Ja ku birimwo

Albert Wright/iStock via Getty Images

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Icari c’inyoni yitwa leipoa ocellé

Icari c’inyoni yitwa leipoa ocellé

 Inyoni yitwa leipoa ocellé yo mu bumanuko bwa Ostraliya iratuma mu cari cayo haguma ubushuhe bwababa dogere 34. None iyo nyoni ibigenza gute ngo mu cari cayo hagume ubwo bushuhe haba ku murango canke mw’ijoro umwaka wose?

 Igihe cose mu rushana, iyo nyoni irimba ikinogo kingana n’imetero imwe y’ubwimbike ku metero zitatu z’ubwaguke. Ikigabo gica cuzuza ico kinogo ivyatsi, amababi hamwe n’ibindi bimera. Ivyo vyatsi n’ibindi bimera bimaze kunyagirwa n’imvura yo mu rushana, ca kigabo gica cimba ikindi kinogo muri ivyo vyatsi co gutamwo amagi, kigaca kibipfuka n’ivu ririmwo umusenyi. Vya vyatsi bica bitangura kubora bigaca bizana ubushuhe bubereye bwo kubundikira amagi.

Kugira amagi aberuke (A), iyo nyoni yitwa leipoa ocellé ikoresha ubushuhe bw’izuba hamwe n’ubuva kuri vya vyatsi biba biriko birabora (B). Mu kwongereza no kugabanya ivu rikingira ikinogo (C), iyo nyoni iragumiza amagi yayo ku bushuhe bwababa dogere 34 mu kiringo c’amezi menshi. Mu kubikora, iyo nyoni irasura ivu ryinshi ikoresheje ivyara vyayo (D)

 Igihe cose hageze ko ikigore gita irigi, ikigabo gica gikura rya vu ripfutse ikinogo kugira ico kigore kirite muri nya kinogo kirimwo ivyatsi. Ubwo nyene ca kigabo gica gisubira gupfuka ico kinogo n’ivu. Ikigore kirashobora guta amagi agera kuri 35 kuva muri Nyakanga gushika muri Ruhuhuma. a

 Izo nyoni ziza zirashira umunwa wazo mw’ivu kugira zumvirize ubushuhe buhari. Ziza zirahindura ca kirundo c’ivyatsi zisunze uko ikirere cifashe. Nk’akarorero:

  •   Mu mpeshi, ivyatsi birabora bigatangura kuduza ubushuhe bwinshi. Ikigabo gica kigabanya rya vu riri hejuru y’ikinogo kirimwo amagi kugira ubushuhe bugabanuke, kigaca gipfuka ico cari gikoresheje ivu rikanye.

  •   Mu ci, ikigabo kirashira ivu ryiyongereye hejuru ya vya vyatsi kugira gikingire amagi izuba. Ariko buri gitondo, icari n’ivu bimaze gukanya, ca kigabo kiza kirakuraho ivu kirisubiriza.

  •   Mu gatasi, vya vyatsi bimaze kubora, ikigabo kirakurako ivu nka ryose kugira izuba rishushe amagi na rya vu cakurako. Mu nyuma, kirasubira gupfuka ca kinogo na rya vu ryashushe kugira mw’ijoro hagume hashushe.

 Ugereranije buri musi, ikigabo kiramara amasaha arenga atanu kiriko kirakora, gikuraho congera gusubizaho ivu ryongana n’ibiro 850. Ukuba ico kigabo kiza kirakurako ivu congera kirisubizako birafise n’akandi kamaro: Biratuma ivu riguma ryoroshe, gutyo uduswi tuberutse bikoroha ko tuduga tuva mw’ivu.

 Nurabe ingene inyoni zitwa leipoa ocellé zikura ivu ku cari cazo

 Uvyibazako iki? Ubuhinga inyoni yitwa leipoa ocellé ikoresha mu gucungera ubushuhe bw’icari cayo, bwoba bwariyadukije canke hariho uwabushizeho?

a Amagi aberuka nko mu mezi abiri, ivyo bigaca bituma ca gikorwa co guhindagura ivu kibandanya gushika muri Ndamukiza.