Ja ku birimwo

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Igituma bihambaye ko abana bamenya gusoma: Igice ca 1: Gusoma canke kuraba ividewo?

Igituma bihambaye ko abana bamenya gusoma: Igice ca 1: Gusoma canke kuraba ividewo?

 Igihe abana bawe bakeneye kwiruhura, boba bakunda kuraba amavidewo canke gusoma? Ni igiki kiborohera guhitamwo? Yoba ari telefone canke igitabu?

 Kuva mu myaka iheze, abantu ntibagikunda gusoma kubera televiziyo n’ivyo baraba kuri internet. Mu mwaka wa 1990, uwitwa Jane Healy yanditse mu gitabu ciwe (Endangered Minds) ati: “Hazogera igihe abantu bahagarike gusoma.”

 Ico gihe, wamengo ivyo yavuze ko ari ukurenza urugero. Naho ubu haheze imyaka 30, abigisha bari mu bihugu aho ubuhinga bwa none buteye imbere bavuga ko abakiri bato benshi batagishoboye gusoma nk’uko vyari kera.

Muri iki kiganiro turaza kubona:

 Igituma bihambaye ko abana bamenya gusoma

  •   Gusoma birafasha gukoresha umuzirikanyi. Nk’akarorero, turiko turasoma, turiha ishusho amajwi y’abavugwa muri iyo nkuru bakoresha, uko basa n’ikibanza barimwo. Umwanditsi arasigura ibintu bimwebimwe, ariko uwusoma agaca yiha ishusho y’ibisigaye.

     Inabibondo umwe yitwa Laura avuga ati: “Igihe turaba amasinema canke amavidewo, tuba turiko turaraba ivyiyumviro vy’uwundi muntu. Ni ivy’ukuri ko ivyo biryoshe. Ariko gusoma, birafise ikintu kidasanzwe vyisangije: Bituma wiha ishusho ivyo uwundi muntu yanditse mu gitabu.”

  •   Gusoma birafasha abana gutsimbataza kamere nziza. Gusoma birafasha abana gutahura ingorane zibashikira no kuzitorera umuti. Vyongeye, birabigisha kwitunira ku kintu. Ivyo biratuma baba abantu bihangana, bigumya kandi bafise impuhwe.

     Uti impuhwe? Ego cane! Abashakashatsi bamwebamwe bavuga ko igihe abana basomye inkuru bitonze, bibafasha kubona inyiyumvo z’abavugwa muri iyo nkuru. Ivyo birashobora gufasha abo bana kugaragariza impuhwe abantu bazi.

  •   Gusoma birafasha umwana kuzirikana bigera kure. Abantu basoma bavyitondeye ntibihutagiza mu gusoma. Bikenewe baranasubiramwo ivyo bamaze gusoma kugira batahure ivyo umwanditsi yashatse kuvuga. Ivyo birabafasha kwibuka ivyo basomye kandi bikabagirira akamaro.​—1 Timoteyo 4:15.

     Sebibondo umwe yitwa Joseph avuga ati: “Igihe usoma biroroshe ko uzirikana ivyo uriko urasoma, ukabihuza n’ivyo usanzwe uzi, ukahakura n’ivyigwa. Amavidewo n’amasinema ntiyama atuma tuzirikana cane.”

 Iciyumviro nyamukuru: Naho amavidewo n’amasinema afise akamaro, abana bawe boba bahomvye ikintu gikomeye hamwe batorondera umwanya wo gusoma.

 Ingene woremesha abana gusoma

  •   Nutangure kubigira hakiri kare. Inabibondo w’abahungu babiri yitwa Chloe avuga ati: “Dusomera abana bacu ibitabu kuva bakiri mu nda, kandi turabandanya bamaze kuvuka. Turahimbarwa no kuba twarabandanije kubigira. Ubu baramaze kumenyera gusoma ku buryo babikora mu kwisamaza.”

     Ico Bibiliya ivuga: “Guhera mu buhinja wa[ra]menye ivyanditswe vyeranda.”​—2 Timoteyo 3:15.

  •   Nutegure ivyotuma umwana wawe yoroherwa no gusoma. Nutume umwana wawe yoroherwa no gusoma mu kuzana muhira ibitabu. Inabibondo w’abana bane yitwa Tamara avuga ati: “Nurondere ibitabu vyoryohera umwana wawe hanyuma ubishire hafi y’igitanda ciwe.”

     Ico Bibiliya ivuga: “Rera umwana wisunze inzira imubereye; mbere n’igihe azosaza ntazokevya ngo ayivemwo.”​—Imigani 22:6.

  •   Nushinge umwanya wo gukoresha internet. Sebibondo umwe yitwa Daniel aremesha kugira umugoroba aho ata n’umwe akoresha akuma ngendanwa. Avuga ati: “Twarafata umugoroba umwe tutaraba televiziyo naho ryaba ari rimwe gusa mu ndwi. Twarafata umwanya wo gusoma turi hamwe canke umwe wese ari ukwiwe.”

     Ico Bibiliya ivuga: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”​—Abafilipi 1:10.

  •   Nubabere akarorero. Inabibondo w’abakobwa babiri yitwa Karina avuga ati: “Nutume abana bawe babona mu bwenge iyo nkuru mu kuntu uyibasomera no mu kwerekana ko nawe ubwawe uryohewe n’ivyo uriko urasoma. Nimba ukunda gusoma, n’abana bawe barashobora kubikunda.”

     Ico Bibiliya ivuga: “Ubandanye kwijukira ugusomera imbere y’abantu.”​—1 Timoteyo 4:13.

 Abana bose ntibazokunda gusoma. Naho ari ukwo, niwabaremesha gusoma, hari aho bokwumva bipfuje kubigira. Sebibondo w’abakobwa babiri yitwa David arakora n’ibindi. Avuga ati: “Narasoma ivyo abakobwa banje baba bariko barasoma. Vyaramfasha kumenya ivyo bakunda, tukaronka n’ivyo tuganira. Twarasomera hamwe turi umugwi kandi vyari biryoshe.”