Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Yosuwa 1:9: “Gira umutima rugabo kandi ukomere”

Yosuwa 1:9: “Gira umutima rugabo kandi ukomere”

 “None si jewe ndagutegetse? Gira umutima rugabo kandi ukomere. Nturanduke umutima canke ngo ucike ivutu, kuko Yehova Imana yawe azobana nawe aho uzoja hose.”​—Yosuwa 1:9, Bibiliya y’isi nshasha.

 “None si jewe nkwibaririye, nti Shikama, ushire amanga? Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’uzoja hose.”​—Yosuwa 1:9, Bibiliya Yera.

Ico muri Yosuwa 1:9 hasobanura

 Yehova a Imana, akoresheje ayo majambo, yararemesheje umusavyi wiwe w’umwizigirwa Yosuwa ngo ‘agire umutima rugabo kandi akomere’ naho yociye mu bihe bitoroshe, akongera agahura n’intambamyi zisa n’izimurengeye. Nta mvo n’imwe Yosuwa yari afise yo gutinya aramutse agamburutse amategeko y’Imana, kubera ko vyobaye nk’aho Yehova ari iruhande yiwe, ariko aramufasha. Imana yari kumwe na Yosuwa kuko yaza iramuha ubuyobozi ikamufasha no gutsinda abansi biwe.

 None Yosuwa yari gushobora gute ‘kugira umutima rugabo kandi agakomera’? Yari gukomera agiye arasoma ivyanditswe vyahumetswe Yehova yari amaze gutanga. Aho harimwo, ‘itegeko ryose Musa umusavyi wa Yehova yari yarategetse Yosuwa.’ b (Yosuwa 1:7) Yehova yabwiye Yosuwa ngo aze ‘ararisoma n’ijwi ritoyi [‘arizirikana,’ Bibiliya Nyeranda] umurango n’ijoro.’ (Yosuwa 1:8) Gusoma no kuzirikana iryo tegeko vyaratumye Yosuwa yiyemeza gukora ivyo Imana igomba. Ariko kandi, Yosuwa yari akeneye ‘kwitwararika gukora yisunze ivyanditswe muri ryo vyose,’ ni ukuvuga agashira mu ngiro ivyo asoma. Abigize, vyotumye akorana ubukerebutsi kandi akaroranirwa. Kandi uko nyene ni ko vyagenze. Naho yashikiwe n’ingorane, yaragize ubuzima buhimbaye, kandi aguma ari umusavyi wa Yehova w’intahemuka gushika apfuye.​—Yosuwa 23:14; 24:15.

 Amajambo Yehova yabwiye Yosuwa aracari ngirakamaro no muri iki gihe. Arerekana neza ukuntu Yehova yitwararika abasavyi biwe, canecane igihe bari mu ngorane. Yipfuza ko baroranirwa nk’uko vyagenze kuri Yosuwa. Cokimwe na Yosuwa, gusoma Ijambo ry’Imana Bibiliya, kurizirikanako no gushira mu ngiro ivyo twiga bituma ‘tugira umutima rugabo kandi tugakomera.’

Amakikuro ya Yosuwa 1:9

 Inyuma y’urupfu rwa Musa, Yehova yashinze ko Yosuwa ari we ayobora ihanga rya Isirayeli. (Yosuwa 1:1, 2) Ico gihe, Abisirayeli bariko baritegurira kwinjira mu Gihugu c’isezerano, ari co gihugu ca Kanani. Ariko babwirizwa kurwana n’abansi bakomeye cane. Nk’akarorero, Yosuwa yabwirizwa kurwana n’Abanyakanani, na bo bakaba bari inkozi z’ikibi katwa. c (Gusubira mu vyagezwe 9:5; 20:17, 18) N’ikindi kandi, Abanyakanani bari benshi cane bakagira n’ibirwanisho bikomeye gusumba ivy’Abisirayeli. (Yosuwa 9:1, 2; 17:18) Ariko Yosuwa yarakurikije ubuyobozi Yehova yamuhaye abigiranye umutima rugabo. Kandi Imana yari kumwe n’Abisirayeli kuko batsinze abansi babo nka bose mu kiringo c’imyaka itandatu gusa.​—Yosuwa 21:43, 44.

a Izina Yehova mu giheburayo rigizwe n’indome zine יהוה (YHWH), izikunze kwitwa Tetaragarama. Muri uwu murongo, iryo zina ryahinduwe ngo Uhoraho muri Bibiliya Yera. Ushaka ayandi makuru ku bijanye n’izina Yehova hamwe n’igituma Bibiliya zimwezimwe zidakoresha iryo zina, raba ikiganiro kivuga ngo “Yehova ni nde?

b Ivyanditswe vyahumetswe Yosuwa yashobora kuronka, ubu na twebwe twese tukaba dushobora kubironka, bishobora kuba vyari vya bitabu bitanu Musa yandika (Itanguriro, Kuvayo, Abalewi, Guharūra na Gusubira mu vyagezwe), igitabu ca Yobu na Zaburi imwe canke zibiri.

c Ushaka kumenya igituma iyo ntambara yari ikenewe, raba ikiganiro kivuga ngo “Ni kubera iki Imana yarwanye intambara n’Abanyakanani?” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2010.