzikajwe cane n’ayo mazi barihweje ingene Ivyabona bariko barafasha abari bashikiwe n’ico cago. Bamwe muri bo barakozwe ku mutima n’ivyo babonye, baca baritanga barafasha ivyo Vyabona kandi baremera gukurikiza ubuyobozi bahabwa n’uwari ahagarikiye ibikorwa.

Barakengurutse ukuntu babafashije cane

Inzu y’umugabo umwe yarononekaye cane, garaje yiwe na yo yuzura ivyondo. Yarumiwe abonye ukuntu umugwi w’Ivyabona umunani wamaze amasaha ane yose uriko urakura ivyo vyondo muri garaje yiwe. Mu kubashimira yaragumbiriye bamwe muri bo, yongera arandika kuri réseaux sociaux ubutumwa bwo gukenguruka ukuntu bamufashije cane.

Icabona umwe yigana ati: “Twarafashije ababanyi benshi batari Ivyabona, abatari bake muri bo bakaba bari bageze mu myaka 80. Bamwe muri bo barakoroye amosozi mu kudushimira.” Umwe muri bo ni umugatolika w’imena. Yarabwiye ivyo Vyabona ko yashimye cane ukuntu bamufashije. Yongeyeko ati: “Vyari bihimbaye cane kwibonera ukuntu twafashanije naho tutari mw’idini rimwe.” Uwundi mugabo yavuze ati: “Birambabaza kubona muzwi gusa ko mugenda muradodora ku mihana y’abantu ku wa mungu mu gitondo ariko mukaba mutazwi ko mufasha abantu.”