Ja ku birimwo

NIWIGANE UKWIZERA KWABO | MIRIYAMU

“Ririmbira Yehova”!

“Ririmbira Yehova”!

Umwana w’umukobwa yinyegeje ahantu ata wushobora kumubona. Aguma ashinze ijisho isandugu iri mu marenga. Kubera ko uruzi Nili rutekanye, ntakakaza. Umwanya urahaca, udukoko tukaguma tuguruka irya n’ino. Ariko wewe aguma arindiriye, araba nya sandugu. Iyo sandugu yari inyegeje ng’aho yarimwo musazawe. Uwo mukobwa yiyumviriye ko musazawe ari wenyene kandi atagira gitabara, vyaramubabaza cane. Ariko yari azi ko abavyeyi biwe bari bafashe ingingo nziza. Ni bwo buryo bwonyene bari gukoresha kugira bamurokore mu bihe bigoye bariko baracamwo.

Uwo mukobwa yariko aragaragaza umutima rugabo udasanzwe. Ariko mu mwanya wari imbere gato, vyari kumusaba kurushiriza kuwugaragaza. Naho yari akiri muto, yariko aratsimbataza ukwizera gukomeye. Hari ikintu kidasanzwe cari kugaragaza ko afise ukwizera. Kandi ukwo kwizera kwomufashije ubuzima bwiwe bwose. Haciye imyaka amaze gusaza, ukwizera kwomufashije mu bintu bidasanzwe vyoshikiye igisata ciwe. Ukwizera nyene kwomufashije akoze igicumuro gikomeye. Uwo mukobwa yari nde? Kandi ukwizera kwiwe kutwigisha iki?

Miriyamu yakuriye mu bushumba

Muri iyo nkuru, Bibiliya ntivuga izina ry’uwo mukobwa. Ariko turazi uwo ari we. Yari Miriyamu imfura ya Amuramu na Yokebedi. Abo bavyeyi biwe bari Abaheburayo, bakaba bari abashumba mu Misiri. (Guharūra 26:59) Musazawe yahavuye yitwa Musa. Mwenewabo n’uwo muhungu yitwa Aroni, akaba yari afise nk’imyaka itatu ico gihe. Ntituzi imyaka Miriyamu yari afise ico gihe, ariko birashoboka cane ko yoba yari afise imyaka iri musi ya cumi.

Miriyamu yabayeho mu gihe kigoye. Abanyamisiri babona Abaheburayo nk’abansi. Rero baciye babagira abashumba kandi barabahahaza. Naho ari ukwo, abo bashumba bararushirije kwongerekana bica bituma Abanyamisiri bagira ubwoba, baca babagira umugambi wo kurushiriza kubahahaza. Farawo yategetse yuko abana bose b’abahungu b’Abaheburayo bokwishwe bakivuka. Nta gukeka ko Miriyamu yari yarumvise ibijanye n’ukwizera abakirizi babiri bitwa Shifura na Puwa bari baragaragaje mu kuguma banyegeza abana b’abahungu baba bavutse.​—Kuvayo 1:8-22.

Miriyamu yarabona kandi ukwizera kw’abavyeyi biwe. Amuramu na Yokebedi baranyegeje uwo mwana wabo wa gatatu mu mezi atatu ya mbere inyuma y’aho avukiye. Ntibatwawe n’ubwoba kubera iryo tegeko rya Farawo ngo biyicire umwana wabo. (Abaheburayo 11:23) Ariko ntivyoroshe kunyegeza uruhinja. Rero bahavuye bafata ingingo itoroshe. Yokebedi yabwirizwa kunyegeza uwo mwana akamushira ahantu vyotumye bishoboka ko hagira uwumutora, akamukingira akongera akamwitwararika. Nuzirikane ukuntu nyina wiwe ashobora kuba yarasenze cane igihe yariko arajisha iyo sandugu mu rufunzo, igihe yariko ayisiga ikaburimbo kugira amazi ntiyinjiremwo, maze agasiga uwo mwana yikundira mu ruzi Nili. Nta gukeka ko yabwiye Miriyamu kuhaguma kugira arabe ivyokurikiye.​—Kuvayo 2:1-4.

Miriyamu yari umurokozi

Rero Miriyamu yarahagumye. Haciye umwanya, yarabonye abantu baje. Bari abakobwa kandi ntibari Abanyamisiri basanzwe. Yari umukobwa wa Farawo ari kumwe n’abasukukazi biwe baje kwoga mu ruzi Nili. Birashoboka ko Miriyamu yagize ubwoba bwinshi. Ntiyabona ko umukobwa wa Farawo yari kurenga itegeko ry’umwami agakingira uwo mwana w’Umuheburayo. Miriyamu ategerezwa kuba yarasenze cane muri uwo mwanya.

Umukobwa wa Farawo ni we yatanguye kubona ya sandugu mu marenga. Yaciye arungika umushumbakazi aje kuyizana. Ku bijanye n’uwo mukobwa wa Farawo, iyo nkuru ibandanya iti: “Ayuguruye abona wa mwana, kandi nya gahungu kariko kararira.” Ubwo nyene yaciye atahura ko hari Umuheburayokazi yariko aragerageza guhisha akana kiwe. Umukobwa wa Farawo yaciye yumvira ikigongwe ako kana. (Kuvayo 2:5, 6) Miriyamu aravye mu maso umukobwa wa Farawo, ategerezwa kuba yarabonye ko ashaka gufasha ako kana. Yarabonye ko aronse akaryo ko kwerekana ko yizera Yehova. Yari yiyemeje kugaragaza umutima rugabo. Yaciye yegera umukobwa wa Farawo n’abo bari kumwe.

Ntituzi ivyari gushobora gushika igihe umushumba w’Umuheburayokazi agiye kuvugisha abo mu muryango wa cami. Naho ari ukwo, Miriyamu yaciye abaza uwo mukobwa wa Farawo adomako ati: “Ngende nguhamagarire umugore yonsa mu bagore b’Abaheburayokazi akwonkereze uyo mwana?” Yari amubajije ikibazo ciza. Umukobwa wa Farawo yari azi ko adashobora kwonsa umwana. Ashobora kuba yarabona ko vyari kuba vyiza uwo mwana yonkejwe n’umuntu wo mu gisata ciwe. Mu nyuma, yomuzanye iwe akamurera nk’umwana wiwe, akamwitwararika akongera akamwigisha. Miriyamu ashobora kuba yarumiwe igihe umukobwa wa Farawo yamwishura mw’ijambo rimwe ati: “Genda!”​—Kuvayo 2:7, 8.

Miriyamu aragaragaza umutima rugabo, akaguma acunze musazawe

Miriyamu yaciye agenda ariruka kuraba abavyeyi biwe, bano bakaba bari bahagaritse umutima. Niwihe ishusho ukuntu yari anezerewe ariko arabwira nyina wiwe ivyabaye. Yokebedi yari azi neza ko Yehova ari we yabigizemwo uruhara. Yaciye ajana na Miriyamu ku mukobwa wa Farawo. Bishoboka ko Yokebedi yahishije ko anezerewe kandi yuko yumva aruhuriwe igihe umukobwa wa Farawo yamutegeka ati: “Jana uyu mwana umunyonkereze, nanje ubwanje nzoguha impembo yawe.”​—Kuvayo 2:9.

Uwo musi, Miriyamu yarize ibintu vyinshi vyerekeye Imana yiwe Yehova. Yaramenye ko Yehova yitwararika abasavyi biwe kandi ko yumviriza amasengesho yabo. Vyongeye, yaramenye yuko atari abakuze canke abagabo bonyene bashobora kugaragaza ukwizera n’umutima rugabo. Yehova yumviriza amasengesho y’abasavyi biwe bose b’intahemuka. (Zaburi 65:2) Baba abato n’abakuze, abagabo n’abagore, barakwiye kwibuka ico kintu muri ibi ibihe bigoye.

Miriyamu yarihangana

Yokebedi yaronkeje uwo mwana yongera aramwitwararika. Nta gukeka ko Miriyamu yahavuye akunda cane uyo musazawe. Ashobora kuba yaramwigishije kuvuga kandi araryoherwa igihe yavuga ari bwo bwa mbere izina ry’Imana Yehova. Igihe uwo mwana yakura, baciye bamujana ku mukobwa wa Farawo. (Kuvayo 2:10) Abo mu muryango wiwe bashobora kuba barababaye cane batandukanye na we. Umukobwa wa Farawo yise uwo mwana Musa. Birumvikana ko Miriyamu yari ashashaye kubona ukuntu Musa yobaye ameze amaze gukura. None ko yari agiye gukurira mu muryango wa cami wo mu Misiri, yoba yari kubandanya akunda Yehova?

Haciye igihe, inyishu y’ico kibazo yarabonetse. Miriyamu ategerezwa kuba yaranezerewe cane kubona musazawe amaze gukura yarahisemwo gukorera Yehova aho gukurikirana inyungu yari kuronka muri uwo muryango wa cami. Musa amaze gukwiza imyaka 40, yararwaniye igisata ciwe. Ariko ico nticari igihe ciza co kubigira. Yarishe Umunyamisiri yariko akubita Umuheburayo. Kubera ko Musa bashaka kumwica, yaciye ahunga ava mu Misiri.​—Kuvayo 2:11-15; Ivyakozwe 7:23-29; Abaheburayo 11:24-26.

Miriyamu ashobora kuba atasubiye kumenya agakuru ka musazawe mu myaka 40 yakurikiye kubera ko yari yarahungiye kure i Midiyani, akaba yari asigaye ari umwungere. (Kuvayo 3:1; Ivyakozwe 7:29, 30) Uko Miriyamu yiterera mu myaka, yagumye yihangana naho yabona ukuntu abantu bo mu gisata ciwe barushiriza guhahazwa.

Miriyamu yari umuhanuzikazi

Miriyamu ashobora kuba yararenza imyaka 80 igihe Musa yagaruka arungitswe n’Imana kurokora abasavyi bayo. Aroni yari umuvugizi wa Musa. Abo bavukana babiri baragiye kwa Farawo kumusaba ngo arekure abasavyi b’Imana. Nta nkeka ko Miriyamu yaremesheje basazawe igihe Farawo yanka kubumviriza, mbere n’igihe Yehova yarungika ivyago cumi kugira agabishe Abanyamisiri, aho vyasaba ko baguma basubirayo. Amaherezo, igihe icago ca nyuma cashika, icahitanye abahungu bose b’imfura b’Abanyamisiri, hari hageze ko Abisirayeli bava mu Misiri. Niwihe ishusho Miriyamu ariko aritanga cane mu gufasha abantu bo mu gisata ciwe igihe Musa yariko arabayobora abakura mu Misiri.​—Kuvayo 4:14-16, 27-31; 7:1–12:51.

Mu nyuma, igihe Abisirayeli bashika ku Kiyaga Gitukura, ingabo z’Abanyamisiri ziri inyuma yabo, Miriyamu yarabonye ingene Musa ahagarara imbere y’ikiyaga maze akaduza inkoni yiwe. Ikiyaga caciye cigaburamwo kubiri. Igihe yabona abantu baca kw’isi yumutse, bagaca hagati mu kiyaga, nta gukeka ko ukwizera kwiwe kwarushirije gukomera. Yakorera Imana itigera inanirwa kandi ishitsa ivyo isezerana vyose.​—Kuvayo 14:1-31.

Inyuma y’ivyo, igihe Abisirayeli barokoka maze ikiyaga kigateranira kuri Farawo n’ingabo ziwe, Miriyamu yarabonye ko Yehova afise inkomezi kuruta ingabo izo ari zo zose zo kw’isi. Barumvise bashatse kuririmbira Yehova. Ku bw’ivyo, Miriyamu yaciye aja imbere abandi bagore, baririmba bati: “Ririmbira Yehova, kuko ashizwe hejuru cane. Ifarasi n’uwuyigendesha yajugunyiye mu kiyaga.”​—Kuvayo 15:20, 21; Zaburi 136:15.

Miriyamu yarayoboye Abisirayelikazi mu kuririmba ururirimbo rw’intsinzi ku Kiyaga Gitukura

Ico kintu cari kimwe mu bintu vyanezereje Miriyamu, igihe atokwigeze yibagira. Muri ico gice c’inkuru, Bibiliya yita Miriyamu umuhanuzikazi. Miriyamu ni we mugore wa mbere yiswe umuhanuzikazi muri Bibiliya. Miriyamu ari mu bagore bake bakoreye Yehova muri ubwo buryo budasanzwe.​—Abacamanza 4:4; 2 Abami 22:14; Yesaya 8:3; Luka 2:36.

Iyo nkuru iratwibutsa yuko Yehova atubona kandi ko ashashaye guhezagira utwigoro twacu, ukwihanga kwacu be n’icipfuzo dufise co kumuninahaza. Twaba tukiri bato canke dukuze canke tukaba turi abagabo canke abagore, turashobora kwerekana ko twizera Yehova. Ukwizera nk’ukwo kuramuhimbara. Ntazokwigera avyibagira kandi arahimbarwa no kuguha impera. (Abaheburayo 6:10; 11:6) Emwe iyo ni imvo nziza ituma twigana ukwizera kwa Miriyamu.

Miriyamu agira ubwibone

Kuronka uduteka no kumenyekana birazana imihezagiro ariko birimwo n’akaga. Igihe Isirayeli yakurwa mu bushumba, Miriyamu ashobora kuba ari we mugore yari azwi cane muri iryo hanga. None vyoba vyoshitse akagira ubwibone canke agashaka kuba uwuhambaye? (Imigani 16:18) Ikibabaje, vyarigeze kumushikira.

Inyuma y’amezi make Abisirayeli bavuye mu Misiri, Musa yarakiriye abantu bavuye mu karere ka kure. Yari sebukwe wiwe Yetiro azanye Zipora umugore wa Musa n’abahungu biwe babiri. Mu myaka 40 Musa yamaze i Midiyani, ni ho yazana umugore wiwe Zipora. Zipora yari yasubiye i Midiyani kumbure kuramutsa umuryango. Ubu na ho, se wiwe amuzanye mw’ikambi ry’Abisirayeli. (Kuvayo 18:1-5) Niwiyumvire ingene Abaheburayo batangaye babonye Zipora. Birashoboka ko benshi bari bashashaye kubona umugore w’umuntu Imana yari yaratoye ngo abakure mu Misiri.

Miriyamu yoba yararyohewe no kubona Zipora? Kumbure mu ntango. Ariko biboneka ko haciye igihe yatwawe n’ubwibone. Ashobora kuba yari ahagaritse umutima yiyumvira ko Zipora agiye kumusubirira, akamenyekana kumuruta. Uko vyoba vyaragenze kwose, Miriyamu na Aroni baratanguye kuvuga nabi Zipora na Musa. Nk’uko bikunda gushika muri mwene ivyo biyago, na bo nyene baratanguye kugirira inzigo Musa na Zipora. Ubwa mbere baridoze bavuga ko Zipora atari Umwisirayelikazi ahubwo ko ari Umukushikazi. * Ariko bahavuye bidogera na Musa ubwiwe. Miriyamu na Aroni baguma bavuga bati: “Mbega Yehova yavuze biciye kuri Musa gusa? Ntiyavuze none biciye no kuri twebwe?”​—Guharūra 12:1, 2.

Miriyamu arwara imibembe

Muri ayo majambo, turashobora kubona ko Miriyamu na Aroni bariko baratsimbataza inyifato iteye akaga. Ntibari banezerewe n’ingene Yehova yariko akoresha Musa kubera bishakira ubukuru no kumenyekana. Vyoba vyatumwe n’uko Musa yabatwaza umukazo kandi akarondera gushimagizwa? Ni ivy’ukuri ko atari umuntu atunganye, ariko ntiyironderera icubahiro canke ngo agire ubwibone. Iyo nkuru yahumetswe ivuga iti: “Kandi uwo mugabo Musa yari uwutekereza kuruta kure n’iyo abantu bose bari ku buringanire bw’ubutaka.” Uko biri kwose, Miriyamu na Aroni barabesheye Musa kandi ivyo vyarabakwegeye ingorane. Bibiliya itubwira ko “Yehova yariko yumviriza.”​—Guharūra 12:2, 3.

Ubwo nyene Yehova yarabahamagaye bose uko ari abavukana batatu ngo baje kw’ihema ry’ihuriro. Inkingi y’igicu yerekana ko Yehova ari ho ari, yaramanutse ihagarara ku bwinjiriro. Yehova yaciye avuga. Yarahambariye Miriyamu na Aroni, arabibutsa ubucuti yari afitaniye na Musa n’ingene yamwizigira cane. Yehova yababajije ati: “Kubera iki none mutatinye kuvuga nabi umusavyi wanje, kuvuga nabi Musa?” Miriyamu na Aroni bategerezwa kuba barajugumiye. Yehova yabona ko gusuzugura Musa ari nko kumusuzugura we ubwiwe.​—Guharūra 12:4-8.

Biboneka ko Miriyamu ari we yafashe iya mbere mu kwosha Aroni ngo barwanye umugore wa Musa. Ivyo biradufasha gutahura igituma Miriyamu ari we yaciye ahanwa. Yehova yaciye amuteza imibembe. Iyo ndwara iteye ubwoba yatumye umubiri wiwe ‘wera derere.’ Ubwo nyene Aroni yaciye yicisha bugufi imbere ya Musa aramwinginga ngo asabe Yehova abababarire. Yavuze ati: “Twakoranye ubupfu . . . igicumuro twakoze!” Kubera ko Musa yari umuntu atekereza, yaratakambiye Yehova ati: “Ewe Mana, ndakwinginze! Mukize, ndakwinginze!” (Guharūra 12:9-13) Kuba Musa na Aroni barababaye cane, vyerekana ko bakunda mushiki wabo naho yari yakoze amakosa.

Imana yarababariye Miriyamu

Yehova yaramugiriye imbabazi. Yarakijije Miriyamu kubera yigaye. Ariko yarategetse ko Miriyamu akumirwa imisi indwi inyuma y’ikambi. Miriyamu ategerezwa kuba yaratewe isoni cane no kugamburuka itegeko ryamusaba kuva mw’ikambi. Ariko ukwizera kwiwe kwaramukijije. Mu mutima wiwe, yari azi neza ko Umuvyeyi wiwe Yehova atarenganya kandi ko yamukosoye kubera ko amukunda. Rero yarakoze nk’uko Yehova yari yamutegetse. Miriyamu yaramaze imisi indwi ari wenyene. Ico gihe, abari mw’ikambi bagumye bamurindiriye. Yarongeye kugaragaza ukwizera mu kwicisha bugufi, aremera ko ‘bamwakira.’​—Guharūra 12:14, 15.

Yehova aratoza indero abo akunda. (Abaheburayo 12:5, 6) Yarakunda Miriyamu ku buryo atari kureka gukosora ubwibone bwiwe. Gukosorwa vyaramubabaje, ariko vyaramukijije. Kubera ko yicishije bugufi aremera gukosorwa, yarongeye gushimwa n’Imana. Miriyamu yabayeho gushika igihe Abisirayeli bari mu gusozera urugendo bagize mu gahinga. Igihe yapfira i Kadeshi mu gahinga ka Zini, yari mu gukwiza imyaka 130. * (Guharūra 20:1) Mu binjana vyakurikiye, Yehova yarerekanye ko akunda Miriyamu mu kumutera iteka kubera igikorwa yamukoreye adahemuka. Biciye ku muhanuzi Mika, Yehova yaribukije abasavyi biwe ati: ‘Narabacunguye ndabakuye mu nzu y’abashumba; maze ndarungika imbere yanyu Musa na Aroni na Miriyamu.’​—Mika 6:4.

Ukwizera kwa Miriyamu kwaramufashije kuguma yicishije bugufi igihe Yehova yamukosora

Turashobora kwigira vyinshi kuri Miriyamu. Turakeneye gukingira abatagira gitabara no kuburanira ibigororotse tudatinya nk’uko Miriyamu yabigize akiri muto. (Yakobo 1:27) Cokimwe na we, turakeneye kubwira abandi inkuru nziza duhimbawe. (Abaroma 10:15) Cokimwe na we, dutegerezwa kwiga kurwanya ishari n’inzigo. (Imigani 14:30) Vyongeye, turakeneye kwemera gukosorwa na Yehova twicishije bugufi nk’uko yabigize. (Abaheburayo 12:5) Ivyo nitwabigira, tuzoba twiganye ukwizera kwa Miriyamu.

^ ing. 28 Mu kuvuga ko Zipora ari “Umukushikazi” bishobora kuba vyerekana ko atava muri Etiyopiya ahubwo ko yava muri Arabiya cokimwe n’abandi Bamidiyani.

^ ing. 26 Uko abo bavukana bakurikirana ni ko bapfuye, hatanguye Miriyamu hakurikira Aroni hanyuma Musa. Bapfuye nko mu mwaka umwe