Ja ku birimwo

Abahinga boba bemera ko Yezu yabayeho?

Abahinga boba bemera ko Yezu yabayeho?

 Abahinga barafise imvo yumvikana yo kwemera yuko Yezu yabayeho. Ku bijanye n’ivyo abahinga mu vya kahise bo mu kinjana ca mbere n’ica kabiri bavuze ku vyerekeye Yezu be n’abakirisu bo mu ntango, igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica) casohowe mu 2002, kivuga giti: “Izo nkuru zigenga ziremeza ko mu bihe vya kera, n’abarwanya ubukirisu batigeze bakekeranya ivy’uko Yezu yabayeho koko, ivyo bikaba vyatanguye guharirwako ari ryo rya mbere kandi bivuye ku mvo ata ho zishingiye mu mpera z’ikinjana ca 18, mu kinjana ca 19 be no mu ntango z’ikinjana ca 20.”

 Mu 2006, igitabu kimwe (Jesus and Archaeology) cavuze giti: “Nta ncabwenge n’imwe yo kwizigirwa muri iki gihe iharira ko Umuyuda yitwa Yezu mwene Yozefu yabayeho; benshi bariyemerera ko ubu tuzi vyinshi cane ku bijanye n’ivyo yakoze no ku bijanye n’inyigisho ziwe z’ishimikiro.”

 Bibiliya irerekana ko Yezu ari umuntu yabayeho koko. Iravuga amazina ya ba sekuruza biwe n’ay’abo mu rugo iwabo. (Matayo 1:1; 13:55) Iravuga kandi amazina y’abatware bakomakomeye babayeho mu gihe ca Yezu. (Luka 3:1, 2) Ayo makuru arafasha abashakashatsi gusuzuma yuko inkuru zo muri Bibiliya zitagiramwo amakosa.