Ja ku birimwo

Musa yoba ari we yanditse Bibiliya?

Musa yoba ari we yanditse Bibiliya?

Inyishu Bibiliya itanga

 Imana yarakoresheje Musa mu kwandika ibitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya ari vyo: Itanguriro, Kuvayo, Abalewi, Guharūra, Gusubira mu vyagezwe. Ashobora kuba ari na we yanditse igitabu ca Yobu be na Zaburi ya 90. Ariko Musa ni umwe mu bantu nka 40 Imana yakoresheje mu kwandika Bibiliya.